Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburusiya bwerekanye ibirwanisho rutura vy’Uburengero bwafatiye ku rugamba muri Ukraine
- Umwanditsi, Na Steve Rosenberg
- Igikorwa, Umwanditsi mukuru wa BBC ku Burusiya, Moscou
- Yatangajwe
Ikibanza c’Intsinzi, Victory Park, ni icibutso kinini kiri ku mugwa mukuru w’Uburusiya, Moscou, cahariwe intsinzi y’icahoze ari Ubumwe bw’Abasoviyeti ku ba-Nazi b’Ubudagi. Imurika rishasha riza ryatanguye.
Ariko iri ntaco risa risana n’Intambara ya Kabiri y’isi yose.
Ivyerekanwa ni ibikoresho vya gisirikare vy’Uburengero vyafashwe n’ingabo z’Uburusiya muri Ukraine.
Ni ibimenyetso vy’intsinzi mu ntambara, ari co gituma Uburusiya bwafashe ingingo yo kubishira ku mugaragaro.
Mu birwanisho vyafashwe harimwo ikimodokari ruremeshangabo, Husky, c’igisirikare c’Ubwongereza cari cahawe Ukraine. Ikiyo c’imbere cuzuye ibitoboro vy’amasasu
Imbere ya Husky hari ibimodoka vy’intambara bitamenwa n’amasasu asanzwe Uburengero bwari bwahaye igisirikare ca Ukraine. Muri vyo harimwo Abrams ca Amerika carasiwe ku rugamba. Harimwo kandi na Leopard c’Ubudagi.
Mu vy’ukuri, hari umurongo muremure w’ibimodoka vy’intambara vy’Ubudagi. Hejuru yawo hari ikimenyetso kivuga ngo: "Kahise kariko kisubiramwo".
Abategetsi b’Uburusiya bashaka ko abanyagihugu bumva ko intambara yo muri Ukraine hamwe n’Intambara ya kabiri y’isi yose zifise ico zihuriyeko: Uburusiya buriko burahohoterwa, bubangamiwe n’igitero c’abansi babwo bo hanze.
Ariko mu vy’ukuri, izi ntambara ziratandukanye cane. Mu 1941, Ubudagi bwateye Uburusiya. Mu 2022 Uburusiya ni bwo bwateye Ukraine.
Ku zuba ryinshi, Abarusiya bararundarundana iruhande y’ibi bikoresho vya gisirikare, bifotoza imbere y’imiringoti y’ibimodoka vy’intambara, n’umunezero mwinshi.
Ari kumwe n’umugabo wiwe be n’umwana wiwe w’umukobwa akiri muto, Natalya avuga ati: "Ni ibintu bitangaje. Biragoye gutahura.
"Biratangaje kwumva ukungene abahungu bacu bashoboye gufata ibi bintu".
Ibimodoka vy’intambara birenga 30 ni vyo vyashoboye kwerekanwa ku mugaragaro.
None ni kubera iki?
Mu bisanzwe, Abarusiya bakoze ibiherutse gukorwa na Ukraine, aho yerekana ku mugaragaro ibikoresho vya gisirikare vy’Uburusiya vyari vyafashwe n’ingabo za Ukraine.
Ariko ku bategetsi b’Uburusiya, umuntu yovuga ko iri murika rifise intego zitari nke zikomeye.
Iya mbere ni iyo gutsimbataza ibivugwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu (Kremlin) ko muri Ukraine, OTAN/NATO - hamwe n’Uburengero muri rusangi – iri mu ntambara n’Uburusiya. Hano, intumbero ni ugusibanganya Uburengero gushika kure mu mitwe y’Abarusiya.
Mu bisanzwe, Uburusiya ni bwo bwateye Ukraine: ikintu abategetsi b’Uburengero bari bagumye babusaba ko butokora.
Ni ingingo Perezida Vladimir Putin we nyene ubwiwe yafashe yo gutangura ico gushika ubu Uburusiya bwita “igikorwa kidasanzwe ca gisirikare” muri Ukraine.
Mu kuyiha ibirwanisho n’amasasu, Uburengero bwagiye gutabara Ukraine. Ntiburondera gusambura Uburusiya, nubwo abategetsi b’Uburusiya boba bashaka kuvyumvisha abanyagihugu.
Hejuru y’ibi, ni ikimenyetso c’ivyaranze kahise.
Ubu, Ikibanza c’intsinzi, Victory Park, gisharijwe n’amabendera atukura, mu birori biganisha ku musi w’intsinzi, uwa 9 Rusama (9), umusi mukuru w’aho igihugu cibuka ugutsindwa kwa Hitler.
Iki kibanza c’imurika (icibutso c’intambara ya kabiri y’isi yose) n’igihe ibi birori biriko biberako (imisi mike imbere y’Umusi w’Intsinzi) bije gutsimbataza ya majambo avugwa n’ubutegetsi: amwe yerekana ko hari isano hagati y’Intambara ya kabiri y’isi yose n’intambara yo muri Ukraine.
Ariko kandi harimwo n’ikintu kinini cerekana umunezero muri iri murika ufatiye kuri ino ntambara yo muri Ukraine: Abarusiya bigaragara ko batagugumwa, nubwo Amerika iherutse kwemeza imfashanyo y’imiriyaridi 61 z’amadorari y’Abanyamerika igenewe Ukraine.
Uburusiya buremeza neza ko ubu bufise ibintu mu minwe ku rugamba.
Ubutumwa nyamukuru bwabwo bwanditse iruhande y’ibi bimenyetso vy’intsinzi muri ino ntambara.
Buvuga buti: "Intsinzi yacu ni ngombwa".