Ikiganiro na Prezida Ndayishimiye: 'Umwavu… igitoro … ubushomeri… umubano n'Urwanda' – Bimwe mu bibazo yishuye

Inyuma y'imyaka itandatu ari ku butegetsi mu Burundi, Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko ubu ibintu biriko biraja mu buryo n'aho hari imyidogo myinshi yerekeye ubukene mu banyagihugu.
Mu kiganiro na BBC Gahuzamiryango, prezida Ndayishimiye avuga ko yashitse ku butegetsi igihugu carasinzikaye cane.
Kimwe mu bibazo yaje avuga ko aje gutorera inyishu, n'ico igitoro. Ariko hakukirangiza cagiye gikomera gusuma.
"Ubu ho si twe twenyene," uko ni ko atangura yishura kuri ico kibazo c'igitoro.
Abandanya agira ati: "Naravuze ko, igihe cose tuzoba tudafise ivyo dushora bituzanira amahera y'agaciro ntimwitege ko hoboneka igitoro gikwiye".
Mu Burundi nta gitoro gikwiye kiboneka ku ma 'stations'. N'iyo kibonetse bagitanga hakurikijwe inimero z'imparati z'imodoka kandi hagatangwa litiro ziri hagati ya 20 na 30.
Ivyo biragira ingaruka mw'iterambere ry'igihugu kuko bituma abakozi bamwe bamwe batonda bateba kandi bagataha kare.
Imirongo y'abantu ku mabisi usanga ari urutavanako.
Icivugo 'umunwa wose uronke ico urya, umufuko wose uronke amafaranga'
Prezida Ndayishimiye agishikira ubutegetsi yavuze ko azanye umugambi wo kurwanya ubukene, cane cane abicishije mu rwaruka.
Uwo mukuru w'igihugu yaciye azana imigambi myinshi yokorwa, harimwo kuja mu makoperative, kworora inkwavu, kurima amavoka.
Ivyo vyose avuga ko vyashikanye Abarundi ku ntambwe ishimishije.
"Jewe ubwanje ndashobora kuronka itoni y'inyama z'inkwavu ku ndwi," uko ni ko Prezida Ndayishimiye avuga.
Ariko abo batavuga rumwe na bo bavuga ko abakoze ubworozi bw'inkwavu bahomvye.
Ikindi ngo cerekana ko ubukene bwiyongereye, n'urwaruka ruguma ruhunga igihugu, ruja guca ingero mu mahanga, Prezida Ndayishimiye avuga ko ari 'ibinebwe.'
Agira ati:"Mbwira ingene ushobora kuva mu Burundi ukaja kurima muri Tanzania kandi no mu Burundi turima?
"Ibikorwa vyo gukora mu Burundi biriho. Mbwira ingene nkura umukozi muri Kenya, aza kumfasha mu nka, ariko ukaza wumva uwundi ngo yagiye muri Kenya."
Mu bihugu vya Tanzania, Uganda, Kenya na Sudani y'Epfo haribonekeza urwaruka rwinshi ruja gukora ubuzi butandukanye.
Hari n'abaja mu bihugu vy'abarabu eka mbere na Buraya.
Ikibazo c'ifumbire
Hirya no hino mu gihugu haravugwa imyidogo y'abarimyi kubera ibura ry'umwavu.
Mu Burundi, abarimyi bariha umwavu imbere y'uko bawuronka.
Hari rero n'abamara umwaka bararishe, ariko uwo mwavu utarabashikira, bakabihomberamwo.
Prezida Ndayishimiye avuga ko umwavu ushorwa mu bindi bihugu bidakurikije amategeko.
Agira ati: "None ko twama twafashe umwavu ushowe muri Tanzania? Ko twama twawufashe ushowe mu Rwanda?"
Yongerako ati: "Ivyo biterwa n'inkozi z'ikibi. Abadandaza bamwe bamwe batuma abanyagihugu kwiyandikisha, bagaca bawunyegeza mu mazu. Bagaca bawugurisha ku mahera menshi mu nyuma. Twama twabafashe."
Mu mpera z'umwaka uheze, umushikiranganji w'ikigega ca reta Alain Ndikumana yarerekanye amakenga ku mahera agera ku miriyaridi 50 z'amarundi (imiriyoni 16.9 z'amadorari), ihinguriro FOMI, rikora umwavu ryishuza reta.
Uwo mushikiranganji yavuga ko ayo mahera atari mu muco.
Umubano w'Urwanda n'Uburundi
"Erega burya Abarundi n'abanyarwanda turavukana," uko ni ko prezida Ndayishimiye atangura avuga ku matati amaze igihe hagati y'Urwanda n'Uburundi, yatumye igihugu ciwe cugara imbibe.
Abandanya agira ati: "Erega nta co dupfa. Twaragiriraniye amasezerano, ubu basigaje kuyashira mu ngiro gusa.
"Jewe mbere iyo duhwanye, nta kindi ndababaza. Mbaza gusa ko batariyumvira gushira mu ngiro ivyo twasezeranye.
"Twebwe tuzokwakira ivyo baduhaye. Nimba bashaka amahoro tuzoyakira. Nimba bashaka intambara na yo nyene tuzoyakira."
Uburundi bwagiriza Urwanda guha indaro no gufasha abategetsi b'umuhari wa RED-Tabara ugwanya ubutegetsi bw'ico gihugu ukoresheje ibigwanisho. Urwanda na rwo rukavuga ko abategetsi b'Uburundi bakorana n'umuhari wa FDLR wagirizwa ko urimwo abasize bakoze jenoside yo mu Rwanda mu 1994.
Ivyo bihugu vyompi birahakana ivyo vyagirizwa.













