Gervais Ndirakobuca avuye ku bushikiranganji bwa mbere aja gutwara inama nkenguzamateka

Gervais Ndirakobuca yahora ari umushikiranganji wa mbere y'Uburundi ni we agiye kuba umukuru w'inama nkenguzamateka nshasha y'ico gihugu yatowe ku wa 23 Mukakaro 2025.
Ivyegera vyiwe ni General Generose Ngendanganya na Clotilde Kampimbare.
Iyo nama igizwe n'abantu 13 yari ishashe ubwa mbere kuva kuri uyu wa mbere kugira yemeze ametegeko agenga ibikorwa yongere itore abagize ibiro vyayo.
General Gervais Ndirakobuca yari umushikiranganji wa mbere kuva mu kwezi kw'icenda mu 2022, asubiriye General Alain Guillaume Bunyoni ubu ari mw'ibohero.
Itorwa rya Gen Ndirakobuca - azwi kandi ku ritazirano rya Ndakugarika- risa n'uko atawe ryatangaje.
Igihe yarungikwa mu kiruhuko c'izabukuru hataragera, mu kwezi kwa Rusama uyu mwaka, abantu benshi baribaza ikizokurikira mu buzima bwiwe bwa politike. Inyuma y'imisi mike, yaciye aboneka ku rutonde rw'abazokwitoza mu kibanza c'abakenguzamateka mu ntara ya Bujumbura. Abaraba ibintu n'ibindi babonye ko yari inzira yo kumutegurira ikibanza yojamwo avuye mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere.
Ni na ko bigenze kuri Generose Ngendanganya, umugore wa mbere yashitse kuri iryo peta mu giporisi c'Uburundi.
Barungikiwe rimwe na Ndirakobuca mu kiruhuko c'izabukuru.
Gervais Ndirakobuca hari hasigaye ukwezi kubura iminsi mike ngo akwize imyaka itatu ari umushikiranganji wa mbere muri reta ya perezida Evariste Ndayishimiye.
Ariko n'aho bitigeze bija ku mugaragaro canke ngo akurwe muri ayo mabanga, vyaravuzwe ko umushikiranganji wa mbere Ndirakobuca n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye bashitse aho batari bakibona kumwe ibijanye n'ukurongora reta, na cane cane ku bijanye n'ibibazo nk'ivyo igitoro n'amafaranga mvamakungu bisa n'ivyabaye akananirabahinga.
Ndirakobuca ni inde?
Itariki 7 ukwezi kw'icenda mu 2022 ni ho uwo mu jenerari w'igiporisi yemezwa n'inama nshingamateka ko abaye umushikiranganji wa mbere.
Yari asubiriye Gen Alain Guillaume Bunyoni yari yatanguranye ayo mabanga n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye kuva atanguye ikiringo c'iwe c'imyaka indwi ku wa 18 Ruheshi(6) mu 2020.
Ariko Ndirakobuca yari asanzwe ari umuntu ari mu nzego z'igihugu kuva umuhari CNDD FDD -yagwaniye- wemeje amasezerano y'amahoro mu 2003 ukinjira mu nzego z'igihugu hanyuma mu nyuma ukaba umugambwe wahavuye utsinda amatora yo mu 2005, n'ubu ukaba ukiri ku butegetsi. Ayaheruka y'abashingamateka n'abakenguzamateka yo wayatsinze 100%, ay'amakomine nayo ku majwi arenga 98%.
Gen Ndirakobuca yaramenyekanye cane cane mu bikorwa vyo kugwanya abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c'uwahoze ari umukuru w'igihugu, umuhisi Pierre Nkurunziza mu 2015.
Ico gihe, uwo mupolisi batazira Ndakugarika yari umujenama mu biro vy'umukuru w'igihugu ajejwe ibibazo vy'igipolisi.
Yarashizwe ku rutonde rw'abantu bafatiwe ibihano n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya, EU, yagirizwa kuba intambamyi ku nyishu ya politike ku bibazo vyo mu Burundi, mu gutanga amategeko yo gukoresha inguvu z'umurengera.
Yagirizwa ahanini ivyabaye itariki 26, 27 na 28 mu makaratiye ya Nyakabiga na Musaga.
Gen Ndirakobuca ari mu barokotse ubwicanyi bw'abanyeshure b'abahutu kuri kaminuza y'Uburundi mu 1995, aho yiga mu mwaka wa kabiri mu gisata ca Chimie.
Ico gihe niho yaca agenda kugwana mu muhari CNDD FDD.
Ku rugamba yari azwi nk'umuntu bemera cane mu bikorwa vyo kugendereza.
Inyuma y'amasezerano yo guhagarika intambara
Gen Ndirakobuca ari mu mugwi w'abasirikare ba CNDD-FDD yarungitse gukorana n'abo mu ngabo za reta y'ico gihe, FAB, mu gikorwa co kuvanga ingabo z'izo mpande zibiri zari zimaze imyaka 10 zitana mu mitwe.
Yagiye aja mu nzego zitandukanye z'igipolisi:
- Icegera c'uwujejwe iperereza
- Umwe mu bagize umugwi ujejwe gukura ibigwanisho mu banyagihugu imyaka 6
- Icegera c'umukuru w'igipolisi c'Uburundi imyaka 5
- Icegera c'umugenduzi mukuru w'igipolisi c'Uburundi imyaka 5
- Umukuru w'iperereza ry'igihugu
- Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n'iterambere rusangi
Gen Gervais Ndirakobuca afise umuryango ugizwe n'umugore n'abana 7, abahungu batatu n'abakobwa bane.
Yavutse mu 1970 ku musozi wa Kibaya, komine Bukinanyana mu ntara ya kera Cibitoke ubu isigaye iri mu zigize intara yagutse ya Bujumbura ku ndinganizo nshasha y'intara zitanu. No muri iyo ntara yatowe kuba umukenguzamateka.










