Inyuma ya kamarampaka, Putin yiteze gutangaza ko intara za Ukraine yigaruriye zimwegukiye

Putin

Ahavuye isanamu, EPA

Yatangajwe

Uyu wa kabiri niwo musi wa nyuma w’amatora ariko abera mu turere twa Ukraine turi mu minwe y’Uburusiya, amatora Kyiv n’incuti zayo z’Uburengero bafata ko ari amanyanga.

Intara za Donetsk na Luhansk mu buseruko, hamwe na Kherson na Zaporizhzhia mu bumanuko ziri muri ano “matora ya kamarampaka” yatanguye ku wa 23 akaba yiteze kurangira kuri uno wa 27 Nyakanga (9), abanyagihugu bagahamagarirwa kwemeza canke guhakana nimba bakwiye kwegukira Uburusiya.

Abategetsi ntibagenzura vyuzuye intara n’imwe muri izi, ariko ibi ntibibabuza gutangaza ko abantu bayitabiriye ku bwinshi kandi ko abanyagihugu bipfuza kwegukira Uburusiya.

Mu misi y’amatora ine iheze abategetsi baherekejwe n’ababacungereye bafise inkoho bazunguruka urugo ku rugo bategeka abantu gutora, uno musi abanyagihugu bababa imiriyoni zine  muri izo ntara bakaba basabwa gushika ku biro vy’amatora kugira ngo batore, maze bemeze canke bahakane umugambi wo kwegukira Uburusiya.

Uwujejwe amatora azungurukana agasandugu k'amatora mw'igorofa yagizwe ubunywenywe muri Mariupol, intara ya Donetsk

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Uwujejwe amatora azungurukana agasandugu k'amatora mw'igorofa yagizwe ubunywenywe muri Mariupol, intara ya Donetsk

Kuri Ukraine, aya matora ya kamarampaka asigura ko ibiganiro vy’amahoro n’Uburusiya ari ikintu kitagishobotse.

Mu gihe Uburusiya bwokwigarurira burundu izi ntara zigize ibice15% vya Ukraine yose, bishobora gutuma iyi ntambara igera ku rugero rushasha kandi ruteye ubwoba, aho Moscou yofata ko igitero ico ari co cose Ukraine yokora irondera kuzibohoza coba ari ukuvogera ubutaka bwayo.

Amatora ‘ku munwa w’inkoho’

Inkoho zari zihari zari izo kugukingira uriko uratora, canke zari izo kugutera ubwoba ngo utore?

Iki nico kibazo cari mu mitwe y’abantu muri ino misi, aho abategetsi baherekejwe n’abasirikare, baca ku rugo ku rundi.

Serhiy Haidai, buramatari wa Luhansk yahunze, yagiriza abategetsi bashaka kwiyonkora ko bafuse amazina y’abantu batoye banka kwegukira Uburusiya canke banse gutora.

Asubwirwamwo n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters, avuga ati: “Abaserukira ingabo zateye igihugu baca ku nzu ku nzu bafise amasandugu y’amatora. Aya ni amatora aba mw’ibanga, sivyo?”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kindi kiganiro yagiranye n’itororokanirizo ry’amakuru Associated Press, avuga ko Abarusiya bakoresheje ano matora nk’icitwazo, mu ntumbero yo kurondera abagabo bashobora kwinjiza mu gisirikare, be no gusaka barondera “ikintu ico ari co cose giteye amakenga kandi cegukira Ukraine”.

Umugore umwe yabwiye BBC ingene abavyeyi biwe batoye mu gisagara ca Melitopol mu ntara ya Zaporizhzhia.

Avuga ko “abantu babiri bifatanije n’umwansi” bashitse ku nzu babamwo bari kumwe n’abasirikare babiri b’Abarusiya bakabaha ikarata y’itora kugira batereko igikumu.

Uyu mugore ati: “Dawe yanditse ‘oya’. Mama yari ahagaze iruhande yiwe, abaza igishobora kuba mu gihe yoshirako ‘oya’. Bamwishuye bati, ‘Nta na kimwe’. Ubu, mama avuga ko afise ubwoba ko Abarusiya bazobatoteza”.

Uwundi mugore ari mu gisagara ca Enerhodar, ari naho ikigo ca nikleyeri ca Zaporizhzhia kiri, yabwiye BBC ati: “Wishura n’umunwa hanyuma uyo musirikare w’Uburusiya akandika ku rukaratasi inyishu utanze agaca arugumya”.

Abasirikare nibo baherekeza abajejwe amatora bazunguruka inzu ku nzu muri  Donetsk

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abasirikare nibo baherekeza abajejwe amatora bazunguruka inzu ku nzu muri Donetsk

Umunyamakuru wa Ukraine Maxim Eristavi yanditse kuri Twitter ko umuryango wiwe wategetswe “gutora ku nguvu bawurabishijeko inkoho” mu bumanuko bwa Ukraine.

