Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Kuva umugabo wanje yipfungishije burundu mu mabanga y'abubatse harimwo akarusho' - Nahimana Jacqueline
- Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
- Yatangajwe
Inyuma yo kuvyarana abana bane n'umugore wiwe Nahimana Jacqueline, Niyonkuru Dismas wo muri komine Kanyosha mu ntara ya Bujumbura Rural yafashe ingingo yo kwipfungisha burundu.
Agira ati:"Nararavye ingene abantu batera bagwira, ndavye n'uburyo mfise nkaraba n'itongo mfise ingene ringana, nca ndabona ko vyoba vyiza ko mfise itongo rito, kandi ntafise n'uburyo burenze bwo kugira ngo abo bana bashobore kwiga, nca mfata iyo ngingo rero yo kugira mvyare bake nshoboye kurera."
Niyonkuru Dismas afise imyaka 47 yubakanye na Nahimana Jacqueline. Bafise abana bane ariko baza bafise n'umwuzukuru.
Mu mugambi w'irondoka rijanye n'amagara meza, Dismas yasavye umugore wiwe kwipfungisha, na we aranka.
Nahimana Jacqueline agira ati:"Yaransavye ko nja kwa muganga nkacagura bumwe mu buryo bwotuma ntasubira kuvyara ndamwankira.
"Harageze aho nshavura ndanamubwira nti nimba ushaka kunyirukana mbwira ngende ariko sinja kwipfungisha."
Abandanya avuga ko yanse kubera yumva hirya no hino ko hari abagore baja kwipfungisha bikabagirako ingaruka mbi.
Ukwipfungisha burundu kwa Niyonkuru Dismas
Niyonkuru Dismas avuga ko akunda umugore wiwe.
Amaze kumuhakanira kwipfungisha, yafashe ingingo y'uko we nyene yo kwipfungisha.
Agira ati:"Narafashe ingingo yo kwipfungisha burundu, ariko ubwa mbere nari mfise ubwoba kubera ibihuha vyavugwa kuri uwo mugambi.
"Bavuga ko, umugabo yipfungishije burundu adasubira kurangura amabanga y'abubatse."
Abandanya avuga ko vyatumye yishikira muri ABUBEF (ishirahamwe ryitaho ineza y'ingo n'imiryango) gusaba inyigisho y'uko vyogenda.
Dismas agira ati:"Naragiye muri ABUBEF baranyigisha ndajijuka, mu nyuma ndajana n'umugore wanje batwigishiriza hamwe."
Avuga ko mu nyuma babandanije ico kiyago muhira gushika aho aza kwifungisha burundu.
Kwipfungisha burundu ku mugabo biratuma adasubira kurangura amabanga y'abubatse?
Ubajije ikibazo co kumenya nimba umugabo yipfungishije burundu adasubira kurangura amabanga y'abubatse, Dismas na Jacqueline baca barabana mu maso bagatwengera rimwe.
Uwatanguye kwishura ico kibazo ni Jacqueline. N'agatwengo kenshi agira ati:"Barabesha. Kera mbere ni ho yamara umwanya muto. Ariko ubu, emwe hariho akantu, hariho akarusho, akantu na we uca wumva ico nshatse kuvuga."
Na yo umucance wiwe Dismas na we nyene aravyemeza.
Ati:"Urabona kera ndiko ndarangura amabanga y'abubatse, nagumana umwitwarariko ko ashobora gusama iyindi mbanyi. Bigatuma ntirekura".
"Ariko ubu, ndamara umwanya munini kuko yaba jewe canke umugore wanje, turirekura, bigatuma tumara akanya kanini.
Niyonkuru Dismas ubu ahimiriza abandi bagabo kwitabira uwo mugambi wo kwipfungisha burundu.
Kuva yipfungishije haraheze imyaka hafi umunani, ngo aramaze guhimiriza aboba bashika 20.
Bamwe baramaze kw'ipfungisha, abandi bari ku rutonde.
Ariko ngo ingorane zo ntizibuze.
Dismas agira ati:"Haracariho agahaze kuko abagabo ntibaravyijukira cane. Hari n'igihe tumuzana bamubwiye umusi azogarukirako, atashe agahura na vyabihuha ntagaruke."
Avuga ko hari n'ababaca ariko ata co bibabwira:"Iyo batanguye kutubwira ko twahawe amafaranga, ko twaguzwe,... uwo mwanya nyene tuba turonse inguvu zo kubabwira ko atari urudandaza, ahubwo ko ari ku neza y'ingo n'imiryango. Ikaba inyungu kuri uwo muryango wavyaye bake, ikiba n'inyungu ku gihugu cacu."
Ibiharuro vy'ikigo kijejwe ibiharuro vyo kugereranya ISTEEBU (Institut de Statistiques et d'Etudes Economiques du Burundi ) vyerekana ko abantu baba mu Burundi mu 2022 barenga imiliyono 12.
Mu 2029 ngo vyitezwe ko ico gitigiri kizoba cagwijwe na kabiri.
Gupfunga umugabo burundu si ugukona
Kimwe mu bituma abagabo batinya kwipfungisha burundu n'ibihuha bivuga ko batosubira gukora amabanga y'abubatse.
Muganga Nahayo Jeanne akorere muri ABUBEF arabahumuriza.
Agira ati:"Mu nyigisho dutanga tubandanya dusigurira abagabo ko kubapfunga burundu atari ukubakona.
"Kandi kubera ko urugo ari babiri, turabona ko abagabo bariko baravyijukira.
"N'ikimenyamenya turafise igitigiri kinini c'abamaze kubikora n'abandi barindiriye ko babikorerwa kubera abagabo basa n'abajijutse mu mugambi w'irondoka ujanye n'amagara meza."
Nahayo Jeanne kandi arahimiriza abagabo batacipfuza kuvyara kwipfungisha burundu ngo kuko uburyo bukoreshwa n'abagore hari igihe bubagora.
Agira ati:"Ico nobwira abagabo n'imiryango muri rusangi n'uko gupfungwa burundu ku bagabo ari uburyo bwiza ku bantu batacipfuza kuvyara.
"Kuko uravye bwa buryo bundi bukoreshwa n'abakenyezi, hariho abo bugora birashika.
Kandi na we aba amweretse ko iryo banga atari iryiwe wenyene, ko na we agize ico akora mu muryango kugira amuruhurire."
Uwo muganga wo muri ABUBEF avuga ko ubu bashobora kwakira abagabo bari hagati ya 10 na 12 ku kwezi bazanywe no kwifungisha burundu.