Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Pierre Buyoya yashinguwe mu gihugu c'amavukiro nk'uko yavyifuza
Uwahoze ari perezida w’Uburundi Pierre Buyoya yagize urugendo rwa nyuma rwo gutaha mu gihugu c'amavukiro no ku mutumba avukako atakiri muzima.
Inyuma y’imyaka irenga itatu ashengeye hanyuma akaba arashingurwa mu gihugu ca Mali, ubu yegereye ba se na ba sekuru ku mutumba avukako muri komine ya Rutovu mu ntara ya Bururi.
Yari yapfiriye mu Bufaransa mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2020 inyuma yo kujanwayo vyihuta kwivuza avuye mu gihugu ca Mali iyo yari asigaye inyuma yo kuhakora imyaka itari mike aserukira Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Africa (Union Africaine/Africa Union) mu bihugu vy’akarere ka Sahel.
Aho muri Mali niho yaciye aba arashingurwa, ariko umuryango uvuga ko icifuzo ciwe ca nyuma kwari uko yotahukanwa gishingurwa mu gihugu c'amavukiro.
Kuki atashotse ashingurwa mu Burundi n'iteka ry'uwatwaye igihugu?
Urubanza rwo kumushingura rwabaye urw'umuryango wiwe gusa ku mutumba avukako wa Mutangaro mu Rutovu mu ntara ya Bururi.
Nta teka ry'igihugu ryahawe uwo yagitwaye incuro zibiri.
Buyoya yapfuye haheze amezi abiri sentare imukatiwe gupfungwa ubuzima bwose mu rubanza rw'abagirizwa uruhara mu rupfu rwa Perezida Melchior Ndadaye mu kwezi kw'icumi mu 1993.
Ico gihano ni nayo mpamvu umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye yatanze mu gusigura igituma reta ata na kimwe yakoze mu kumusezerana iteka ry'igihugu.
Mu kiganiro aho yishura ibibazo vy’abanyagihugu n’abamenyeshamakuru mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2020 haheze indwi zibiri Buyoya apfuye, Perezida Ndayishimiye niho yabivuzeko.
Yagize ati: “Amategeko y’Uburundi aratomoye. Mwigeze mubona uwupfunzwe aja gutora? Ni uko ataba afise imyaka yo gutora? Kubera iki? Mugende murabe ico amategeko avuga. Hari Liberté politique [uburenganzira bwa poritiki] aba afise? Iyo aba ayifise aba apfunzwe?
Perezida Ndayishimiye yavuze ko umuryango watahuye igituma reta ataco yakoze ''kuko barazi ubwenge''.
Ariko umuryango wa Buyoya wari warasavye ko womutahana agashingurwa mu gihugu c'amavukiro kuko ngo vyari mu vyifuzo vyiwe vya nyuma.
Perezida Ndayishimiye yavuze ko atatevye kubibemerera.
Muri ico kiganiro nyene co mu kwezi kwa 12 mu 2020 yagize ati: "Umuntu wese arafise uburenganzira bwo guhambwa aho ibisekuru vyiwe biri".
''Urubanza rw'imvo za poritike''
Buyoya yapfuye haheze amezi abiri sentare imuciriye umunyoro w’ubuzima bwose mu ruhara yoba yaragize mu rupfu rwa perezida Melchior Ndadaye.
Muri urwo rubanza Pierre Buyoya ntiyigeze yitaba ngo yumvirizwe yongere yisigure.
Gusa akiriho yavuga ko urwo rubanza rwari mu zari kwigwa n’umugwi w’igihugu ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha Abarundi (Commission Verite et Reconciliation, CVR).
Kuba rwagarukanywe muri sentare zisanzwe, Pierre Buyoya yabibonyemwo imvo za poritike.
Mu kiganiro n’iradiyo y’Abafaransa RFI inyuma yo gukatitrwa yagize ati: "Ni urubanza rwa poritike rwaciwe mu buryo bw’akamaramaza harenzwe ku mategeko yose y’uburenganzira’’.
Mu bantu 20 bagirizwa hamwe, hari abari mu mahanga reta yasohoreye imitahe mpuzamakungu yo gufatwa, ariko hari n’abapfungiwe mu Burundi.
Ariko nabo nyene igihe baburanywa mu 2019, nta vyinshi igihugu camenye ku ruhara nyezina bagize muri iryo gandagurwa ku buryo n’ubu ata kuri kwinshi kuramenyekana ku mugaragaro ku vyashitse mw’ijoro ry’uwa 21 Gitugutu (10) mu 1993 umunsi perezida Ndadaye aterwa ku kirimba ciwe n'akagwi k'abasirikare.
Ariko ku ncuro ya mbere mu myaka 30 kuva Ndadaye yishwe, umupfakazi wiwe Laurence Ndadaye yarahaye ikiganiro BBC Gahuzamiryango aravuga ivyo yabonye uwo munsi n’ingene ubuzima bwakurikiye.
Ikibanza kini mu mateka y'Uburundi n'amakungu
Buyoya yapfuye haheze igihe atagicana uwaka n'ubutegetsi. Ariko barigeze kuba barabana ryiza.
Reta y’umugambwe CNDD FDD yaramushigikiye ngo yitoze kuba umunyabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bihurira ku rurimi rw’igifaransa (Organisation Internationale de la Francophonie) mu 2014. Ariko ico gihe ntiyaronse ico kibanza, catahiye umugore w’umunya-Canada Michaëlle Jean.
Buyoya yari asanzwe aherutse kugenwa guserukira ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika (Union Africaine) mu bihugu vy’akarere ka Sahel, ikibanza na conyene umuntu agenwamwo reta y’igihugu ciwe ibishigikiye.
Ibintu vyagiye guhinduka inyuma ya 2015 mu co hari ababona ko candurutse mu kuba yaraneguye ingingo y’uwari umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yo kwitoreza ikiringo ca gatatu co gutwara igihugu.
Mu mpera za 2018 yaciye asohorerwa umutahe mpuzamakungu wo kumufata ngo yitabe urubanza rw’abagirizwa urupfu rw’uwo yari yabisiye ku butegetsi, Melchior Ndadaye, yagandaguwe amaze amezi atatu ku butegetsi mu kwezi kw’icumi mu 1993.
Ariko ikibanza ciwe mu mateka y'Uburundi na Afrika ni kinini. Bimwe mu vyakozwe ku butegetsi bwiwe n’ubu biracari mu biranga igihugu nk’amasezerano n’ibendera vy’ubumwe bw’Abarundi vyo mu 1991 n’amasezerano y’amahoro ya Arusha yo mu 2000 yafashije kurangiza imyaka y’indyane mu Burundi.
Igitabo c'amasezerano y'Ubumwe bw'Abarundi kiri mu bishikirizwa umukuru w'igihugu mushasha iyo ariko ararahirira amabanga. Ibendera ryayo riduzwa hamwe n'iry'igihugu.
Buyoya yapfuye hari haheze imyaka itari mike aserukira ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika mu karere ka Sahel. Yarabaye n'umuhuza mu matati mu bihugu bitandukanye vya Afrika nyene.
Ariko ingene yashitse ku butegetsi vyatumye iragi ryiwe ritabonwa kumwe.
Yatwaye igihugu kabiri hompi abicishije ku nguvu za gisirikare ariko hompi kandi abushikiriza mu mahoro.
Yigeze kuvuga ko abantu ''boraba ico yamaze ntibiteho cane ingene yashitse ku butegetsi''.