Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine: Umujenerali w’Uburusiya yiciwe mu gitero kw’ihoteri yarimwo
- Umwanditsi, Na James Gregory
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Intwazangabo nkuru y’Uburusiya yo ku rwego rwa Jenerali yiciwe mu gitero ca misire muri Ukraine, nk’uko amakuru ava mu Burusiya abivuga.
Liyetena-Jenerali (Lt Gen) Oleg Tsokov avugwa ko yapfiriye mu gitero cakozwe kw’ihoteri isanzwe ibamwo abakuru ba gisirikare b’Uburusiya ahitwa Berdyansk, mu karere ka Ukraine kari ku rubibe kigaruriwe n’Uburusiya.
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi ntiburemeza ku mugaragaro urupfu rwiwe. Ariko, rwamenyeshejwe n’imbuga ntangamakuru z’intambara z’Uburusiya ku rubuga hwaniro rwa Telegram.
Umunyamakuru Olga Skabeyeva wo ku mboneshakure avuga ko "ibinyamakuru vyose" biriko biratangaza iyi nkuru.
Lt Gen Tsokov yari icegera c’umukuru w’akarere ka gisirikare ko mu bumanuko bw’ Uburusiya.
Umunyamakuru Skabeyeva asanzwe ashikiriza ikiganiro ku mboneshakure Rossiya-1 yegamiye reta avuga ko yishwe n’igisasu ca misire Storm Shadow catanzwe n’Ubwongereza.
Andrei Gurulyov, umushingamateka akaba n’umujenerali w’umukukuruke yari mu kiganiro ciwe ku wa kabiri kizwi nka 60 Minutes kizwi cane mu gihugu, avuga ko uyo mujenerali yari yasubiye muri Ukraine n’aho yari yakomeretse cane muri iyo ntambara.
Yarashwe mu kw’icenda igihe yari ayoboye ingabo z’Uburusiya zikoresha ibirwanisho rutura zo muri division ya 144 mu karere kitwa Svatove kari ku butaka bwigaruriwe n’Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine.
Uno mukukuruke ati: "Ku gihamana kibi, yapfuye nk’intwari. Uyu mugabo akwiye icubahiro cose”.
Amakonte y’intambara atari make kuri Telegram nayo nyene yatangaje uru rupfu rwiwe, harimwo n’urubuga ngurukanabumenyi WarGonzo rutanga n’amakuru ya gisirikare, rukaba rukurikiranwa n’abanywanyi barenga igice c’umuriyoni.
Iyo Moscou itaragira ico ishikirije ku mugaragaro, imbuga ngurukanabumenyi za gisirikare zamye ziboneka ko ari isoko ryizewe ry’amakuru ku ruhande rw’Uburusiya.
BBC ubwayo ntirashobora guhinyuza uru rupfu rwanavuzwe n’abategetsi ba Ukraine.
Amakuru avuga ko yaguye mu gitero ca Ukraine casambuye ihoteri isanzwe ituwemwo n’intwazangabo z’Uburusiya i Berdyansk, igisagara kiri mu ntara ya Zaporizhzhia iri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine, ku mweha w’ikiyaga Azov.
Amasanamu n’amavidewo ava mu duce dutandukanye twa Berdyansk yahanahanywe ku mbuga hwaniro, ariko nta n’imwe yerekanye neza na neza ahabereye iki gitero.
Igisata ca BBC kijejwe guhinyuza, BBC Verify, kiremeza ko ifoto imwe yerekana umwotsi wirungera uduga uva muri ako karere gaherereyemwo ihoteri Dune Hotel.
Amakuru ahanahanwa ku mbuga hwaniro z’Uburusiya yerekana ko iki gitero cabaye isaha cumi z’agaturuturu mu masaha yo muri ico gihugu ku wa 11 Mukakaro (7).
Bamwe mu bakoresha izi mbuga hwaniro bavuga ko iyi hoteri yacitse umunyota yose, bakemeza amakuru yatanzwe imbere y’aha avuye mu butegetsi bwa gisirikare bw’igisagara ca Berdyansk, ubu bukorera mu karere ka Ukraine kari mu minwe y’Uburusiya.
N’aho ata makuru yemeza ko igisasu ca misire co mu bwoko bwa Storm Shadow yakurikijwe, reta y’Ubwongereza yavuze mu kwa gatanu ko yahaye Ukraine igitigiri kitashizwe ahabona c’izi misire.
Storm Shadow ishobora gushika ku birometero 240 – incuro zitatu kuri misire Kyiv yakoresha imbere y’aha, ibi bikayifasha gukora ibitero ntahusha.
Imbere y’aha, Ukraine yari yavuze ko yakoze ibitero ku ntwazangabo z’igisirikare c’Uburusiya i Berdyansk, ariko habanje kuba amadidane niba Lt Gen Tsokov ari ho yari ari.
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi nta tangazo burashikiriza ku mugaragaro ko yari yadugijwe mu mabanga yiwe akava ku mukuru w’ingabo z’Uburusiya zikoresha ibirwanisho rutura zo muri division ya 144 akaba icegera c’umukuru w’akarere ka gisirikare ko mu bumanuko bw’Uburusiya.
Aka karere ka gisirikare gafise uruhara rukomeye, kuko karimwo uturere tw’ubumanuko bw’Uburusiya hamwe n’uturere twa Ukraine twigaruriwe.
Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi burakwega ibirenge mu kwerekana impinduka mu burongozi bwa gisirikare canke n’aho bukirengangiza kubitangaza.