Ayavugwa mu mupira w’amaguru: Barcelona yiyamirije umurwi wa Premier League urondera Raphinha

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester City yatanguye ibiganiro na Wolves kugira irabe ko yoronka umukinyi w’inyuma wa Algeria Rayan Ait-Nouri w’imyaka 22. (Football Transfers)
Tottenham yegereye Fulham iyisaba Tosin Adarabioyo, ikaba ihanganye na Manchester United muri uru rugamba rwo kurondera uno Mwongereza w’imyaka 26. (Teamtalk)
Newcastle United nayo iriko irondera ingene yogura Adarabioyo hamwe n’umukinyi w’inyuma wa Bournemouth umwongereza Lloyd Kelly w’imyaka 25, mu gihe amasezerano yabo bompi azorangira mu ci riza. (Telegraph)
Manchester United iripfuza umusatirizi wa Sporting Lisbon Umunya-Suwede Viktor Gyokeres w’imyaka 25 ariko ifise ubwoba ko Liverpool ishobora kuzoyitwara amahirwe. (HITC)
Barcelona yiyamirije umurwi wo muri Premier League (ihiganwa ryo mu Bwongereza) urondera umukinyi wayo wo ku ruhande, Umunya-Brezili Raphinha w’imyaka 27, ariko ntiyavuze uno murwi uwo ari wo. (Diario Sport -mu ki-espagnol)
Liverpool irashobora kuronka umukinyi w’inyuma wa Sporting Lisbon Umunya-Portugal Goncalo Inacio w’imyaka 22, ku miriyoni 40 z’amapawundi. (Football Insider)
Liverpool ibona ko umunyegori wa Sunderland, Umwongereza Anthony Patterson w’imyaka 23, ari we ashobora kuzosubirira Caoimhin Kelleher w’imyaka 25 akomoka muri Irlande. (Mail)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Newcastle United yongereje akariro mu gushinga ijisho umusatirizi wa RB Leipzig Umunya-Slovenia Benjamin Sesko, ariko ikaba ihanganye na Manchester United hamwe na Chelsea. (Teamtalk)
West Ham yatanguye gukurikiranira hagufi umusatirizi wa Panathinaikos, Umugiriki Fotis Ioannidis w’imyaka 24. (Football Insider)
West Ham kandi iriko ikurikiranira hagufi umukinyi w’inyuma ku ruhande rw’ibubamfu wa Real Betis umunya-Espagne Juan Miranda w’imyaka 24, nubwo Brentford, Crystal Palace na Wolves na z nyene ziriko ziramurondera. (HITC)
Chelsea yatanguye ibiganiro vyo kwongereza amasezerano ku bakinyi bayo umunya-Argentina Enzo Fernandez wo hagati hamwe n’Umunya-Ukraine Mykhailo Mudryk akina ku ruhande, mu gihe aba bakinyi b’imyaka 23 bompi basigaje umwaka umwe mu masezerano yabo. (Sun)
AC Milan ibandanya imenyeshwa ingene ibintu bimeze ku mukinyi wo hagati wa Fiorentina umunya-Maroc Sofyan Amrabat w’imyaka 27, asanzwe yaratijijwe muri Manchester United. (Rudy Galetti)

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukinyi wa Tottenham, Umwongereza Djed Spence w’imyaka 23 akina inyuma ku ruhande rw’i buryo, ubu akaba yaratijijwe muri Genoa, ni umwe mu bakinyi b’aba-Spurs biteze gusezera uno murwi mu ci riza. (Football Insider)
Manchester City ni umwe mu mirwi itari mike y’i Bulaya iriko irakurikiranira hagufi umukinyi wo ku ruhande wa Porto Cardoso Varela w’imyaka 15. (Foot Mercato – mu gifaransa)
Frank Lampard yahoze amenyereza Chelsea na Everton yikuye mw’ihiganwa ry’abariko baharanira ikibanza c’umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wa Canada ku ruhande rw’abagabo. (Telegraph)
Bayern Munich irashaka ko umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubudagi, yanahoze ayimenyereza, Julian Nagelsmann ko yogaruka muri uno murwi kugira ngo asubirire Thomas Tuchel yiteze gusezera mu mpera z’uno mwaka w’inkino. (Sky Sport Germany)









