Abategetsi ba EU babohoreye Ukraine imfashanyo ya miriyaridi 54 z'ama dorari

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abategetsi b'ishirahamwe rya Buraya (EU/UE) bose uko ari 27 bemeje iyo mfashanyo ya miriyaridi 54 z'ama dorari igenewe Ukraine mu gihe imbere y'aho Hongrie yari yazibiye uwo mwumvikano.
Umukuru wa Ukraine, Volodymyr Zelenshki yashimye iyo mfashanyo nshasha, avuga ko izokomeza amaragamo y'igihugu mu butunzi n'amafaranga.
Vyabaye mu gihe hari ubwoba ko umushikiranganji wa mbere wa Hongrie yari gusubira kuzibira iyo mfashanyo nk'uko yari yabigize mu nama y'ishirahamwe rya Buraya muri Kigarama (12).
Viktor Orban, asanzwe ari akadasohoka n'umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin, yari yavuze ko ashaka guhatira iryo shirahamwe gusubira kwiyumvira poritike yerekeye Ukraine yongera anegura igituma hokwemerwa imfashanyo yo guha Ukraine ku kiringo c'imyaka ine.
Iyo mfshanyo izofasha kuriha amafaranga y'abakukuruke, imishahara n'ibindi bisaba amafaranga muri iyi myaka ine yimirije. Ishitse mu gihe imfahanyo ya gisirikare Amerika iha Ukraine - ari na yo iha ico gihugu imfashanyo ya mbere nini ya gisirikare - gushika ubu itararekurwa n'inzego nshingamateka na nkenguzamateka.
Inkuru y'iyo mfashanyo yamenyekanye ata n'amasaha abiri aheze inama itanguye, itangaza abakurikirana ibintu n'ibindi bari biteze ko ibiganiro bihava biteba kurusha aho, kubera ukutumvikana gukomeye kwari hagati ya Orban n'abandi bategetsi ba Buraya.
Kwemeza imfashanyo nshasha ya Ukraine bisaba ko ata n'umwe avamwo mu kuyemeza mu bihugu 27 bigize ishirahamwe rya Buraya, bivuze ko gushika ubu ijwi rya Hongrie ryonyene ryashobora kubuza ko yemezwa.
Amasoko y'abahagarariye ibihugu vyabo yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko uwo mwumvikano mushasha utegekanya kuvugana kuri iyo mfashanyo buri mwaka hamwe n'uko bishoboka ko isubirwamwo mu myaka ibiri, ''bibaye ngombwa''.
Orban we yari yamye yifuza ko iyo mfashanyo yoja iratorwa ku mwaka ku mwaka, ariko ivyo vyari kuba vyuguruye inzira y'uko Hongrie ku mwaka ku mwaka ishobora gukoresha ijwi ryayo ryo kuvyanka.
''Umunsi mwiza ku Buraya.'' Ursula von der Leyen, umukuru w'urwego rutwara ishirahamwe rya Buraya, niko yavuze kuri X.
Umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko ''akengurukiye'' abategetsi b'ishirahamwe rya Buraya, agaruka ku kubona ingingo yemejwe n'abategetsi bose uko ari 27 nk'ikimenyetso c'ubumwe mu gushigikira Ukraine, yatewe n'Uburusiya haraciye hafi imyaka ibiri. Zelensky yavuze ko iyo mfashanyo ''izokomeza ubutunzi'' bwa Ukraine ''ku gihe kirekire''.
Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire Dmytro Kuleba yari yashimitse mu kuvuga ko iyo mfashanyo ari iyo Uburaya buriko burashira mu gucungera umutekano wabwo. Yavuze ko Ukraine ihanganye n'Uburusiya kw'izina ry'ibindi bihugu vya Buraya vyose - mu kubuza Vladimir Putin kugerageza guhungabanya uko isi itunganije ku nguvu.
Umushikiranganji wa mbere wa Pologne, Donald Tusk, yari yaraneguye cane ''umukino utumvikana kandi wo kwirabishako,'' yanditse kuri X ati: Viktor Orban yashoboye 'kugondozwa'... reka tubandanye.''
Uburaya bwarafatiriye miriyaridi zirenga 20 z'ama dorari zigenwe Hongrie kubera impungenge zifatiye ku bureganzira bwa zina muntu n'ibiturire muri ico gihugu.
Iyo mfashanyo nshasha ishitse inyuma y'aho abategetsi ba Buraya bumvikaniye mu kwezi kwa Kigarama (12) gutangura ibiganiro vy'iyinjizwa rya Ukraine muri iryo shirahamwe, ingingo ico gihe yakiriwe ''nk'intsinzi'' ku gihugu ciwe.













