Sentare muri Amerika yavuze ko menshi mu makori yashizweho na Trump ateye kubiri n'amategeko

    • Umwanditsi, Max Matza na Anthony Zurcher
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Sentare isubiramwo imanza muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yaciye urubanza ivuga ko menshi mu makori Trump yashinze ateye kubiri n'amategeko, ivyo bikaba biciye inzira ishobora gucirika gahunda y'imigenderanire yo hanze y'uwo mukuru w'igihugu.

Iyo ngingo igira ingaruka ku makori ya Trump ''y'ingere ku yindi'' yashingiwe ibihugu vyinshi kw'isi, hamwe n'ayandi makori yashizwe ku Bushinwa, Mexique na Canada.

Mu ngingo yemejwe n'abacamanza indwi kuri bane bayanse, sentare isubiramwo imanza ku rwego rw'igihugu ntiyemeye insiguro za Trump ko ayo makori yari arekuwe hisunzwe itegeko ry'ububasha mu vy'ubutunzi mu bihe vyihuta, ivuga ko ''itagira agaciro nk'iyiteye kubiri n'amategeko''.

Iyo ngingo ntizoja mu ngiro imbere y'itariki 14 ukwezi kwa Gitugutu kugira reta ironke umwanya wo gusaba sentare ntahinyuzwa kuraba urwo rubanza.

Trump yaneguye sentare isubiramwo imanza n'urwo yaciye kuri Truth Social avuga ati: ''Hamwe yokwemererwa gukora, iyo ngingo yosambura Reta Zunze Ubumwe za Amerika.''

''Uyu munsi sentare isubiramwo imanza ifise uruhande yegamiye cane yavuze ibitari vyo ko amakori yacu yovanwaho, ariko barazi ko Amerika amaherezo izotsinda,'' niko yanditse.

''Hamwe aya makori yovaho, koba kabaye akaga kuzuye ku gihugu. Yotuma tugoyagoya mu buryo bw'amafaranga, kandi dutegerezwa gukomera.''

Trump yari yavuze ko ayo makori yayashinze yisunze itegeko ry'ububasha mu bijanye n'ubutunzi mu bihe mpuzamakungu vyihuta , Emergency Economic Powers Act (IEEPA), riha umukuru w'igihugu ububasha bwo gufata ingingo ku bibangamye ''bidasanzwe kandi vy'agatangaza''.

Trump yatangaje ibihe bidasanzwe mu gihugu mu budandaji, avuga ko ubusumbane mu budandaji bugeramiye umutekano wa Amerika. Ariko sentare yaciye urubanza ivuga ko gushinga amakori bitari mu nshingano z'umukuru w'igihugu kandi gushinga ikori ''biri mu nshingano z'inama nkenguzamateka na nshingamateka [Congres]''.

Mu rwo yaciye, sentare isubiramwo imanza ku rwego rw'igihugu ntiyemeye insiguro za Trump ko ayo makori yari arekuwe hisunzwe itegeko ry'ububasha mu vy'ubutunzi mu bihe vyihuta, ivuga ko ''itagira agaciro nk'iyiteye kubiri n'amategeko''.

Urwo rubanza ruri ku mpapuro 127 ruvuga ko IEEPA ''ataho ivuga amakori (canke na kimwe mu vyitiranwa vyayo) kandi ataho ifise uburyo bwo gucamwo bwerekana aho umukuru w'igihugu agarukira mu bushobozi bwiwe bwo gushinga amakori''.

Ububasha bwo gushinga amakori rero bubandanya kuba ubwa Congres [inama nshingamateka na nkenguzamateka], nk'uko sentare yaciye urubanza, IEEPA ikaba idashobora kurenga kuri iyo ngingo.

Sentare yanditse ko itibaza ko igihe inzego zishinga amategeko zemeza iryo tegeko mu 1977, ryari zigamije ''kuvavanura n'uko yari isanzwe ikora muri kahise no guha umukuru w'igihugu ububasha butagira aho bugarukira bwo gushinga amakori''.

