Ukraine-Russia: intambara z'urutavanako muri Bakhmut, Zelensky yavuganye na Xi Jinping

Yatangajwe

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine amenyesha ko yavuganye kuri terefone na Perezida Xi Jinping w’Ubushinwa.

Perezida Zelensky avuga ko ibi biganiro vyari "birebire kandi ngirakamaro".

Nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo Xinhua, Ubushinwa buzorungika intumwa idasanzwe muri Ukraine mu ntumbero yo gutegura ibiganiro.

Igisirikare c’Ubudagi cahagaritse indege z’intambara z’Uburusiya hejuru ya Baltic

Kuri uno wa gatatu, indege z’intambara zitatu z’Uburusiya zidafise ivyuma vyo guhanahana amakuru (transpondeurs) zafatiwe mu kirere mpuzamakungu hejuru y’ikiyaga ca Baltic, nk’uko bivugwa n’abategetsi b’Ubudagi.

Igisirikare c’Ubudagi n’ic’Ubwongereza vyamenye ko izo ndege ari indege z’intambara zo mu bwoko bwa Su-27 be n’iyindi imwe ya Il-20.

Igisirikare c’Ubudagi kirwanira mu kirere cacishije ku rubuga rwa Twitter amasanamu yerekana izi ndege.

Intambara zikomeye i Bakhmut na Marinka – incamake y’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Ukraine

Mu makuru y’incamake yo mu gatondo ko kuri uno wa gatatu yatanzwe n’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Ukraine, biboneka ko ata kinini kirahinduka ku rubuga rw’intambara, uretse ko intambara zikomeye cane zibandanya muri Bakhmut na Marinka, aho kandi Abarusiya bariko bagerageza gusatira akarere ka Avdiivka.

Igisirikare candika kiti: "Umwansi yashize inguvu zose mu bitero vyiwe i Bakhmut, Avdeevka na Maryinka. Ku musi w’ejo, ingabo za Ukraine zasubije inyuma ibitero 38 vy’umwansi muri utwo turere twavuzwe. Intambara zikomeye ni cane cane izo kurondera kwigarurira Bakhmut na Maryinka".

Ku vyerekeye Bakhmut, ibiro bikuru vya gisirikare bivuga gusa ko hari intambara ariko ntibitange insiguro ku ntambwe ziterwa n’Uburusiya muri ico gisagara.

Igisirikare kivuga ko ibitero vy’Uburusiya mu buraruko bushira uburengero hamwe no mu bumanuko bwa Bakhmut, mu ntumbero yo kwugarana iki gisagara, vyasubijwe inyuma.

Ibiro bikuru vy’igisirikare birahumuriza kandi ko n’ibitero vy’Abarusiya mu turere twa Maryinka na Avdiivka vyasubijwe inyuma.

Ni mu gihe ikigo ca Amerika kijejwe kwigisha ivy’intambara Institute for the Study of War (ISW) kivuga ko abarwanyi ba wa murwi w’abacangero wa Wagner bateye intambwe barajabuka ibarabara rya gari ya moshi rica muri iki gisagara uva mu muraruko uja mu bumanuko.

Iki kigo kivuga ko igice c’uburengero bw’iki gisagara kikiri mu minwe y’ingabo za Ukraine.

ISW ivuga ko ingabo za Ukraine zakoze igitero co kwivuna mu buraruko bushira uburengero bw’ikigwati ca Khromovo kirabana na Bakhmut mu ntumbero yo kwirukana Abarusiya kw’ibarabara riva Chasov Yar rija i Bakhmut, ari ryo ricamwo uburyo buhabwa ingabo za Ukraine zirwanira igisagara ca Bakhmut.

Ku wa 25 Ndamukiza (4), umukorerabushake wa Ukraine yanditse ko inyuma y’iki gitero ca Ukraine, ingabo z’Uburusiya nazo zaciye zisubira gutera.

ISW kandi ivuga ko ingabo z’Uburusiya zateye intambwe ntoya amaja mu bumanuko, mu ntara ya Avdeevka.