Football: Alexander-Arnold ariko yanka ayandi masezerano na Liverpool, Real Madrid iramushaka - ni mu yavugwa

Trent Alexander-Arnold

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Trent Alexander-Arnold
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Trent Alexander-Arnold akinira Liverpool inyuma ku ruhande rw'i buryo abandanya yanka amasezerano mashasha muri uno murwi mu gihe Real Madrid yakobeje mu biganiro vyo kurondera uno mukinyi w'imyaka 26, amasezerano yiwe akaba azorangira mu ci riza. (Relevo - mu ki-Espagnol)

Real Madrid irashaka Alexander-Arnold, umukinyi w'inyuma Jonathan Tah w'imyaka 28 akinira Bayer Leverkusen n'umurwi nserukiragihugu w'Ubudagi, hamwe n'umunya-Canada Alphonso Davies w'imyaka 24 akinira Bayern Munich inyuma ku ruhande rw'i bubamfu. Umukinyi wo hagati wa Leverkusen n'umurwi nserukiragihugu w'Ubudagi Florian Wirtz w'imyaka 21, na we nyene araronderwa n'uno murwi wo muri Espagne. (AS - mu ki-Espagnol)

Vyitezwe ko West Ham yihagararako imbere y'imirwi ya Arsenal na Liverpool iriko irakurikiranira hagufi umukinyi wayo wo hagati, umunya-Ghana Mohammed Kudus w'imyaka 24, ikaba imushakako imiriyoni 85 z'amapawundi (amafaranga y'Ubwongereza), ni ukuvuga hafi imiriyoni 108 z'amadorari y'Abanyamerika. (Mail)

Umumenyereza wa Bayer Leverkusen Xabi Alonso azosezera uno murwi wa Bundesliga (ihiganwa ryo mu Budagi) mu mpera z'uno mwaka w'inkino nubwo yateye igikumu ku masezerano yomushikanye mu 2026, bikaba vyitezwe ko azokwimukira muri Real Madrid. (Eurosport Spain - mu ki-Espagnol)

Mohammed Kudus azwi ko iyo yinjije igitsindo aca yicara ku gatebe mu kwigina

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mohammed Kudus azwi ko iyo yinjije igitsindo aca yicara ku gatebe mu kwigina

Barcelona iripfuza umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'i bubamfu wa Wolves, umunya-Espagne Hugo Bueno w'imyaka 22, ubu asanzwe akinira Feyenoord yo mu Buholande yatijijwemwo. (Sport -mu ki-Espagnol )

Real Madrid yatanguye amatohoza ya mbere mu rugamba rwo kurondera umukinyi w'inyuma w'Ubudagi na Bayer Leverkusen, Jonathan Tah. Barcelona, Bayern Munich be n'imirwi yo muri Premier League (ihiganwa ryo mu Bwongereza) yose ivugwa ko iriko irarondera uno mukinyi w'inyuma w'imyaka 28, mu gihe amasezerano afitaniye na Leverkusen azorangira mu mpera z'uno mwaka w'inkino. (AS - mu ki-espagnol)

Nottingham Forest nta kiriko kirayihutisha kugurisha mu kwa mbere umukinyi w'inyuma wayo, Umunya-Brezili Murillo w'imyaka 22 inyuma y'aho Real Madrid yerekaniye ko imwipfuza. Ari ku giciro c'imiriyoni 40 z'amapawundi, ni ukuvuga imiriyoni zababa 51 z'amadorari y'Abanyamerika. (Daily Mail)

Manchester United na Liverpool zirabandanya zikurikiranira hagufi umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'i bubamfu, Antonee Robinson w'imyaka 27 asanzwe akinira Fulham, inyuma yo kwitwara neza kuva mu ntango z'uno mwaka w'inkino. Bivugwa ko uno murwi w'i Londres utipfuza kurekura uno Munyamerika muri uno mwaka w'inkino, ukaba utarota umurekura ngo agende mu gihe c'igura n'igurisha ry'abakinyi mu kwa mbere kuza. (Football Insider)

Jonathan Tah

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jonathan Tah
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Liverpool na Chelsea ziri mu mirwi yarungitse ba maneko gukurikirana umukinyi wo hagati Andrija Maksimovic w'imyaka 17 nubwo bamaze kumenyeshwa ko uno Munya-Serbia atari uwuriko arava muri Red Star Belgrade mu buryo bworoshe. (Teamtalk)

Barcelona yakoze urutonde rw'abakinyi yipfuza kurondera mu kwa mbere harimwo umukinyi wo ku ruhande wa Napoli/Naples, Umunya-Georgia Khvicha Kvaratskhelia w'imyaka 23 hamwe n'umusatirizi wa AC Milan Umunya-Portugal Rafael Leao w'imyaka 25. (Diario Sport - mu ki-espagnol)

Crystal Palace yegereye umurwi Chelsea iwusaba ko woyitiza mu kwa mbere umukinyi wawo wo ku ruhande Umunya-Ukraine Mykhailo Mudryk w'imyaka 23. (Football Transfers)

Liverpool ntiriko irarondera kwikura umukinyi wayo w'imbere, Umutaliyano Federico Chiesa w'imyaka 27, nubwo hari amakuru avuga ko ashobora gusubira muri Serie A (ihiganwa ry'Ubutaliyano). (The Athletic)

Umukuru w'igisata kijejwe kwinonora imitsi wa Bayer Leverkusen Simon Rolfes ariko arihwezwa na Arsenal nk'uwosubirira Edu nk'umukuru w'igisata kijejwe kwinonora imitsi w'uno murwi w'i Londres. (Mail)

Umukinyi wo hagati w'Umufaransa Paul Pogba w'imyaka 31, azosezera ku mugaragaro umurwi Juventus wo mu Butaliyano mu misi mike iri imbere hanyuma akazoba yirebanga. (Gazzetta dello Sport - mu Gitaliyano)