Inama nshingamateka ya Amerika yemeje miriyaridi $61 z'imfashanyo kirumara kuri Ukraine

    • Umwanditsi, Anthony Zurcher, James Waterhouse na Jacqueline Howard.
    • Igikorwa, BBC News i Washington, Kyiv na London
  • Yatangajwe

Inama nshingamateka amaherezo yemeje miriyaridi z'amadorari y'imfashanyo nshasha ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yo guha Ukraine ngo ishobore kugwanya igitero yagabweko n'Uburusiya.

Iyo ngingo yari yaratevye kwemezwa yari ifise abayigwanya bakomeye muri urwo rwego bikaba vyasavye umwumvikano w'amangenge hagati y'impande zompi kugira iyo mfashanyo ya miriyaridi 61 z'amadorari yemezwe.

Aba Republicains bavuze ko ica gatatu c'iyo mfashanyo kizoba kigenewe kwongereza ibigwanisho n'ibindi bikoresho bigendana.

Umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelenshi yavuze ko imfashanyo ya Amerika ari ''kirumara''.

Iyo mfashanyo izokora kugira intambara ntibandanye ikwira hose yongere irokore ubuzima bw'abantu ibihumbi, nk'uko yongeyeko.

Ntibiramenyekana ryari iyo mfashanyo izoshikira, ariko hari amakuru avuga ko bishobora gufata iminsi gusa. Ubu iyo ngingo izoca ija mu nama nkenguzamateka, aho vyitezwe ko iyemeza imbere y'uko umukuru w'igihugu Joe Biden ayishirako igikumu kugira ibe itegeko.

Uretse kwongereza ibigwanisho n'ivyo bigendana, Ukraine izoronswa kandi miriyaridi 9 z'amadorari yo kuyifasha mu butunzi mu buryo bw''ingurane zishobora kugirirwa ikigongwe'' - ni ukuvuga zidategerezwa kwishurwa.

Uburusiya bwagavye igitero ku gihugu cose ca Ukraine muri Ruhuhuma (ukwezi kwa kabiri) mu 2022. Kuva ico gihe abantu baharurwa mu bihumbi n'ibihumbi, cane cane abasirikare, baramaze gupfa canke gukomereka ku mpande zompi, abanya-Ukraine baharurwa muri za miriyoni nabo bata izabo.

Ukraine, izeye runini ku bigwanisho vy'ibihugu vya Buraya na Amerika, ikeneye kubi iyo mfashanyo kuko ihanzwe no kugwanya umusugerezo w'ingabo z'Uburusiya, zimaze igihe ziguma zitera intambwe imbere muri aya mayinga aheze.

Vyatumye abasirikare ba Ukraine ibikoresho vyo kurwana bibabana bike bagaca bigerera mu bisasu bashobora kurasa ku rwasiro rw'uburebure bw'ibirometero birenga 1.200 (1.200km).

Ku ndwi iheze, umukuru w'igisirikare ca Ukraine yagabishije ko ibintu ku rugamba ''vyunyutse cane'' mu buseruko bw'igihugu aho Uburusiya bwongereje umurindi mu bitero vy'ibiduga bitamenwa n'amasasu asanzwe.

Harasamiranye amashi mu nama nshingamateka igihe ingingo itorwa, ku majwi 311 bayemeje na 112 bayanse, aho bamwe mu bashingamateka bazungagije amabendera ya Ukraine.

Mu kwakira ivyavuye mu matora, perezida Joe Biden yashimagije ako kigoro k'impande zompi ko ''kwishura akamo k'amateka'' aca asaba inama nkenguzamateka kuyemeza idateveye ''kugira ndayitereko igikumu hanyuma turungikire Ukraine tudatevye ibigwanisho n'ibikoresho bakeneye ku rugamba vyihuta''.

Iyo mfashanyo yemejwe ku wa gatandatu irimwo kandi:

  • Miriyaridi $26.4 zo gushigikira Israel mu vya gisirikare, miriyaridi $ 9 muri ayo akaba agenewe imfashanyo y'abari mu kaga muri Gaza
  • Miriyaridi $8.1 zo guha incuti zo muri Asia-Pacific, harimwo Taiwan, kugira ''yirinde Ubuhsinwa bwa gi-komunista".

Umunyamabanga w'ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe Otan Jens Stoltenberg yavuze ko iyo mfashanyo izokwongereza ama miriyaridi y'imfashanyo iriko irahabwa Ukraine n'ibihugu vya Buraya.

''UKraine ikwiye kuronka imfashanyo yose ikeneye yo kugwana n'Uburusiya,'' nk'uko abategetsi bw'ishirahamwe rya Buraya Ursula von der Leyen na Charles Michel bavuze mw'itangazo basohoreye hamwe.

Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya Dmitry Peskov yavuze ko iyo mfashashanyo izotuma ''Amerika itunga kurusha, Ukraine nayo isinzikare gusumba hanyuma itume hapfa abanya-Ukraine benshi gusumba''.

Perezida Zelensky n'umukuru w'urwego rw'igendereza ryo hanze rwa Amerika CIA William Burns bavuze ko Ukraine izotsindwa intambara itaronse imfashanyo ya Amerika.

Ivyo vyashimangiwe muri aya mezi atandatu aheze n'uko Uburusiya bwongereje uturere bufata, mu gihe ibihugu vy'i Burayi bitorohewe n'ukuzibira igihengeri cari gisizwe na Amerika.

Ubu Ukraine igiye gusubira kubona ikibanza c'ugushigikirwa na Amerika. Ntibivuze ko ironse urusasu rw'igitangaza ruzoca ruyituma itsinda intambara, ariko bizoyifasha kuba irabandanya kugwana hanyuma ameza y'ibiganiro agume hafi.