''Igihe cose Congres iba guha umukuru w'igihugu ububasha bwo gushinga amakori, irabikora mu buryo bugaragara, haba mu gukoresha amajambo atomoye, canke biciye mu ndinganizo rusangi yerekana mu buryo butomoye ko Congres ishaka kuvuga amakori,'' nk'uko umucamanza yanditse.

Hari hashingishijwe imanza zibiri n'abadandaza bato bato hamwe n'urunani rw'intara zo muri Amerika.

Izo manza zari zashingishijwe inyuma y'itegekobwirizwa ry'umukuru w'igihugu muri Ndamukiza (4), zashize hafi kuri buri gihugu kw'isi ikori-fatiro rya 10% hamwe n'amakori y'ingere ku yindi ku bihugu biharurwa muri mirongo. Trump uwo munsi yawise ''umunsi wo kwibohora kwa Amerika'' kuri poritike z'ububudandaji zitabereye.

Muri Rusama(5) sentare y'ubudandaji mpuzamakungu ikorera New York yari yavuze ko ayo makori adakurikije amategeko. Iyo ngingo yaciye iba irabangira mu kurindira ko urubanza ruja imbere ya sentare isubiramwo imanza.

Uretse ayo makori, ingingo yo ku wa gatanu ikuraho kandi amakori yashizwe kuri Canada, Mexique n'Ubuhinwa, amakori Trump avuga ko akanewe kugira hahagarikwe iyinjizwa ry'ibiyayuramutwe.

Ariko iyo ngingo ntikora ku yandi makori, nk'ayashizwe kuri acier na aluminium, yo yafashwe hisunzwe ubundi bubasha bw'umukuru w'igihugu.

Imbere y'uko urwo rubanza rusomwa, abashingwamanza b'ibiro vy'umukuru w'igihugu bari basiguye ko gutesha agaciro ayo makori vyojana ku bihe nk'ivyo mu 1929 aho amasoko y'imitahe yaguye hakaba ihungabana ry'akataraboneka mu butunzi rizwi nka Great Depression.

Bandite mw'ikete bati: ''Gufuta bukwi na bukwi ububasha bw'umukuru w'igihugu bwo muri IEEPA vyogira ingaruka z'akaga ku mutekano w'igihugu, kuri poritike yo hanze no ku butunzi''.

''Umukuru w'igihugu abona ko igihugu cacu kitoshobora kwishura ibihumbi vy'ama miriyaridi ibindi bihugu vyamaze kwemera kuriha, ivyo bikaba vyoduta mu cobo c'amafaranga.''

Iyo ingingo iranibaza ibibazo ku masezerano y'ubudandaji ibihugu bimwe bimwe bigiranira na Amerika ku rugero rwagabanijwe.

Ibi vyabaye bisigura ko urwo runbanza rusa n'aho ata nkeka ko ruzoca ruja muri sentare ntahinyuzwa, isanzwe muri iyi myaka ya vuba itabona neza ingendo y'abakuru b'ibihugu bagerageza gushira mu ngiro poritike z'urukombamazi zitaba zahawe uruhusha n'inzego nshimgamategeko.

Kuri prezida Joe Biden iyo sentare yaranse ko hakoreshwa amategeko yari ahasanzwe kugira agabanye imyuka ihumanya ikirere iva mu nganda z'umuyagankuba no guhebera amadeni miriyoni z'abanyeshure muri Amerika.

Abacamanza icenda b'iyo sentare, hamwe bokwemera kwakira urwo rubanza bazokwihweza niba uwo mugambi munini wa Trump wo gushinga amakori ari akandi karorero k'umukuru w'igihugu ashaka kwiha ububasha burengeje canke n'uko bifise ishingiro rifashe mu mategeko no mu bubasha bw'mukuru w'igihugu.

N'ubwo sentare yatsindishije umukuru w'igihugu, ibiro vy'umukuru birahumurizwa n'uko batatu bonyene ku bacamanza 11 bagenywe c'Abarepublikani.

Sentare ntahinyuzwa ifise abacamanza batandatu, barimwo batatu bagenywe na Trump ubwiwe.