Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Messi, Suarez, Kim, Maguire, Torres, Kane

Yatangajwe

Umukinyi w’inyuma wa Korea y’Epfo Kim Min-jae w’imyaka 26 ari hafi yo kwinjira muri Manchester United avuye muri Napoli, mu masezerano y’imyaka itanu. (Nicolo Schira)

Ariko Newcastle ishobora kwica ano masezerano inyuma yo kugiriranira ibiganiro na Kim, mu masezerano afitaniye n’umurwi wiwe hakaba harimwo ingingo ivuga ko umurwi umushaka utegerezwa gutanga imiriyoni 42 z’amapawundi, ikazotegerezwa kuja mu ngiro ku wa 01 Mukakaro (7). (Sun)

Aston Villa iripfuza kugura umukinyi w’inyuma wa Manchester United umwongereza Harry Maguire w’imyaka 30 muri rino ci. (Football Insider)

Villa yituye ku mugaragaro Villarreal iyisaba umukinyi w’inyuma wa Espagne Pau Torres w’imyaka 26. (Mirror)

Umukuru wa Al Ahli Waleed Muaath yafashe urugendo rwamushikanye i Londres mu ntango z’ino ndwi mu kugerageza kugura umukinyi wo ku ruhande wa Manchester City umunya-Algeria Riyad Mahrez w’imyaka 32, inyuma yo kubura Lionel Messi yiteguye kwinjira muri Inter Miami. (CBS)

Al-Hilal yaragerageje ubwa nyuma kurondera umusatirizi wa Argentina Lionel Messi w’imyaka 35 mu kumwemerera umushahara w’imiriyoni 500 z’ama-euro ku mwaka. (Helena Condis Edo)

Imaze kuronka Messi, ubu naho Inter Miami iriko irarondera mugenziwe akina ku ruhande Angel di Maria w’imyaka 35, hamwe n’umukinyi wo hagati wa Espagne Sergio Busquets w’imyaka 34 bompi bakaba birebanga. (Fabrizio Romano)

Bayern Munich iracizeye ko izokwumvisha umusatirizi wa Tottenham umwongereza Harry Kane w’imyaka 29 akimukira muri uno murwi wo mu Budagi, n’aho asanzwe aronderwa na Real Madrid. (Athletic)

Manchester City iriteguye kwegera umukinyi w’inyuma wa RB Leipzig umunya-Croatia Josko Gvardiol w’imyaka 21. (90min)

Umusatirizi wa Uruguay Luis Suarez w’imyaka 36 ariteguye gusezera umurwi Gremio wo muri Brezili akimukira muri Inter Miami ari kumwe n’abo bahoze bakinana muri Barcelona Messi hamwe na Sergio Busquets w’imyaka 34. (90min)

Umunyegori wa Inter Miami umunya-Hollande Nick Marsman w’imyaka 32 avuga ko uno murwi wo muri Amerika "utiteguriye" umuzo wa Messi. (ESPN, iciye kuri Express US)

Umukinyi wo hagati wa Chelsea umufaransa N'Golo Kante w’imyaka 32 yahejeje ibipimo vyo kwa muganga inyuma yo kwemera kwinjira muri Al-Ittihad mu masezerano y’imyaka ibiri ku mushahara w’imiriyoni 100 z’ama-euro ku mwaka. (Guardian)

Umunyegori wa Espagne David de Gea w’imyaka 32 ariteguriye kwihoza amafaranga menshi yemererwa n’umurwi wo muri Arabia Saoudite kugira ngo yigumire muri Manchester United. (Talksport)

AC Milan iracipfuza kugura umwongereza akina hagati Ruben Loftus-Cheek w’imyaka 27, mu gihe ibiganiro n’umurwi wiwe Chelsea bibandanya kugira ngo ashobore kwimukira muri uno murwi wo mu Butaliyano. (Football Insider)

Umuserukizi w’umukinyi wo hagati wa Barcelona na Côte d’Ivoire Franck Kessie w’imyaka 26 arahakana amakuru avuga ko ari uwo kugurishwa mu gihe bivugwa ko Liverpool imwipfuza.(Mirror)

Umukinyi wo hagati wa Liverpool na Portugal Fabio Carvalho w’imyaka 20 azokwemererwa kuva i Anfield ku ntizo gusa muri rino ci. Hari imirwi itari mike imurondera kandi ashobora no guhitamwo gusubira muri Fulham. (Athletic)

Umusatirizi wa Arsenal umunyamerika Folarin Balogun w’imyaka 21 ariko araronderwa na AC Milan hamwe na Inter Milan, mu gihe yiteguriye gusezera umurwi wiwe inyuma yo kwitwara neza mu murwi Reims yari amaze umwaka akinira ku ntizo. (Mail)

Brighton iriko irategura imiriyoni 40 z’amapawundi, igiciro kitari bwigere kibaho muri uno murwi, zo kugura umukinyi w’inyuma w’umwongereza Levi Colwill w’imyaka 20, inyuma y’umwaka yari amaze ayikinira neza, imutijijwe na Chelsea mu mwaka w’inkino uheze. (90min)

Manchester United iri hafi yo kuronka mu buryo butari bwitezwe, umukinyi w’inyuma wa Monaco umufaransa Axel Disasi w’imyaka 25. (L'Equipe – mu gifaransa)

Luton Town, umurwi uherutse kuva mu cicaro ca kabiri ukinjira mu cicaro ca mbere ca Premier League, yinjiye mu rugamba rwo kurondera umukinyi w’inyuma wa Jamaica Joel Latibeaudiere w’imyaka 23, kuri gusa avuye muri Swansea City. (Football Insider)