Ukraine: Zelensky arashaka kubonana na Xi Jinping ku mugambi w’amahoro w’Ubushinwa

Zelensky yavuze ko intsinzi "uko vyongeda kwose ari rwacu”

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Zelensky yavuze ko intsinzi "uko vyongeda kwose ari rwacu”
    • Umwanditsi, George Wright & Jaroslav Lukiv
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko ategura kubonana n’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa Xi Jinping kugira ngo avugane na we ibijanye n’integuro ya Pekin ku mugambi w’amahoro mu ntumbero yo kurangiza intambara muri Ukraine.

Mw’ijambo yashikirije kw’isabukuru y’umwaka umwe urangiye kuva igitero c’Uburusiya gitanguye, yavuze ko iki cipfuzo cerekana ko Ubushinwa bufise uruhara mu kurondera amahoro.

Ati: "Jewe ni ukuri mbona umengo nokwizera ko Ubushinwa butazoha ibirwanisho Uburusiya”.

Ubushinwa busaba ko haba ibiganiro vy’amahoro kandi ubusugire bw’ibihugu bukubahirizwa.

Hagati aho, uru rwandiko rurimwo ibice 12 ntiruvuga neza neza ko Uburusiya butegerezwa kuvana ingabo zabwo muri Ukraine, kandi ruriyamiriza “ingingo y’uruhande rumwe rwo gukoresha ibihano“, ikiboneka ko ari inegurwa ry’ibihano incuti za Ukraine z’Uburengero zafatiye Uburusiya.

Abategetsi b’Ubushinwa gushika ubu ntibarishura ku bisabwa na Zelensky ko hoba umubonano womuhuza na Xi.

Ni mu gihe Uburusiya bushimagiza umugambi w’amahoro w’Ubushinwa. Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Moscou buvuga buti: "Turasangiye ivyiyumviro na Pekin”.

Mu ntango z’ino ndwi, umunyamabanga wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken yavuze ko Ubushinwa bwariko burihweza ingene bwoha ibirwanisho Uburusiya – ivyo Pekin yiyamiriza yivuye inyuma.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ejo ku wa gatanu, ibimenyeshamakuru vya Amerika vyatangaje ko reta y’Ubushinwa yariko iriga ingene yorungikira Moscou za ndege zitagira abaredeva (drones) hamwe na vya muzinga.

Abajijwe kuri ino nteguro y’Ubushinwa, Perezida Joe Biden wa Amerika yabwiye ikinyamakuru ABC News ejo ku wa gatanu ati: "Kubona [umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir] Putin awushimagiza, wibaza ko hari icovamwo?

"Nta kintu na kimwe nabonye muri ino nteguro cerekana ko iyi nteguro ishobora kuvamwo ikintu ngirakamaro ku ruhande urwo ari rwo rwose kireste ku Burusiya”.

Ubushinwa busa n’ubuhengamiye ku Burusiya, n’aho burondera inzira yo kugoboka Perezida Putin mu gutegura ikintu kimeze nk’amasezerano y’amahoro, nk’uko umunyamakuru wa BBC John Simpson arongoye igisata cihweza ibibazo mpuzamakungu abivuga.

Integuro y’Ubushinwa ije inyuma y’urugendo rw’umusikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire Wang Yi i Moscou, aho yabonanye na Perezida Putin n‘umushikiranganji ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov ku wa gatatu.

Inyuma y’imibonano, Wang yasibuwemwo n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta y’Ubushinwa, Xinhua, avuga ko Pekin yipfuza “gukomeza ukwizerana muri poritike” no “gukomeza ugukorera hamwe” na Moscou.

Abategetsi b’ibihugu vy’uburengero bakiranye amakenga iyi nteguro y’Ubushinwa. Umukuru w’ururani OTAN/NATO Jens Stoltenberg avuga ko Pekin ata "cizere kinini umuntu yoyigirira” kubera “yananiwe no kwiyamiriza igitero giteye kubiri n’amategeko kuri Ukraine”.

Perezida Putin yagomoreye ingabo ziwe kuri Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2) 2022, ziratera intambwe zikomeye mu misi mike ya mbere mu buraruko, mu buseruko no mu bumanuko bwa Ukraine.

Ariko igitero ku mugwa mukuru Kyiv carasubijwe inyuma mbere igisirikare ca Ukraine kirashobora no kubohoza uduce tutari duto.

Kuva ubwo, iyi ntambara – ari nayo nini ku mugabane wa Bulaya kuva ku ntambara ya kabiri y’isi yose – yabaye iyo gusambura.

Mu kiganiro kirekire n’abamenyeshamakuru i Kyiv ku wa gatanu, Zelensky yavuze ko intsinzi "uko vyongeda kwose ari rwacu” mu gihe incuti zacu “zokwubahiriza ivyo zatwemereye kandi ku gihe”.

Pologne ivuga ko yamaze kurungikira Ukraine ama-chars (imodoka ntamenwa z’intambara) Leopard II ane yakorewe mu Budagi kandi ko yiteguriye no kuyirungikira ayandi.

Ubudagi buvuga ko buzorungika ama-chars 14 yo muri ubu bwoko bwa Leopard II, Espagne na Canada na vyo nyene bikavuga ko bizorungika ama-chars.

Amerika gushika ubu niyo imaze guha Ukraine imfashanyo nini ya gisirikare kandi yaremeye ko izoyirungikira ama-chars 31 yo mu bwoko bwa M1 Abrams, Ubwongereza na bwo bukazoyiha 14 yo mu bwoko bwa Challenger 2.

Umukuru w’igihugu ca Ukraine yavuze kandi ko igihugu ciwe kiratashobora kwunga ubucuti uko bikwiye n’ibihugu vya Afrika na Amerika y’ubumanuko inyuma y’aho ibihugu vyinshi kuri iyi migabane bihitiyemwo kutagira uruhande vyegamira mu matora yo kwemeza urwandiko rwiyamiriza igitero c’Uburusiya kuri Ukraine.

Ati: "Mu myaka itari mike, ntitwavyitwayemwo neza, ntitwavyitayeho, nibaza ko ari ikosa rinini”.