Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abarongoye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati muri Ukraine baguye mu mpanuka ya kajugujugu
Abategetsi batatu bakuru b’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwa Ukraine bapfiriye mu mpanuka ya kajugujugu hafi y’ishure ry’imicuko (maternelle) mu micungararo y’ubuseruko bw’umugwa mukuru Kyiv.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati Denys Monastyrsky w’imyaka 42 yapfanye n’icegera ciwe hamwe n’umunyamabanga wa reta.
Abantu icenda bapfuye igihe iyo kajugujugu yakorokera ahitwa Brovary, abandi icenda nabo bapfira aho yakorokeye, harimwo abana batatu.
Monastyrsky ni we mutegetsi wo hejuru wa mbere wa Ukraine apfuye kuva intambara itanguye.
Icegera c’umukuru w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Ukraine, Kyrylo Tymoshenko, avuga ko uyu mushikiranganji yapfuye ari mu nzira atera aja mu gace kaberamwo intambara igihe kajugujugu yiwe yakoroka.
Nta kimenyetso na kimwe cerekana ko iyi ndege yoba yahitanywe n’ibindi atari isanganya, n’aho abavyiboneye bavuga ko vyatewe n’iyi ntambara y’Uburusiya.
Volodymyr asanzwe aba muri ako karere yabwiye BBC ati:"Hari igipfungu cinshi cane kandi nta muyagankuba wari uhari, rero iyo ata muyagankuba uhari inyubakwa nta matara ziba zifise”.
Uyu mushikiranganji w’intwaro yo hagati yari umuntu azwi cane muri reta ya Perezida Volodymyr Zelensky kandi yari afise uruhara mu kumenyesha amakuru y’ingene ibintu bimeze mu bitero vya misire vy’Uburusiya kuva Ukraine iterwa muri Ruhuhuma (2) 2022.
Icegera ca mbere c’umushikiranganji Yevhen Yenin na we nyene yapfiriye muri iri sanganya ari kumwe n’umunyamabanga wa reta Yurii Lubkovich yari afise igikorwa co gutegura ibikorwa vy’ubu bushikiranganji. Imbere y’uko aja muri ubu bushikiranganji, Yenin yaragize uruhara mu migenderanire ya Ukraine n’amakungu.
Umukuru w’igipolisi Ihor Klymenko yanditse kuri Facebook ko iyo kajugujugu yari iy’igisata ca Ukraine kijejwe ubutabazi, mu gihe abandi bategetsi basa n’abavuga ko yari indege y’Abafaransa izwi nka Super Puma.
Abana batatu bari mu bapfuye abandi 15 nabo bakaba bari mu bantu 29 batwawe mu bitaro kuvurwa.
Umugore avugwa ko yigisha kw’iryo shure ry’imicuko avuga ati: “Habaye urubeya runini. Imbere yaho twumvise ikintu kihurira mu kirere, twese duca turatekereza. Hanyuma, inyuma yo gukoroka, twumvise igiturika, duca turyama hasi, hanyuma duca turiruka kwinyegeza”.
Umukuru w’akarere ka gisirikare ka Kyiv, Oleksiy Kuleba, avuga ko iri sanganya ry’i Brovary ryakomerekeyemwo abantu 29, abandi 18 nabo bahasiga ubuzima.
Inyuma y’iri sanganya hadutse umuriro hafi y’iri shure ry’imicuko, abana n’abigisha bakaba baciye bavanwa muri iyo nyubakwa. Ibisigarira vy’iyi kajugujugu vyaboneka hanze y’inzu yariko irasha.
Ntihabona kandi hari igipfungu cinshi igihe iri sanganya ryaba, amakuru ya mbere akavuga ko iyi kajugujugu yaguye kw’ishure ry’imicuko riri hafi y’inzu ituwemwo n’abantu.
Umuhanuzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati Anton Herashchenko avuga ko aba bagbo batatu bose bari abagenzi, bakaba n’abakozi ba reta bakora uko bashoboye kwose kugira ngo Ukraine ikomere.
Yanditse kuri Facebook ati: "Tuzokwama tubibuka. Imiryango yanyu izokwitabwaho”.