Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US igereranya ko hamaze gupfa canke gukomereka abasirikare 200.000 mu ntambara ya Ukraine
Umu jenerari mukuru kurusha abandi bose muri Amerika agereranya ko abasirikare 100.000 ba Ukraine na 100.000 b’Uburusiya bamaze gupfa canke gukomereka mu ntambara muri Ukraine.
Gen Mark Milley, umukuru w’ibiro bikuru vy’ingabo muri Amerika, yanavuze ko hafi abanyagihugu basanzwe 40.000 bamaze kwicwa bahitanywe n’iyo ntambara.
Ivyo bitigiri ngereranyo nivyo vya mbere biri hejuru bitanzwe n’umutegetsi wo mu bihugu vy’iburengarazuba.
Yavuze kandi ko ibimenyetso ko Kyiv ifise ugushaka gusubira kuvugana na Moscou bitanga “akaberu” k’ibiganiro.
Muri iyi minsi ya vuba, Ukraine yarerekanye ibimenyetso vyo gushaka gusubira kuvugana na Moscou, inyuma y’aho prezida Volodymir Zelensky ahebeye ivyo kuvuga ko uwo bahanganye , Vladimir Putin, ategerezwa kuvanwa ku butegetsi imbere y’uko ibiganiro vyongera kuba.
Yamara, Gen Milley, ari New York, yavuze ko kugira ibiganiro hagire ico bishikako, Ukraine n’Uburusiya vyompi bitegerezwa kwemera ko “intsinzi iciye mu ntambara hari naho itoshoboka biciye mu buryo bwa gisirikare, ko rero mukeneye kuronderera mu bundi buryo.”
Uwo mujenerari mukuru -asanzwe ari we mujenama mukuru wa prezida Biden mu bibazo vya gisirikare – yavuze ko urugero rw’abo intambara ihitana rushobora kugondoza Kyiv na Moscou ko ari ngombwa kuvugana muri aya mezi yimirije y’imbeho nyinshi, igihe kugwana bizogabanuka kubera ubukonje.
Ukraine n6’Uburusiya vyompi bibika kure ibitigiri vy’abapfa canke abakomerekera ku rugamba.
Ibitigiri vya nyuma vya Moscou vyo mu kwezi kw’icenda vyavuga ko abasirikare 5.937 bari bamaze kwicwa kuva intambara itangura, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi Sergei Shoigu akaba yahakanye ivyavugwa ko igitigiri c’abapfuye kiruta aho.
Ibitigiri vya Gen Milley biri hejuru cane gusumba. Mu ntambara ya Afghanistan mu 1979-89, bigereranywa ko hari hapfuye abasirikare b’abarusiya 15.000.
Ukraine ahanini ntisohora ibitigiri vy’abantu bapfira n’abakomerekera mu ntambara. Ariko mu kwezi kwa Myandagaro (8) umukuru w’ingabo, Valeriy Zaluzhniy, yasubiwemwo n’ibinyamakuru avuga ko abasirikare 9.000 bari bamaze kwicwa gushika ico gihe.
ONU ivuga ko idafata ko ibitigri bitangwa n’abari muri iyo ntambara ari ivyo kwizigirwa.
Gen Milley avuga kandi ko abantu bari hagati ya miriyoni 15 na 30 babaye impunzi kuva Uburusiya buteye ku wa 24 Ruhuhuma (ukwezi kwa kabiri).
ONU imaze guharura abantu miriyoni 7,8 bo muri Ukraine bahungiye i Buraya n’Uburusiya burimwo.
Ariko aho ntibarimwo abahunze ingo zabo yamra bakaguma imbere muri Ukraine.
Ku wa gatatu, Uburusiya bwamenyesheje ko ingabo zabwo zigiye gutangura kuva mu gisagara ca Kherson co mu bumanuko bushira ubuseruko –igisagara gikomeye co nyene caguye mu minwe y’ingabo z’Uburusiya.
Inkuru y’uko Uburusiya bugiye kuva muri Kherson ishitse mu gihe preziza Vladmir Putin muri Nyakanga (ukwezi kw’icenda) yahamagaje ingabo z’integabizoza zishika 300.000 kugira zije kugwana muri Ukraine.
Abahinga ba gisirikare iburengerazuba no muri Ukraine ivyo babibonye nk’ikimenyetso c’uko ingabo z’Uburusiya zirwa cane ku rugamba.