Ayavugwa mw’igura n’igurishwa: Benzema, Maddison, Caicedo, Gnonto, Weghorst, Sabitzer

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umusatirizi wa Real Madrid Umufaransa Karim Benzema w’imyaka 35, ariko arihweza amasezerano y’imyaka ibiri yemererwa n’umurwi wo muri Arabia Saoudite ku mushahara w’imiriyoni 400 z’ama-euro. (ESPN)
Arsenal nta mugambi ifise wo kugurisha umusatirizi wayo, Umwongereza Emile Smith Rowe w’imyaka 22 muri rino ci, ikaba ifise icizere ko azosubira kumera neza. (Athletic)
Luis Enrique asanzwe ariko araronderwa na Tottenham kugira ngo ayibere umumenyereza ari mu biganiro n’umurwi Napoli wo muri Serie A (ihiganwa ry’Ubutaliyano), ariko yishakira kuja muri Premier League (ihiganwa ry’Ubwongereza). (Guardian)
Tottenham na Newcastle United zirashaka Abongereza James Maddison w’imyaka 26 akina hagati, hamwe na Harvey Barnes w’imyaka 25 akina ku ruhande, bompi bakinira Leicester City kandi bari ku giciro c’imiriyoni 40 z’amapawundi. (Sun)
Tottenham iripfuza kugumya burundu umunya-Suède Dejan Kulusevski w’imyaka 23 akina ku ruhande, ikaba yamutijijwe na Juventus.(Standard)
Umwumvikano hagati y’umumenyereza wa Brighton Roberto de Zerbi na Moises Caicedo uzotuma uyu mukinyi wo hagati wa Equateur w’imyaka 21 asezera. Imirwi itatu iriko iramurwanira, Chelsea ikaba ari yo iza imbere. (Fabrizio Romano)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester United nta mugambi ifise wo kugura umusatirizi w’umunya-Hollande Wout Weghorst w’imyaka 30, hamwe n’umukinyi wo hagati wa Autriche Marcel Sabitzer w’imyaka 29, basanzwe bakina muri uno murwi batijijwemwo na Burnley hamwe na Bayern Munich uko bakurikirana. (Mail)
Umukinyi w’inyuma ku ruhande rw’iburyo wa Real Valladolid umunya-Espagne Ivan Fresneda w’imyaka 18 yemerewe na Arsenal amasezerano yotuma azohembwa umushahara mwiza. (Bild- mu kidagi)
Umukinyi w’inyuma w’Ubufaransa Benjamin Pavard w’imyaka 27 ariteguye kuva muri Bayern Munich. (Fabrizio Romano)
Aston Villa iripfuza umukinyi w’inyuma wa Real Madrid umunya-Espagne Marco Asensio w’imyaka 27 yiteze gusezera uyu murwi mu gihe amasezerano yiwe azoba arangiye muri rino ci, akaba kandi arabwa ryiza n’imirwi ya Paris St-Germain, Arsenal na AC Milan. (Sun)
Manchester City na Arsenal zibandanya zikurikiranira hagufi umusatirizi wa Leeds United Umutaliyano Wilfried Gnonto w’imyaka 19. (Calciomercato mu gitaliyano)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Liverpool irashaka umukinyi wo hagati wa Borussia Monchengladbach Umufaransa Manu Kone ashirwa ku giciro c’imiriyoni 40 z’ama-euro. (Bild- mu kidagi)
Juventus iri imbere mu mirwi irondera umusatirizi wa Chelsea umunyamerika Christian Pulisic w’imyaka 24, ku miriyoni 20 z’amapawundi. (Mail)
Umunyegori wa FC Porto umunya-Portugal Diogo Costa w’imyaka 23 aboneka ko yiteguye kwimukira muri Manchester United, n’aho umunya-Espagne David de Gea w’imyaka 32, yipfuza gutera igikumu ku masezerano mashasha. (Mirror)
Wolves yinjiye ku rutonde rw'imirwi ya Chelsea na Crystal Palace mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Steve Biko FC (umurwi wo muri Gambia) umunya-Gambia Adama Bojang w’imyaka 19. (Standard)
Abakinyi bo hagati ba Amerika Tyler Adams w’imyaka 24, na Brenden Aaronson w’imyaka 22, basa n’abagiye gusezera muri Leeds inyuma y’aho uno murwi umanukiye mu cicaro ca kabiri. (90 Min)
Umumenyereza wa Barcelona Xavi avuga ko Manchester City yanse amasezerano yari gutuma umukinyi w’inyuma wa Portugal Joao Cancelo w’imyaka 29 yinjira muri Barca mu kwa mbere, ariko mu nyuma akaba yahavuye atizwa muri Bayern Munich. (90 Min)