Yandika ati: “Baraza ku nzu yawe. Utegerezwa gutera ikimenyetso ku kadirisha kemeza ko ushaka kwegukira Uburusiya (canke naho kuguma uri umunya-Ukraine mu gihe ushaka kwiyahura). Ibi vyose ni mu gihe aba babacungereye bafise n’inkoho baba bariko barakuraba”.

Petro Kobernik yahunze ava muri Kherson imbere y’uko amatora atangura, yabwiye AP mu kiganiro yamugirishije kuri terefone ati:

“Ibintu biriko birahinduka ku muvuduko munini, kandi abantu bafise ubwoba ko bazokubagurwa n’igisirikare c’Ubrusiya canke n’imirwi y’abarwanyi yegukira Ukraine, hamwe n’ingabo za Ukraine zigenda zisatira”.

Ukraine

Aya matora acungerewe bikomeye n’ingabo z’Uburusiya canke ingabo zishigikiwe n’Uburusiya.

Uretse ko ingabo za Ukraine zibandanya zisubiza inyuma iz’Uburusiya hamwe n’izishaka kwiyonkora, haba mu buseruko canke mu bumanuko, ibitero ku bantu bafitaniye isano n’abateye igihugu bigenda vyiyongera.

Uwahoze ari umushingamateka wa Ukraine, Oleksiy Zhuravko yashimagije cane igitero c’Uburusiya, yarishwe ari kumwe n’uwundi muntu mu gitero ca misire bari kw’ihoteri mu ntara ya Kherson ku wa Mungu.

Amakuru avuga ko abanyamakuru b’Uburusiya nabo nyene bari kuri iyo hoteri barashoboye kuyanyaga ataco babaye.

Mu gisagara ca Berdyansk c’intara ya Zaporizhzhia, icegera c’umukuru w’ubutegetsi bw’iyo ntara hamwe n’umugore wiwe yari arongoye umurwi w’amatora muri ico gisagara barishwe mu gitero, indwi imwe imbere y’uko aya matora atangura.

Abanywanyi b’umuhari w’abarwanyi witwa Yellow Band  bakwiragije ibipapuro biriko amajambo atera ubwoba umuntu uwo ari we wese atora, basaba abandi kurungika amafoto n’amavidewo y’umuntu uwo ari we wese yitaba aya matora, kugira ngo bazohigwe buhongo mu nyuma, nk’uko AP ibivuga.

Iri tororokanirio ry’amakuru ryandika kandi ko aba barwanyi bakwiragije amanomero ya terefone y’abarongoye imirwi y’amatora mu ntara ya Kherson, basaba abantu babo “kubabuza amahoro”.

Ukraine yaragabishije umuntu uwo ari we wese ategura canke ashigikiye aya matora ya kamarampaka ko ashobora guhanwa n’amategeko, ikavuga ko bashobora gupfungwa gushika ku myaka 15 mu gihe bokwagirwa n’icaha.

Amatora yiyamirizwa n’amakungu

Na Serbia isanzwe ifitaniye ubucuti bwa hafi na Moscou ikaba mbere na kimwe mu bihugu bike vya Bulaya bitafatiye ibihano Uburusiya, yatangaje ko itazokwemera ibizova muri ano matora.

Umushikiranganji wayo ajejwe imigenderanire Nikola Selakovic  avuga ko kuvyemera “vyoba biteye kubiri rwose” na poritike y’igihugu ciwe yo “kwubahiriza ubusugire n’ubwigenge hamwe ...n’ivyo yiyemeje vyo kwubahiriza imbibe z’ibindi bihugu”.

Ariko, ku gitsure c’amakungu atera ivyatsi, umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya  Sergei Lavrov, ashimangira ko aya matora ari “ukwubahiriza ishaka” ry’abanyagihugu baba muri izo ntara.

Yemeza ko mu gihe izi ntara zine zokwegukira Uburusiya zizokingirwa ku rugero rumwe n’utundi turere utwo ari two twose tw’ubutaka bwabwo, harimwo mbere no gukingirwa hakoreshejwe ibirwanisho vy’ubumara.

Amerika ivuga ko idashobora na mba kwemera ko “ubutaka bwa Ukraine bwitwa ikindi kintu atari igice ca Ukraine”.

Ku bwa Amerika, izi kamarapaka ni “amanyanga – ivyitwazo bitagira mvura mu kugerageza kwigarurira uturere twa Ukraine ku nguvu mu guhonyanga amategeko mpuzamakungu”.

Ubwongereza bwobwo bwafatiye ibihano bishasha abategetsi bakuru bakuru b’Uburusiya, muri bo harimwo abafise uruhara mu guhatira abanyagihugu muri ano matora.