DR Congo: Malo Mobutu Ndima yatowe kuba buramatari

Malo Mobutu

Ahavuye isanamu, Malo Mobutu @MaloMobutu

Yatangajwe

Malo Ndimba Mobutu, umwuzukuru wa Maréchal Mobutu Sese Seko yahoze arongoye DR Congo (ico gihe yitwa Zaïre) yatowe kuba buramatari w’intara ya Nord-Ubangi asanzwe avukamwo, ari nayo sekuru wiwe yamukamwo.

Mu matora yabaye ku wa kabiri, Malo Mobutu yaronse amajwi 11 kuri 18 batoye.

Inyuma yo gutsindira iki kibanza muri ano matora yabereye i Gbadolite akaba yitoje nk’uwigenga, Malo Mobutu Ndimba - afise imyaka 40 - avuga ko aje gusanura intara yiwe yo mu buraruko bwa Congo.

Yari asanzwe ari umuhanuzi mukuru mu bushikiranganji bujejwe gutunganya amatongo.

Asubiriye uwahora arongoye iyi ntara Izato Nzege Koloke, ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bikavuga ko yatanze imihoho ku wa 8 Kigarama (12) umwaka uheze avuga ko abashingamateka b'intara batamworohereza.

Mobutu Sese Seko, sekuru wa Malo Ndimba Mobutu, azwi nk’umukuru w’igihugu ca Congo kuva mu 1965 gushika 1997, igihe yirukaniwe ku butegetsi n’inyeshamba z’umuhari AFDL zari zirongowe na Laurent-Désiré Kabila, zifashwe mu mugongo n'ibihugu birimo u Rwanda na Uganda.

Ku butegetsi bwiwe, yahinduye izina ry’iki gihugu citwa Congo Kinshasa, acita Zaïre kuva mu 1971 gushika ubutegetsi bwiwe busenyuwe mu 1997.

Abonwa nk’umukuru w’igihugu yatwaye nabi cane icahoze citwa Zaïre ku buryo kuva avuye ku butegetsi igihugu  gushika ubu kitararonka amahoro.

Filip Reyntjens, umwigisha wa kaminuza akaba n’umuhinga ku karere k’ibiyaga binini vya Afrika, aherutse kubwira BBC ko ibibazo iki gihugu kirimwo ari inkurikizi z’intwaro mbi yiwe, aho avuga ko “kuva mu myaka ya 1970, yagiye arasambura bukebuke iki gihugu kitagishoboye kurangura amabanga shingiro yaco kuva kera cane”.

Yishimikije izina rizwi muri kahise, umwuzukuru wiwe Mobutu Ndimba Malo, avuga ko ari isura nshasha ije kunagura intara ya Nord-Ubangi.