Intambara ya Ukraine: impande zompi zivuga ko zigenzura igisagara ca Soledar

Insiguro ya video, Soledar: Video yerekana intambara muri kino gisagara gicukurwamwo umunyu ca Ukraine cabaye umunyota
Yatangajwe

Na James Waterhouse ari i Kyiv & George Bowden i Londres

BBC News

Umurwi w’abacangero w’Uburusiya Wagner uvuga ko wigaruriye igisagara ca Soledar mu buseruko bwa Ukraine – ariko Kyiv ivuga ko abasirikare bayo bakiyirwanira.

Ibinyamakuru vy’Uburusiya vyerekanye itangazo rivugwa ko ari iry’umukuru wa Wagner, Yevgeniy Prigozhin, avuga ko ingabo za Ukraine ubu zazibiriwe hagati mu gisagara.

Imbere y’aha, icegera c’umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Ukraine Hanna Maliar yavuga ko “intambara zikomeye zibandanya”.

Aya makuru avugwa n’impande zompi ntarashobora guhinyuzwa n’uruhande ataho rwegamiye.

Mw’iryo tangazo ryo mu masaha yitereye y’ejo ku wa kabiri, Prigozhin yavuze ati: "Abarwanyi ba Wagner bafashe ubutaka bwose bwa Soledar. Hubatswe uruzitiro hagati mu gisagara ahakibandanya intambara”.

Iri tangazo rishimangira ko abarwanyi ba Wagner bonyene – aba bakaba batari mu gisirikare c’Uburusiya – ari bo bariko bararwanira Soledar.

Hagati aho, amasaha makeya imbere y’aha, umupfasoni Maliar yavuze ko umwansi "atarajwe ishinga n’abantu benshi ariko aratakaza kandi abandanya asatira”.

Yongerako ati: "Imicungararo y’ibirindiro vyacu yuzuye gusa ibiziga vy’abansi bapfiriye ku rugamba. Abarwanyi bacu barihagazeko n’ubutwari”.

Ifatwa rya Soledar – agasagara gato kimbwamwo umunyu mu ntara ya Donetsk – rishobora gufasha ingabo z’Uburusiya kwugarana igisagara gikomeye ca Bakhmut.

Ejo ku wa kabiri, Ubwongereza bwavuze ko ingabo z’Uburusiya n’abacangero ba Wagner bari hafi yo kwigarurira Soledar.

Ku wa mbere, Prezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yavuze ko ari nk’uko ata buzima bwari bugisigaye muri Soledar kandi ko ata mpome zari zigihagaze.

Ati: "Ubu nibwo busazi”.

Mw’ijambo yashikirije mu masaha yitereye ya nijoro, Zelensky yarashimagije ingene ingabo za Ukraine zihagararako.

Perezida Zelensky avuga ko ata buzima bugisigaye muri Soledar

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Perezida Zelensky avuga ko ata buzima bugisigaye muri Soledar

Uruhara Soledar ishobora kugira ruracaharirwako, ariko ifatwa ryayo rishobora kuba ngirakamaro ku mvo zibiri.

Ubwa mbere, vyofasha ingabo z’Uburusiya kwegereza igisagara ca Bakhmut.

Uburusiya bushobora gukoresha amayira y’imyobo y’icukuriro ry’umunyu muri Soledar, isanzwe idakora kuva mu kwa kane, kugira zinjire neza neza hagati mu turere tugenzurwa na Ukraine.

Ubwa kabiri, ingabo z’Uburusiya zishobora kuronka akaryo ko kwihora Ukraine.

Ikintu kimwe cafashije Kyiv kubohoza ubutaka bwari bwigaruriwe ni ubushobozi yari ifise bwo gutera amayira Uburusiya bwacishamwo ibikoresho n’abantu.

Ibitero vy’ibisasu vya misire biraswa kure vyatumye ibihumbi n’ibihumbi vy’ingabo zateye igihugu zidashobora gushikirwa n’izindi ngabo, ibirwanisho, ibitoro n’imfungurwa, bituma kandi badashobora kwunguruza neza ibikoresho vya gisirikare.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ifatwa rya Soledar – igisagara cari gituwemwo n’abantu 10.000 imbere y’intambara – ryotuma inzira nkuru icishwamwo ibikoresho bivuye muri Sloviansk  icika.

Ubwongereza bwaremeza ko Soledar yari hafi kwigarurirwa n’Uburusiya – ariko bukongerako y’uko Kremlin itari gushobora kwigarurira Bakhmut vuba vuba kubera “ingabo za Ukraine zihagaze neza ku birindiro vyazo vyo kwivuna”.

Umutegetsi wo hejuru mu bushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi yavuze ku wa mbere ko “igice kitari gito” ca Soledar cari mu minwe y’Uburusiya.

Imicungararo ya Bakhmut imaze amezi atari make iberamwo intambara, uyu mutegetsi wa Amerika akavuga ko intambara ziheruka bwari “ubunyamaswa”.

N’ubwo hari intambara ndende kandi y’urutavanako, Oleh Zhdanov – umuhinga yubashwe asanzwe agira imyihwezo ya gisirikare muri Ukraine – yemeza ko yaba Soledar canke Bakhmut, nta na kimwe muri ibi bisagara bibiri ari ngirakamaro mu buryo budasanzwe mu bijanye n’ibikorwa vyo ku rubuga.  

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru co muri Ukraine Gazeta ku wa mbere, Zhdanov yavuze ko Uburusiya “buriko bugerageza kwereka amakungu ko igisirikare cabwo gishobora gutsinda”.

Ikigo c’abahinga cigisha ivy’intambara, Institute for the Study of War, co muri Amerika, kivuga ko Prigozhin, "azobandanya akoresha intambwe y’ukuri n’iy’ububeshi y’umuhari Wagner muri Soledar na Bakhmut kugira ngo yerekane ko umuhari Wagner ari wo murwi wonyene wa gisirikare muri Ukraine ushobora gushika ku bintu biboneka”.

Kuva intambara itanguye haraciye hafi umwaka, Uburusiya bwaratakaje bikomeye muri Ukraine, harimwo itakaza ry’umugwa mukuru umwe gusa w’intara bwari bwashoboye kwigarurira.

Kwigarurira Soledar kwogira uruhara runini mu kwamamaza intsinzi ya Kremlin gusumba kuba intsinzi ya gisirikare.

Uburusiya butera intambwe ntoya cane kandi bubanje gutakaza cane, ariko iki gisagara coba nk’igikombe c’intsinzi co kwerekana mu maso y’abanegura Kremlin mu gihugu.

Soledar