Wagner ishobora kuba ironka ibigwanisho iciye kuri Mali - Amerika

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugwi w'abacangero wo mu Burusiya Wagner ushobora kuba ugerageza mu mpisho kuronka ibikoresho vya gisirikare vyo kujana mu ntanbara yo muri Ukraine ubicishije ku bikorwa vyawo muri Mali n'ibindi bihugu vyo muri Afrika, nk'uko bivugwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Itangazo ryo mu bushikiranganji bujejwe ikigega rivuga ko abakozi b'uwo mugwi w'igisirikare cigenga bashobora kuba bariko baragerageza kugura ibisasu vy'imitego yo mu kuzimu (mines), indege zitagira abadereva (drone) n'ibikoresho vyo gusuzuma ibica mu kirere (radar).
Wagner bizwi ko ikorera mu bihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika harimwo na Mali.
Iryo tangazo rimenyesha kandi ko hafashwe ibihano ku wurongoye Wagner muri Mali Ivan Maslov.
Hagati aho umutegetsi wa Wagner yose Yevgeny Prigozhin yagirije ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi kudaaha abakozi biwe ibigwanisho n'ibikoresho mu bikorwa vyo kurwana muri Ukraine.
Wagner niyo yagiye imbere mu gitero c'Uburusiya ku gisagara ca Bakhmut muri Uraine , n'ubwo yatanguye kuva muri ico gisagara ku wa kane kugira ishikirize igenzurwa ryaco ingabo z'Uburusiya.
Ibirego vya Amerika bivuga ko uwo mugwi ushaka kugira ico ukuye ku bwinshi bw'ibigwanisho biri muri Mali. Ico gihugu cinjiyemwo ibigwnisho vyinshi igihe hatembagara ubutegetsi bw'indongozi ya Libya Muammar Gaddafi mu 2011, mu gihe abacangero bahora bagwanira uruhande rwiwe basubira iwabo.
Muri uno mwaka, Amerika yashize Wagner ku murongo w'amashirahamwe akora ubukozi bw'ikibi njabukamipaka. Prigozhin n'abandi bategetsi ba Wagner basanzwe barafatiwe ibihano.
Uwo mugwi ugize igihe ufasha igisirikare ca reta ya Mali kugwanya intagondwa z'aba Islam.
Malsov afatwa nk'umwe mu bantu bakomeye muri Wagner, akorana n'abategetsi ba Mali kugira Wagner ishinge imizi muri ico gihugu.

Ahavuye isanamu, Reuters
Itangazo rya Amerika rivuga riti: ''Kuba Wagner iri muri Afrika ni inguvu zihungabanya ku gihugu ico ari co cose cemera ko uwo mugwi winjira ku butaka bwaco''.
Ryongerako ko Wagner yakoze ivyaha bitandukanye ku gateka ka zina muntu ukanigarurira itunga kama.
Ubushikiranganji bw'ikigega buvuga kandi ko Wagner ishobora kuba irondera ''gucisha muri Mali ibikoresho ijana muri Ukraine'' kandi ko ''yiteguriye gukoresha impapuro zitari zo muri ico gikorwa''.
Iryo tangazo ryagiriza kandi Wagner guha ingabo za Rapid Support Forces zo muri Sudan ibisasu vya misire vyo guhangana n'ingabo z'igisirikare ca reta bisanzwe biriko biragwana.
Uburusiya burondera gutsimbatara cane muri Afrika aho bukeneye ababushigikira bashasha mu ntambara burimwo muri Ukraine.
Uburusiya bwari busanzwe buri muri Afrika y'uburengero n'imbere y'uko iyo ntambara itangura, ariko uko bigaragara ni uko ibikorwa vya Wagner ata kinini birahindura kurusha izindi ngabo, nk'akarorero iz'igihugu cahoze gitwara Mali mu gihe c'ubukoroni, Ubufaransa,
Ubufaransa bwavanye ingabo zabwo muri Mali mu kwezi kwa Ruhuhuma (2) mu mwaka uheze biturutse ku kutumvikana na reta ya gisirikare yafashe ubutegetsi mu 2020.














