Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igikombe c'isi Qatar 2022: Nagenze 1.600km kugira nshike i Qatar
Yatangajwe
Urugendo rwo gushika ku gikombe c'isi Qatar 2022 rwari rwuzuyemwo ibitabonywe kumwe na bose.
Ariko ku bakunzi b'umupira w'amaguru b'Abarabu, ni akaryo ko kwigina no kunezezwa n'ihiganwa ryenurira ayandi yose kw'isi.
Kuri Abdullah al-Salmi ni indoto yabaye impamo.
Yagenze n'amaguru ibirometero 1.600 kuva mu muji abamwo wa Jeddah muri Arabie Saudite gushika i Doha.
Yabwiye igisata ca BBC gitangaza mu carabu yuko naho yahuye n'ibibazo bitoroshe, ari ibintu aticuza na gatoyi.