Kagame ku kibazo ca Rusesabagina: 'Hari ikibandanya gukorwa'

Yatangajwe

Ikibazo ca Paul Rusesabagina kiriko kirigwa kugira ngo kirangire, nk’uko Perezida Paul Kagame yabibwiye ikinyamakuru Semafor.

Mu kwezi kwa gatatu 2021, ubucamanza bwamuciriye gupfungwa imyaka 25 ku vyaha vy’iterabwoba.

Mu kiganiro yagiranye n’umumenyeshamakuru Steve Clemons w’ico kinyamakuru, Perezida Kagame yavuze ko “hari ikibandanya gukorwa" kugira ngo ikibazo c’uyu munyaporitike apfungiwe mu Rwanda kuva mu 2020 kirangire.

Ntibizwi neza na neza ico Perezida Kagame yashatse kuvuga ku vyerekeye kurangiza ico kibazo.

Ariko umuryango wa Rusesabagina ubandanya usaba ko apfungurwa, uvuga ko apfunzwe ku mvo za poritike kandi ko yaburanishijwe mu rubanza rwa ngondagonde (ikinamico) – ivyo Urwanda ruhakana, rukavuga ko urubanza rwiwe rwabaye mu muco.

Kagame avuze ibi haciye amezi make yiyamirije bikomeye ico yita “gukangata'' gukorwa n’abategetsi ba Amerika n’ayandi mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu.

Asigura ko ibintu bitegerezwa gutera intambwe, Perezida Kagame yabwiye ikinyamakuru Semafor ati: “Novuga gusa ko hari ikibandanya gukorwa.

"Ntituri ba bantu bashaka kwizirikira ahantu hamwe badatera intambwe ku mvo iyo ari yo yose.

“Nk’uko mubizi no muri kahise kacu igihe twashaka gutera intambwe…twarageze aho turekurira [tubabarira] abantu ivyaha bitarekurirwa, uku ni ko abagize uruhara muri jenoside n’ibindi n’ibindi, abenshi bisanze basubijwe umwidegemvyo.

“Rero twebwe ntitwizirikiye kuri kahise. Hari ibiganiro vyo kuraba inzira zose zishoboka zo gukemura iki kibazo hadahonyanzwe ibibazo nkoramutima bijanye n’iyi dosiye kandi ndizeye ko uko bizogenda kwose inzira izoboneka”.

Rusesabagina, umunyarwanda afise ubwenegihugu bw’Ububirigi ariko akaba yari asanzwe afise n'uburenganzira bwo kuba muri Amerika, umuryango wiwe uvuga ko yisanze mu Rwanda atabizi.

Imiryango itandukanye ivuga ko ''yashimuswe [yanyurujwe]'' akuwe aho yaba muri Texas akajanwa mu Rwanda.

Perezida Kagame yagiye asobanura ko Rusesabagina yafashwe azi ko agiye i Burundi, mu gihe Urwanda rwariko ruramuhiga ku vyaha vy’iterabwoba.

Rusesabagina, afise imyaka 68, yamamaye kubera ireresi ya Hollywood, Hotel Rwanda. Mw'iyo reresi yakinywe mu 2004, uwitwa Don Cheadle yakinye nka Rusesabagina, yanyegeje abantu bababa 1200 bagiye barondera ubuhungiro muri iyo hoteri yari asanzwe arongoye mu gihe ca jenoside yo mu Rwanda.