Rwanda-Jenoside: Philippe Manier yagumirijweho umunyororo wo guherayo yaciriwe mu Bufaransa

    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umumenyeshakuru i Bruxelles
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Umunyarwanda Philippe Hategikimana batazira Biguma yahavuye yitwa Philippe Manier aronse ubwenegihugu bw'Ubufaransa mu 2005 yagumirijweho umunyororo wo guherayo yari yaciriwe na sentare ya mbere y'abanyagihugu Ica imanza zikomeye z'ivyaha y'i Paris mu Bufaransa (cour d'assise de Paris).

Philippe Manier w'imyaka 66 yahoze ari igisongerezi (sous officier ) mu kijandarume c'Urwanda, aho yari afise ipeti rya adjudent chef mu gihe ca jenoside.

Sentare y'abanyagihugu ica imanza zikomeye y'i Paris yari yamwagirije ivyaha vya jenoside, ivyaha vyo mu ntambara, n'ubwicanyi bw'ikivunga mu karere ka Nyanza mu bumanuko bw'Urwanda aho yakorera.

Muri Ruheshi (6) 2023, iyi sentare yari yamuciriye umunyororo wo guherayo, urubanza abamwunganira baciye bunguruza.

Mu rubanza rw'iyungururizo rwasomwe mu masaha yitereye, isaha zitandatu z'ijoro ryo kuri uno wa kabiri, iyi sentare y'abanyagihugu ica imanza zikomeye z'ivyaha y'i Paris mu Bufaransa yagumijeko Manier umunyororo w'ubuzima bwiwe bwose.

Abamuburanira bariyamiriza uno mwanzuro wa sentare, bakavuga ko bategerezwa kwunguruza.

Umukuru wa sentare yavuze ko naho yunguruje basanze ivyaha vya jenoside, ivyaha vyo mu ntara no kwica abantu mu kivunga vyagira Manier, ko rero igihano yahawe ubwa mbere kimugumyeko.

Urubanza rukirangira, Guedj Alexis yunganira mu mategeko Manier, n'ishavu ryinshi, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ari urubanza rugayitse.

Ati: "Uwo tuburanira arera, ntawe yishe ntidushobora kwemera ko umuntu ataco yakoze aguma mu munyororo, tugiye kwunguruza kuko aka ni akarenganyo twakorewe, vuba turunguruza kugira ukuri gutsinde ikinyoma, kandi turazi ko tuzotunganirizwa".

Nayo Annociate Umurwaneza, umwe mu barokotse jenoside yaje muri urwo rubanza, mw'ijwi ririmwo amarira n'ibigumbagumba, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ari urubanza rw'akarorero ruzotuma abana bamenya kahise k'abishe abantu mu gihe ca jenoside babahora uko bavutse.

Ku kibazo c'uko imanza nkizo zoba zihengamiye kuri reta y'Urwanda n'abacikacumu nk'uko abunganira Philippe Hategekimana bavyemeza, Maître André Martin Karongozi aburanira abacikacumu arabihakana.

Agira ati: "Si vyo na gato, abacamnaza si Abanyarwanda, nta n'umwirabure n'umwe arimwo, ni abazungu gusa b'Abafaransa, uwakoze jenoside yahemukiye isi yose, ni co gituma bategerezwa gucirirwa imanza n'isi yose, ibisigaye ni urwitwazo".

Manier akaba yari muri sentare ahagatiwe n'abapolisi, asa n'uwufise amagara make kuko vyagoranye n'uko ahagarara kugira yumve umwanzuro w'urubanza, inyuma y'urubanza yaciye asubizwa mw'ibohero yari amaze imyaka irenga itatu apfungiyemwo.

Sentare yamuhaye iminsi 10 kugira yunguruze urubanza.

Rukaba rubaye urubanza rugira gatatu rwa jenoside yo mu Rwanda ruciriwe i Paris mu Bufaransa mu kiringo c'umwaka umwe inyuma ya Eugène Rwamucyo, umuganga w'Umunyarwanda yaciriwe imyaka 27 yagirizwa jenoside, n'umunya-Kameruni Charles Onana afise ubwenegihugu bw'Ubufaransa yaciriwe amande y'ama Euros arenga 8000 kubera igitabo yanditse, abamwagiriza bavuga ko gihakana jenoside.