Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara ya Ukraine: Ibibombe kandi ku mugwa mukuru Kyiv
Ibibombe vyumvikanye hagati mu gisagara ca Kyiv, umugwa mukuru wa Ukraine, mu gaturuturu ko kuri uno wa gatatu, nk’uko bivugwa n’umukuru w’iki gisagara.
Vitali Klitschko avuga ko ibi bibombe vyaguye muri district ya Shevchenkivskyi iri hagati mu gisagara, abajejwe ubutabazi bakaba baciye barungikwayo.
Igisata kijejwe kwivuna abansi kiri ku bikorwa, nk’uko bivugwa na Buramatari wa Kyiv, Oleksiy Kuleba.
Abanyamakuru ba BBC bumvise ibiturika bikomeye cane inyuma y’amajwi y’inzamba yo kugabisha.
Uburusiya bubandanya butera ibigo ntanganguvu kuva mu kw’icumi bukoresheje ibisasu vya misire na za ndege zitagira abadereva (drones).
Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko ingabo za Ukraine zakoroye amadrone 13 yo mu bwoko bwa Shahed yavuye muri Irani, avuga ko ayo yose ari yo yari yarungitswe n’Uburusiya mu gatondo ko kuri uno wa gatatu.
Abakuru ba gisirikare mu gisagara ca Kyiv bavuga ko igisigarira ca drone caguye ku nzu ya reta hagati mu gisagara no ku nzu zine zituwemwo n’abanyagihugu.
Ariko umuvugizi w’igisata kijejwe ubutabazi yabwiye ibinyamakuru vya Ukraine ko ata muntu n’umwe yaguye muri ivyo bitero.
Buramatari wa Kyiv, Kuleba, avuga ati: "Igisata co gukingira ikirere kiri ku bikorwa. Ni nkenerwa ko muguma aho mwinyegeje. Uburusiya burabandanya ibitero vy’iterabwoba ku bigo ntanganguvu. Ariko tugenda dukomera buri musi”.
Ukraine yagiriza Irani guha Uburusiya amadrones “y’ubwiyahuzi” yakoreshejwe mu bitero vyo ku wa 17 Gitugutu (10), ivyo Tehran (umugwa mukuru wa Irani) ihakana.
Mu nyuma, Irani yahavuye yemera ko yahaye Moscou amadrone makeya “amezi atari make” imbere y’intambara.
Mu kwishura, Perezida Volodymyr Zelensky yavuze ko ivyo vyari ibinyoma, ko ahubwo amadrone menshi cane yariko arakoreshwa.
Kuva mu mezi aheze, Uburusiya bubandanya butera ibigo ntanganguvu mu ntumbero yo guca intege abanyagihugu.
Abategetsi b’isi bavuga ko ibi bitero ku bigo vya gisivire ari ivyaha vyo mu ntambara, ariko mu ndwi iheze, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yarishigikiye ku ngingo yo gukora ibi bitero, aho yavuze ko vyari ivyo kwihora igitero ca bombe cakozwe ku wa 18 Gitugutu ku kiraro c’Uburusiya mu karere ka Crimea bwigaruriye.
Ibi bitero bibaye mu gihe hari amakuru avuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zitegura kurungikira Ukraine ibirwanisho vya none vyo mu bwoko bwa Patriot vyo gukingira ikirere.
Abategetsi bakuru bo mu gisata co kwivuna abansi babwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko ibi bishobora gutangazwa imbere yo ku wa kane.
Ibi birwanisho biri mu bigezweho gusumba ibindi, kandi ko ari bikeya. Kubera bifise ubushobozi bwo kurasa kure, bishobora gukorora amadrone n’ibisasu vya misire vy’Uburusiya imbere y’uko bishikira ibisagara vya Ukraine.
Ariko ibirwanisho vyo mu bwoko bwa Patriot bisaba abantu benshi bo kubikoresha, ibitandukanye n’ivyo Ukraine isanzwe ikoresha ubu, bigashobora gusaba amezi atari make yo kwigisha ingabo za Kyiv ingene babikoresha neza.
Uburusiya bushobora gufata ko kugerageza mu buryo ubwo ari bwo bwose guha Ukraine ibi birwanisho vyo mu bwoko bwa Patriot ari ukurenga umurongo, ivyotuma ibintu biyangara.
Mu kwezi guheze, uwahoze ari umukuru w’igihugu Dmitry Medvedev – ubu akaba ari icegera c’inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano – yaragabishije kuri ino ngingo.