Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abacangero ba Wagner bategerezwa kurahirira gukurikiza amategeko y'Uburusiya - Putin
Prezida Vladimir Putin yateye akamo abakozi bose ba Wagner n'iyindi migwi yigenga ikorana n'igisirikare mu Burusiya kurahirira gukurikiza amategeko y'ico gihugu.
Iyo ngingo iraba uwo ari we wese ari mu bikorwa vya gisirikare muri Ukraine, afasha igisirikare canke ari mu bagwanira mu migwi yashinzwe yo kwikingira mu turere.
Yashize umukono kuri iryo tegeko ku musi wa gatanu, rica rija mu bikorwa ubwo nyene.
Ivyo bibaye inyuma y'imisi ibiri gusa uwurongoye Wagner vyibazwa ko yahitanywe n'isanganya ry'indege.
Ku musi wa gatandatu, uruhande rukaze cane rwa Wagner ruzwi nka Rusich, rwavuze ko ruhagaritse ibikorwa vya gisirikare muri Ukraine.
Mu butumwa bwomkuri Telegram, Rusich yagiriza ubushikiranganji bw'imigenderanire kunanirwa gukingira uwashinze uwo mugwi, Yan Petrovsky, yafatiwe muri Finland arenze ku mategeko agenga abinjira n'abasohoka [visa], akaba ashobora kurungikirwa igihugu ca Ukraine.
Abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko iryo tegeko rya Putin rifise intumbero yo gusubirana ubutegetsi kuri iyo migwi bivuye ku kungene Wagner yagumutse mu kwezi kwa gatandatu.
Natia Seskuria wo mu kigo gikora ubushakashatsi c'i Londres, Royal United Service Institute, yabwiye BBC ati:"Putin ashaka gushinga ijisho Wagner kugira ntihazokongere kuba iyindi migumuko muri kazoza."
Iyo ngingoije mu gihe abacangero ba Wagner batagira indongozi, inyuma y'aho indege yari itwaye Yevbeny Prigozhin n'abandi bategetsi b'uwo mugwi ikorokeye ku musi wa gatatu, ihitana abantu cumi bari bayirimwo.
Iryo tegeko rifatwa ko ari intambwe yo kwubaka inkingi zikomeye z'igisirikare c'Uburusiya, iyo ndahiro kandi irimwo kwiyemeza gukurikiza amategeko y'abarongoye ingabo [komanda].
Petro Burkovskyi arongoye ikigo Democratic Initiatives gifise icicaro muri Ukraine yabwiye BBC ati:"N'ubutumwa bunyegeje ku bajejwe iperereza mu gisirikare bwo guhiga no gucira urubanza abagwanyi ba Wagner.
Kandi n'ubutumwa butaziguye kuri abo bagwanyi na bo nyene, aho agira ati:"Rahira hanyuma ugumane ibigwanisho canke subiza ibigwanisho wewe nyene. Uragamburuka canke uje mw'ibohero."
Indwi zike imbere y'uko Prigozhin agira imigumuko ata co yashitseko mu kwezi kwa gatandatu, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwari bwahaye imigwi y'abacangero gushika itariki imwe z'ukwezi kw'indwi kuba yashize umukono ku masezerano ya gisirikare.
Prigozhin yaranse gusinya kubera ntiyashaka ko Wagner igenzurwa n'ubwo bushikiranganji. Putin yarashigikiye iyo ngingo, ikaba yabaye iya mbere icanishijemwo uwo mugenzi wiwe w'igihe kirekire Prigozhin.
Uko kutumvikana kwarabandanije gushika aho Prigozhin agumuka.