Ukraine: Ibitero vyo mu kirere ku bigo bitanga umuyagankuba

Ibitero vyo mu kirere vy'Uburusiya vyatumye ibigo bitanga umuyagankuba bidakora hirya no hino muri Ukraine

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ibitero vyo mu kirere vy'Uburusiya vyatumye ibigo bitanga umuyagankuba bidakora hirya no hino muri Ukraine
Yatangajwe

Ibitero vyo mu kirere vyononye cane ibigo bitanga umuyagankuba hagati no mu burengero bwa Ukraine, mu gihe Uburusiya bubandanya gusambura intsinga z'umuyagankuba z'ico gihugu.

Ibibanza vyo mu bumanuko no mu burengero vyatewe, umuyagankuba uracika hirya no hino mu gihugu.

Abategetsi ba Ukraine bavuga ko milile nyinshi z'Uburusiya zakorowe n'ibisase bicungera ikirere vya Ukraine.

Ibice vyoba bishika kimwe ca gatatu vy'ibigo bitanga umuyagankuba vyarasambuwe mu bitero vyo mu kirere kuva ku musi wa mbere w'indwi iheze.

Ku musi wa gatandatu, abategetsi ba Ukraine bavuze ko " ibikorwa remezo" vyatewe mu karere ka Cherkasy, mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igisagara ca Kyiv. Havuzwe n'urubeya rw'umuriro mwinshi hagufi y'igisagara ca Smila.

Umuyagankuba waracitse mu micungararo ya Khmelnytskyi, kure mu burengero. Ibitero vyo mu kirere n'icika ry'umuyagankuba vyaravuzwe kandi muri Odesa mu bumanuko bwa Rivne na Lutsk mu buraruko bushira uburengero.

Igisata gitanga umuyagankuba muri Ukraine kivuga ko gishobora kugabanya umuyagankuba gitanga mu turere twinshi harimwo na Kyiv.

Reta yarashizeho itegeko rigabanya umuyagankuba ukoreshwa ubwa mbere kuva ku musi wa kane.

Komanda arongoye ingabo zigwanira mu kirere muri Ukraine yavuze ko ibikoresho vyo kwikingira ibitero vyo mu kirere vyasambuye misile 18 z'Uburusiya ku wa gatandatu mu gitondo.

Umukuru w'abakozi bo mu biro vya prezida Volodymyr Zelensky, Andriy Yermak, yavuze ko Uburusiya bwizeye kubuza Ukraine kubanya kwisubiza uturere mu kugira ibitero vyo mu kirere inyuma y'ahariko harabera intambara.

Ariko, yongeyeko ko, ivyo bitero bishobora gutuma bagira inguvu gusumba.