Ukraine-Russia: Moscow na  Kyiv bahanahanye impfungwa z’abagore n'abadereva b’amato

Yatangajwe

Uburusiya bwahaye Ukraine impfungwa z’intambara zigizwe n’abagore 108, nayo ibuha impfungwa zabwo 110 yari ifise, nk’uko abategetsi ku mpande zompi babimenyesha.

Muri abo bagore, 37 bari bafashwe inyuma yo kwishikana inyuma y’imisi itari mike bugaraniwe muri rwa ruganda rwa Azovstal muri Mariupol rwari rugoswe gushika mu kwa gatanu.

Abarusiya bapfunguwe hafi bose ni abadereva b’amato y’ubucuruzi yafatiwe muri Ukraine.

Harimwo kandi n’abarwanyi bo mu murwi w’inyeshamba zishaka kwiyonkora zishigikiwe n’Uburusiya mu karere ka Donbas mu buseruko bwa Ukraine. 

Amasanamu yo ku murango yarasohowe yerekana aba bagore b’abanya-Ukraine burira amamodokari mu karere katamenyekanye mu nyuma berekanwa buhwibiriye bashitse mu karere kari muminwe ya reta mu ntara ya Zaporizhzhia iri mu bumanuko. 

Aciye ku mbuga hwaniro, umukuru w’ibiro vy’umukuru w’igihugu vya Ukraine, Andriy Yermak, yaremeje ko abagore 108 barekuwe mu gikorwa co guhanahana impfungwa zose zigizwe n’abagore ku ncuro ya mbere.  

Avuga ko harimwo abavyeyi n’abakobwa babo bari bafashwe bugwati. Bose havuyemwo 12 bari abasirikare nk’uko abivuga.

Denis Pushilin, umutegetsi mukuru wo mu ntara ya Donetsk ishaka kwiyonkora kuri Ukraine ishigikiwe n’Uburusiya, aremeza iri hanahana ry’impfungwa, ariko akavuga ko impfungwa zibiri zahisemwo kwigumira mu Burusiya. Kyiv ntaco iravuga kuri ibi.

Pushilin avuga ko izi mpfungwa zarekuwe na Ukraine zigizwe n’abadereva b’amato 80 hamwe n’abasirikare 30.