Inama nkenkuzamateka ya Amerika yemeje miriyaridi $95 zo gufasha ibihugu bicuditse

Capitol

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Inama nkenguzamateka ya Amerika yemeje miriyaridi $95 y'imfashanyo kuri Ukraine, Israel na Taiwan inyuma y'impari zari zimaze amezi menshi.

Iyo mfashanyo yari imaze igihe irindiriwe cane itebejwe n'impari za poritike.

Mu gihe aba Democrate bo bari bashigikiye kuyemeza, aba Republicains ntibavyumva kumwe bose hanyuma ubwa mbere batora kutayemeza.

Iyo mfashanyo irimwo miriyaridi 60 z'ama dorari zigenewe Ukraine, miriyaridi 14 zigenwe Israel mu ngwano irimwo na Hamas hamwe na miriyaridi 10 zigenewe abari mu kaga mu turere turimwo intambara harimwo Gaza.

Abakenguzamateka bayemeje ari 70 kuri 29 bayanse.

Ubu iyo nteguro izoca ija mu nama nshingamateka yiganjemwo aba Republicans, aho kazoza kayo atawukazi.

Iyo nteguro irimwo miriyaridi 4 z'ama dorari ku bihugu bicudutse na Amerika vyo muri Indo-Pacific- yemejwe mu nama nkenguzamateka n'ubwo yiyamirizwa n'umukuru w'inama nshingamateka Mike Johnson hamwe n'uwahoze ari umukuru w'igihugu Donald Trump.

Ariko amaherezo aba Republicans 22 batoye kuyemera, harimwo umukuru w'umugwi w'inkehwa mu nama nkenguzamateka Mitch McConnell.

''Amateka ntaco adakora,'' niko McConnell yavuze mw'itangazo iyo nteguro ihejeje gutorwa. ''None uyu munsi, ku gaciro k'uburongozi n'inkomezi za Amerika, kahise kazokwerekana ko inama nkenguzamateka itijujanije imitima.''

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umukuru wa Ukraine yavuze ko ''akengurukiye'' abakenguzamateka kuba bemeje iyo mfashanyo.

''Kuri twebwe muri UKraine, kubandanya turonka imfashanyo ya Amerika bifasha kurokora ubuzima tubukiza iterabwoba ry'Uburusiya. Bisigura ko ubuzima buzobandanya mu bisagara vyacu kandi ko tuzotsinda ingwano,'' ni ko Zelensky yanditse kuri X (yahoze ari Twitter).

Ugutora iyo nteguro kwabaye inyuma y'icicaro co mu nama nkenguzamateka camaze ijoro ryose aho aba Republicains bashikirije amajambo menshi banegura iyo ngingo.

Iyo mfashanyo yavuye kuri miriyaridi 118 z'ama dorari abakenguzamateka b'aba Republicans bari batoye kwanka mu ndwi iheze.

Aba Republicans ubwa mbere bari basavye ko imfashanyo iyo ari yo yose igenewe ibindi bihugu ibanza kujana n'izindi ngingo zo kwongereza umutekano ku rubibe rwo mu bumanuko.

Ariko aho Trump yiyamiririje iyo ngingo, aba Republicans baciye bacanamwo kuri iyo mfashanyo.

Abakenguzamateka bamwe bavuga ko ingingo zo kwongereza umutekano ku rubibe rwo mu bumanuko zokwongerwa mw'itegeko rihasanzwe kuri ico kibazo.

Johnson yabaye nk'uwuvuga mw'itangazo ku wa mbere mw'ijoro ko iyo nteguro nshasha itazokwemezwa mu nama nshingamateka bene izo ngingo zitongewemwo.

Ariko umukuru w'aba Democrats bafise ubwiganze mu nama nshingamateka, Chuck Schumer, we yashimagije itegeko rijanye n'umutekano w'igihugu ryemejwe ku wa kabiri avuga ko ''ribwira Putin ko azokwicuza umunsi yijijanya imtima kw'ishaka rya Amerika''.

Amerika iri mu ba mbere baha imfashanyo nini cane Ukraine. Ibiro vy'umukuru w'igihugu (White House) hari haheze amezi bisaba inama nshingamateka na nkenguzamateka kwemeza ingingo irimwo imfashanyo igenewe ibindi bihugu.

Ubu bushobora kuba bubaye ubwa nyuma izo nzego zishinga amategeko zize ku mfashanyo ya Ukraine muri kazoza ka hafi, kandi Ukraine yaragabishije ko ishobora kuzonanirwa kwivuna Uburusiya hamwe Amerika itobandanya kuyishigikira.