Yaciye umuhigo mu kuvuza ingoma imisi 8 adahagaritse

Yatangajwe

Umugabo umwe wo mu gihugu ca Irlande ya Ruguru, mu gisagara ca Lisburn, yaciye umuhigo w'isi mu kuvuza ingoma umwanya muremure.

Allster Brown w'imyaka 45 yaheruka guca umuhigo mu kurenza uwo yahorana w'amasaha 134 n'iminota 5, aca arenza amasaha 150.

Yahejeje "kuvuza izo ngoma" ku musi wa gatandatu inyuma y'umutaga, yari yatanguye ku musi wa Mungu, akaba yazivugije indwi irenga.

Ivyo Brown yabikoze nk'uburyo bwo kwibuka mugenzi wiwe yitavye Imana Sharon Deegan, yapfuye azize ingwara ya cancer y'urwagasha mu kwezi kwa mbere mu 2021, afise imyaka 49.

Avugira mu kibanza kivugirizwamwo umuziki i Lisburn ku musi wa gatandatu inyuma y'umutaga, aho yagiye aracira imihigo yiwe itatu, Brown yavuze ko kari "akazi gakomeye".

Avuga ko kwibuka Deegan hamwe no gufatwa mu mugongo n'abagenzi biwe, ari vyo vyatumye akora neza ico gikorwa.

Agira ati:"Ndashimiye umuntu wese yanshigikiye.

"Imisi yose namana iki ciyumviro mu mutwe, nashaka gukora ibi mu kwibuka Sharon."

Brown yarigeze guca umuhigo incuro zibiri mu kuvuza ingoma umwanya muremure, ubwa mbere hari mu 2003 aho yavugije mu kiringo c'amasaha 58, imbere y'uko arenza ngaho mu 2008 aho yavugije amasaha 103, n'ubu rero bugira gatatu aho yavugije amasaha 150.

Amategeko y'imihigo y'isi ya Guinness avuga ko buri nyuma y'isaha Brown yari arekuriwe kuruhuka iminota itanu.

Ntabwo yaruhutse iyo minota yiwe itanu buri inyuma y'isaha bituma bamurekurira kuruhuka umwanya muremure.

Ariko gushika ku musi wa gatanu mu gitondo, imisi itanu inyuma yo kugerageza guca uwo muhigo, abagenzi wa Brown n'uwujejwe ibikorwa muri ico kibanza, Duncan Campbell, bavuze ko uwo mugabo yaryamye amasaha abiri gusa muri ico gikorwa co gushaka guca umuhigo musha w'isi.