Uwukekwa kwica Kirk 'ntariko arorohereza abategetsi'- Bulamatari wa Utah

Bulamatari wa Utah, Spencer Cox  yicaye araba ibubanfu iruhande y'iberendera ya Leta zunze Ubumwe za Amerika, imanitse ibubanfu. Inyuma yiwe hari iyindi darapo iboneka igice.

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Hafsa Khalil
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Umugabo akekwa ko yishe Charlie Kirk, abategetsi bavuga ko atariko arakorana na bo neza, kandi ko atemera ko ariwe yarashe. Ibi bivugwa na bulamatari wa Utah, Spencer Cox.

Tyler Robinson, w'imyaka 22, yajanywe mu gasho amasaha 33 gusa inyuma y'aho Kirk, w'imyaka 3, azwi nk'ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'iburyo, yishwe arashwe muri Orem ku munsi wa gatatu.

Cox w'umu Repubulikani, yavugiye mu biganiro bitandukanye mu gitondo co kuw' Imana ko abariko bakora amatohoza bakiriko bararondera kumenya igituma, ariko ko abegereye Robinson bobo bariko bakorana neza n'ubutegetsi.

Kirk yarashwe yariko atanga ikiganiro kuri kaminuza ya Utah Valley cabera hanze, cari catunganijwe n'ishirahamwe Turning Point USA Kirk ubwiwe yafashije gushinga.

Ico gikorwa cari mu rukurikirane rw'ibiganiro yagenda agira mu makaminuza atandukanye hirya no hino muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Cox yabwiye ikinyamakuru Wall Street Journal ko Robinson, imvukira yo muri leta ya Utah, 'yanyengeterewe n'ivyiyumviro vy'amatwara y'ibubanfu'.

Igihe yabazwa mu kiganiro cabaye kuri CNN ku munsi w'Imana, yavuze ko umwe mu ncuti n'abagenzi ba Robinson ariwe yatanze amakuru.

Bulamatari yavuze ko mu bafashije ubutegetsi harimwo uwabana na Robinson akaba n'umukunzi wiwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yavuze ko uwo mukunzi wa Robinson muri kino gihe yariko arahindura igitsina ( transition) ava ku gitsina-gabo aja ku gitsina-gore, ariko igihe CNN yamubaza, yavuze ko atazi neza nimba ivyo ari ngombwa ko abariko barakora amatohoza babimenya muri kino gihe.

Cox yongeye ko ko uwo mukunzi wa Robinson atari azi na kimwe ku bijanye n'ubwo bwicanyi bwhitanye Kirk, 'yakoranye neza cane', kandi agikorana n'abakora amatohaza 'kugeza ubu'.

Bulamatari yabajijwe kandi n'ikinyamakuru New York Times, aho yavuze ko Robinson yavuganye n'abandi aciye ku rubuga Discord ibijanye n'uko kurasa bikimara kuba, harimwo n'abavuze ko yoba yarababwiye atebura ko ariwe yarashe.

Yanditse ngo 'umuzimu wiwe' wariko ugerageza 'kunteza ibibazo', nk'ibigaragara mu butumwa bahanahanye ku kinyamakuru Times.

Cox yabwiye ABC News ko ico bashobora kwemeza ubu ivyo biganiro vyo ku rubuga Discord koko vyabaye, ariko batigeze bibaza ko yoba ariwe.

Yagize ati: "Vyose vyasa n'ibitebu kugeza aho, yiyemerera ko ariwe."

Robinson yatawe muri yompi ku munsi wa kane mw'ijoro amaze kwishikana kuri polisi.

Urwandiko rumurega rwaturutse muri leta ya Utah ruremeza ko Robinson yafashwe kubera icaha gikomeye co kwica, icaha gikomeye co gutunga ikirwanisho gicira umuriro, no kuburizamwo ibikorwa vy'ubutungane.

Muri kino igihe apfunzwe ata n'uguteganya ko ashobora kurekurwa vy'agateganyo.

"Turiko turabaza abantu bose bashoboka - uwoba amuzi wese- tunamenye n'impamvu ziri inyuma yavyo", niko Cox yavuze.

Inyuma y'urupfu rwa Kirk, Cox ntiyahengeshanije guhamagarira abantu kubumbatira ubumwe mu ntumbero yo kugabanya icuka ca politike kihari, kandi yakomeje gusubiramwo ubutumwa bunegura imbuga hwaniro.

Mbere yise izo mbuga hwaniro 'kanseri' (cancer) abwira CNN ko Leta zunze Ubumwe za Amerika zikwiye "gukura mu mashure za telefone ngendanwa" no kurushaho gusaba bene zo imbuga gufata nka nkama ibihakorerwa.

Yavuze ko iraswa rya Kirk ni "igitero ntasubirwamwo kuri Amerika" kandi Abanyamerika bakeneye "kwiraba mu cirore bagafata ingingo, twoba tugiye gutuma ibintu bimera neza, canke ahubwo bigiye kuba nabi gusumba?

Umupfakazi asigwa na Kirk, Erika, mu marira menshi ku munsi wa gatandatu yashimiye abo bose bagize ico bakora ako kaga kakimushikira, abasezeranya ko ijwi ry'umugabo wiwe ritazozimangana.

Kuwa 21 z'uku niho urubanza rwo gusezera ubwa nyuma Kirk ruteganijwe, mu kibuga ca Arizona kirimwo ibibanza birenga 60,000 , aho Kirk yari asanzwe aba n' umuryango wiwe.

Uyu mugabo yahora afatwa nk'uwutavugwako rumwe muri politike ya Amerika, yari umwe mu ba Repubulikani bagendera ku vyiyumviro vy'amatwara y'iburyo, kandi yari somambike wa perezida Donald Trump.

Isekeza rya Turning Point USA ryari mu ntumbero yo gukwiragiza imigabo n'imigambi y'abagendera ku matwara y'iburyo, mu makaminuza y'ayandi mashure ya Amerika afatwa nk'abadafise umurongo begamiye, kandi ryagize uruhara rukomeye cane mu kurondera amajwi y'abashigikira Trump n'abandi ba kandida b'aba Repubulikani mu matora yo mu mwakwa uheze.

Kirk yari umwe mu bashigikiye cane uburenganzira bwo gutunga inkoho, yarwanya yivuye inyuma uburenganzira bwo gukorora inda, yanegura abahuza ibitsina bisa n'abandi bari mu mugwi w'abiyumva mu gitsina batavukanye, akaba yaranavuga ibintu bitarimwo ukuri ku bijanye n'ingwara ya Covid-19.

Abari bamushigikiye bavuga ko bari bahuje ivyiyumviro kandi yatahura ibibazo vyabo.

Ariko ivyo vyiyumviro vyiwe vyatumye abategamiye kuri politike y'iburyo canke ibibanfu, nabo bamunegura, aho bavuga ko ivyo vyiyumviro vyise bibangamira ba nyamuke barimwo abo mu migwi y'abahuza ibitsina bisa -LGBT, hamwe n'aba yisilamu.