Indege muri US zongeye kuguruka inyuma y’ikibazo cazihagaritse amasaha menshi

Two united airlines flights on a tarmac

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Ibikorwa vy’ingendo z’indege vyasubiye kuba uko bisanzwe muri US inyuma y’amasaha menshi bihagaze, nk’uko urwego rujejwe indege muri ico gihugu ruvuga.

Vyari vyatumwe n’ingorane mu buhinga buburira abadereva ku vyago bishobora gushika ku nzira z’ingendo z’indege.

FAA yamenyesheje ko indege zari gusubira  kuguruka isaha umunani  kw’isaha mpuzamakungu  (14GMT). Yavuze ko ikomeza kuraba icari cateye ingorane.

FAA yavuze ko indege ziri mu kirere ubu ata kibazo zishobora kwururuka neza.

Indege ziva ku bibuga vya Newark muri New Jersey na  Hartsfield-Jackson Atlanta  zatanguye kuguruka imbere y’ahandi kubera aho hantu hari urutavanako runini cane.

Ntivyashotse bimenyekana niba ako kagorane kaja kugira ingaruka ku ngendo mpuzamakungu.

Umukuru w’igihugu ca US Joe Biden yahawe amakuru kuri izo ngorane, ibiro vyiwe bikaba vyavuze  ko ata cerekana ko  ari igitero c’ubuhinga bwa internet (cyber attack)  ‘’muri iki gihe’’.

Kuri twitter, uwujejwe amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, White House/Maison Blanche, yari yasavye ko haba ‘’amatohoza akwiye ku mpamvu [z’ako kagorane]’’.

FAA yari yavuze ko iyo ngorane ijanye n’ubuhinga bwayo bwitwa ‘Notice to Air Missions System’.

Kompanyi United Airlines nayo yavuze ko ihagaritse ingendo zose zo mu gihugu hagati gushika hari igishasha ibwiwe na FAA.

Ikibuga mpuzamakungu c’indege ca Austin-Bergstrom muri Texas cemeje kuri twitter ko ‘’ihagarikwa ry’ingendo na FAA ryatumye indege zose ziguma hasi kuri ico kibuga no ku bindi vyose mu gihugu cose’’.

Cavuze ko abashika n’abava kuri ico kibuga bokwitega gucererwa mu gendo.

Abari mu gendo banditse ku mbuga hwaniro ko bariko baracererwa.

Umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu muri Amerika   Pete Buttigieg yavuze ko yari yavuganye na FAA ku wa gatatu mu gitindo, kandi ko bariko barakora kugira ‘’basubize ibintu mu buryo vuba kandi mu mutekano’’.