Afrika y'Epfo yazibiye indya n'amazi ku bihumbi vy'abacukuzi batemewe n'amategeko binyegeje mu kuzimu

Abacukuzi bababa 1000 baramaze guhagarikwa, abasirikare n'abapolisi bakaba barindiriye abandi kugira babahagarike

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abacukuzi bababa 1000 baramaze guhagarikwa, abasirikare n'abapolisi bakaba barindiriye abandi kugira babahagarike
    • Umwanditsi, Nomsa Maseko na Danai Nesta Kupemba
    • Igikorwa, Abanyamakuru ba BBC i Johannesburg na Londres
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Abacukuzi b'inzahabu batemewe n'amategeko baharurwa mu 4000 binyegeje mu kuzimu muri Afrika y'Epfo inyuma y'aho reta izibiriye imfungurwa n'amazi mu gikorwa co "kubanyegurura" kugira ngo bahagarikwe.

Aba bacukuzi bamaze hafi ukwezi mu kirombe c'i Stilfontein, mu ntara ya North West.

Baranse gukorana n'abategetsi kuko bamwe muri bo badafise ivya ngombwa - bava mu bihugu bibanyi nka Lesotho na Mozambike - bakaba batinya ko bokwirukanwa.

Abacukuzi batemewe n'amategeko bazwi kw'izina rya "zama zama" (mu rurimi rw'ikizulu twogereranya na "Fata akaryo") bakaba bakorera mu birombe vyahebwe muri iki gihugu gitunze ubutare bwinshi.

Ubucukuzi butemewe n'amategeko buhombesha reta ya Afrika y'Epfo amamiriyoni n'amamiriyoni y'amadorari buri mwaka.

Ibirombe bitari bike vyo muri Afrika y'Epfo biherutse kwugarwa muri ino myaka iheze, abakozi bavyo barirukanwa.

Kugira ngo babeho, abacukuzi be n'abimukira badafise vya ngombwa binjira mu kuzimu, bakimba inzahabu bashora mu kinywabi.

Bamwe bamara amezi n'amezi mu kuzimu - eka mbere hari n'abahungukira mu kubagurishako imfungurwa, itabi n'indya zitetse.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ababa mu karere batera akamo abategetsi gufasha aba bacukuzi, ariko baranse.

Hirya y'ejo ku wa gatatu, umushikiranganji Khumbudzo Ntshavheni wo mu biro vy'umukuru w'igihugu yagize ati: "Tuzobanyegurura. Bazonyeguruka. Ntidushobora kurungikira imfashanyo inkozi z'ikibi. Inkozi z'ikibi ntizishobora gufashwa - ni abantu bo gutuza [niko avuga]".

Igipolisi kiratinya kwinjira muri ico kirombe kuko bamwe muri abo bantu bari mu kuzimu bashobora kuba bafise ibirwanisho.

Bamwe bari mu mirwi y'inkozi z'ikibi canke "baranditswe" kugira ngo bayinjiremwo, nk'uko Busi Thabane, wo mw'ishirahamwe Benchmarks Foundation, ishirahamwe rikurikiranira hagufi amakompanyi muri Afrika y'Epfo, yabibwiye ikiganiro NewsDay ca BBC.

Iyo bataronkejwe ivya nkenerwa, ubuzima mu kuzimu buvugwa ko ari bubi cane.

Umupfasoni Thabane ati: "Ntikikiri ikibazo c’abacukuzi b’ubutare – iki ni ikibazo c’ubutabazi".

Ejo ku wa kane, uwurongoye abanyagihugu ku mutumba, Thembile Botman, yabwiye BBC ko abagiraneza bari bakoresheje imigozi n'imikanda barashobora gukura ikiziga muri ico kirombe.

Ati: "Umunuko w'ibiziga biriko birabora warahahamuye abagiraneza".

Ntibizwi neza ingene uyu muntu yapfuye.

