Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine: Abashikiranganji bo kwivuna abansi ba US na Russia mu biganiro vy'akataraboneka
Abashikiranganji bo kwivuna abansi ba Amerika n'Uburusiya baganiriye kuri terefone vy'akataraboneka ku rwego rwo hejuru hagati y'ivyo bihugu bibiri kuva Uburusiya buteye Ukraine.
Umunyamabanga wa reta ya Amerika Lloyd Austin na mugenzi we Sergei Shoigu bavuganye kuri uyu wa gatanu mk'uko impande zose zivyemeza.
Impande zose zivuga ko zaganiriye ku kungene ibintu vyifashe muri Ukraine.
Ni ubwa mbere bavuganye kuva baganiriye kuri telefone itariki 13 z'ukwezi kwa gatanu.
Inyuma y'ibiganiro vyo kuri telefone ku musi wa gatanu, uwujejwe kumenyeshamakuru mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi, Gen. Pat Ryder yabwiye BBC ko Amerika "yipfuza kuguma yuguruye imihora yo kuvuganirako".
Yagize ati:" Abo bagabo babiri baheruka kuvugana mu kwezi kwa gatanu, umunyamabanga Austin yafashe akaryo uyu musi ko gusubira kuvugana n'umushikiranganji Shoigu."
Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe kwivuna abansi yavuze ko "ibibazo vya none bijanye n'umutekano kw'isi vyaganiriweko, harimwo n'uko ibintu vyifashe muri Ukraine."
Inyuma y'ibiganiro vyaheruka mu kwezi kwa gatanu, Austin yari yateye akamo mugenzi we guhagarika intambara - akamo katagarutsweko ubu.
Ivyo biganiro bibaye inyuma y'aho prezida Vladimir amereye nk'uwuvuga ko ashobora gukoresha ibigwanisho vya nicleyere muri Ukraine, n'igabisha ryo kuvyiyamiriza rya prezida wa Amerika Joe Biden.
Abategetsi ba Amerika n'Ubwongereza bavuga ko amahirwe yo gukoresha mu ngiro ivyo avuga ari make cane.
Abajijwe nimba ivyo biganiro vyari vyateguwe mu ntumbero yo kuvuga kuri ico kibazo, Brig. Gen. Pat Ryger yavuze ko mu gihe ivyo Putin avuga ari "bibi cane kandi biteye umutima uhagaze£, Amerika ntirabona "ikimenyetso na kimwe muri kino gihe", ko Uburusiya bwafashe ingingo yo gukoresha ibigwanisho vya nicleyere.
Imigenderanire yari isanzwe itifashe neza hagati ya Amerika n'Uburusiya yarononekaye gusumba kuva Ukraine itewe.
Abategetsi b'izo mpande zibiri baragize inama hagati mu mwaka wa 2021, yatangajwe ari intambwe nziza mu migenderanire myiza. Ariko iyo ntambwe yaciye ihagarara kubera imishamirano kuri Ukraine yateye yiyongera.
Putin na Biden baragiriraniye ibiganiro vyinshi kuri telefone amezi menshi imbere y'intambara, aho prezida wa Amerika yagabishije mugenzi we w'Uburusiya kuyihagarika.
Nta biganiro biraba hagati y'abo bategetsi babiri kuva intambara yaduka.