Ukraine: Uburusiya bwakoze igitero ca misire kigira icenda kuri Kyiv muri kuno kwezi

    • Umwanditsi, Adam Durbin & James Landale i Kyiv
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Uburusiya bwakoze igitero co mu kirere kigira icenda muri kuno kwezi kwonyene ku mugwa mukuru wa Ukraine Kyiv.

Mw’ijambo yavuze imbere y’uko ibintu bisobanuka neza, umukuru w’igisagara Vitali Klitschko yavuze ko umuriro wadutse mu karere kamwe kubera ibisigarira vy’ibisasu vyakorotse.

Hagati muri Ukraine humvikanye kandi ibiturika mu ntara za Vinnitsa, Khmelnitsky na Zhytomyr.

Abarongoye igisirikare i Kyiv bavuga ko amakuru ya mbere yerekana ko ibisasu vyose vya misire vyasambuwe.

Iyi ni incuro igize icenda Uburusiya bukoze ibitero vyo mu kirere muri kino gisagara muri uku kwezi kwonyene.

Ku wa kabiri, Ukraine yavuze ko yakoroye ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Kinzhal binyaruka gusumba ijwi (hypersonic) mu gitero c’urutavanako kitari gisanzwe.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Telegram, Klitschko yavuze ko uwo muriro wadutse muri garaje (garage) yo mu karere ka Darnitsya kari ku mugwa mukuru Kyiv, yongerako y’uko ata n’umwe yakomeretse.

Ubuyobozi bwa gisirikare muri Kyiv buvuga ko igitero gikomeye ca misire cakozwe n’indege z’intambara z’Uburusiya hejuru y’ikiyaga, mer Caspienne.

Serhiy Popko avuga ko Uburusiya bwarungitse indege zitagira abadereva zo gutata hejuru ya Kyiv bumaze kurekura iki gihuhusi c’ibitero vyo mu kirere.

Avuga ko umuriro wa kabiri wadutse mu gace kadatuwemwo n’abantu mu karere ka Desnyansky mu buseruko bwa Kyiv, ariko nta makuru y’aboba bakomeretse yatanze.

Ejo ku wa gatatu, abantu nibura umunani nibo bavugwa ko bishwe – harimwo n’umwana w’umuhungu w’imyaka itanu – 17 nabo barakomereka mu bitero vya muzinga muri Ukraine, mu gihe impande zompi zagirizanya gutera uturere tw’abasivire.

Buke buke, Ukraine igenda yitegurira neza igitero rurangiza ku ngabo z’Uburusiya zayivogereye.

Abategetsi b’Uburengero bavuga ko igisirikare ca Ukraine kigeze ku rugero rwo hejuru mu kwitegurira iki gitero co kwivuna Abarusiya kirindiranywe igishika.

Aba bategetsi bavuga ko Kyiv ubu iriko ishira hamwe uburyo bwayo bwinshi bwa gisirikare – harimwo ubushobozi bwo kurungika ama-chars, n’izindi modoka z’intambara hamwe n’aba-injeniyeri b’intambara, co kimwe kandi no gutegura ibisasu bitegwa mu kuzimu (mines), kwubaka ibiraro ku nzuzi, hamwe n’ibikoresho vyo kurasa kure.

Bavuga ko ingabo z’Uburusiya ziri mu yabira ariko bakagabisha ko ibirindiro vya Moscou vyo kwivuna bishobora kuba “biteye ubwoba” kandi bikikujwe ”n’amamine”.

Ejo ku wa gatatu, umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire Dmytro Kuleba yabonanye n’umutegetsi wo mu gisata c’imigenderanire w’Ubushinwa i Kyiv akiyamiriza umugambi w’amahoro uwo ari wo wose woba urimwo ivyo guhebera ubutaka Uburusiya.

Ariko amasezerano yo kwemerera Ukraine gushora hanze amamiriyoni y’amatoni y’intete izicishije mu kiyaga Cirabura (Mer Noire/Black Sea) yarongerejweko ikiringo c’amezi abiri, hasigaye umusi umwe ngo arangire.