Nubwo abategetsi bazibiye indya n'amazi, bararetse abanyagihugu baba mu karere kurungika bimwe bimwe mu vya nkenerwa bakoresheje umugozi.

Botman avuga ko bavugana n'abacukuzi bakoresheje inzandiko ku nkaratasi.

Igipolisi carazibiye inzira zinjira n'izisohoka mu ntumbero yo guhatira aba bacukuzi gusohoka.

Ibi biri mu gikorwa ciswe Vala Umgodi, canke "Funga umwobo", co kurwanya ubucukuzi butemewe n'amategeko.

Ku wa gatatu, abacukuzi batanu barakuwemwo hakoreshejwe umugozi, ariko bari bafise intege nke. Abaganga barabafashije, hanyuma baca bajanwa mu gasho.

Mu ndwi iheze, abacukuzi 1000 baranyegurutse baca barahagarikwa.

Abapolisi n'abasirikare baracari kuri ico kirombe barindiriye guhagarika abatazoba bakeneye ubuvuzi bamaze kunyeguruka.

Umupfasoni Thabane ati: "Ibintu ntivyoroshe nk'uko igipolisi gisa n'ikibivuga - bamwe muri bo bafise ubwoba ku buzima bwabo."

Benshi mu bacukuzi bamara amezi mu kuzimu mu buzima bubi cane kugira ngo bashobore gutunga imiryango yabo.

Thabane ati: "Kuri benshi muri bo ni bwo buryo bwonyene bwo kuronka ico bafungura".

Abanyagihugu baba mu karere rimwe na rimwe nibo babashira ivyo kurya no kunywa

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu baba mu karere rimwe na rimwe nibo babashira ivyo kurya no kunywa

Abanyagihugu bo muri ako karere na bo nyene baragerageje kwumvisha aba bacukuzi gusohoka bakava muri ivyo binogo.

Emily Photsoa, ​​umunyagihugu wo muri ako karere, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ati: "Abo bantu bategerezwa kunyeguruka kuko dufiseyo benewacu, ba se b'abana bacu ni yo bari, abana bacu ntiborohewe".

Umurwi w'igihugu wa Afrika y'Epfo ujejwe agateka ka zina muntu uvuga ko uzokora amahotoza ku bapolisi bima aba bacukuzi indya n'amazi.

Uvuga ko ufise impungenge ko iki gikorwa ca reta gishobora kugira ingaruka mbi ku burenganzira bwo kubaho.

Amajambo y'umushikiranganji Ntshavheni yateje uruyogoyogo mu Banyafrika y'Epfo, aho bamwe bashima iyi nzira ikomeye reta yafashe.

Umuntu umwe yanditse ku rubuga X ati: "Ibi ndabikunda. Ubu rero reta yacu ntiriko irayayata kuri ibi bibazo bikomeye. Gufata ingingo bizofasha iki gihugu."

Ni mu gihe abandi nabo bumva ko iyi nzira ari iy'ububisha.

Umwe mu bakoresha uru rubuga yanditse ati: "Ku ruhande rwanje, mbona amajambo nk'aya avuzwe n'umushikiranganji wo mu biro vy'umukuru w'igihugu ari amajambo ateye isoni kandi y'urwanko."

Uwundi nawe yanditse ati: "Ni inkozi z'ikibi ariko kandi barafise n'uburenganzira."

Ubucukuzi butemewe n'amategeko burakomeye mu bisagara bitari bike vya Afrika y'Epfo bicukurwamwo ubutare.

Kuva muri Kigarama (12) umwaka uheze, inkoho zikomeye 400, amasasu ibihumbi n’ibihumbi, ubutare bwa diyama butarahingurwa hamwe n'amafaranga, vyarafatanywe abacukuzi batemewe n'amategeko.

Ibi biri mu gikorwa c'igipolisi n'igisirikare co guhagarika ibi bikorwa bifise ingaruka mbi ku bidukikije.