Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
I 'Betelehemu nta munezero uharangwa – nta Père Noël, nta birori'
- Umwanditsi, Na Shaimaa Khalil
- Igikorwa, BBC News i Betelehemu
- Yatangajwe
I Bethlehem ibintu ntibikimeze uko vyari bimeze.
Guhimbaza Noweli vyahagaritswe uno mwaka, mu gihe vya bihumbi n’ibihumbagiza vy’ingenzi n’abaja gusenga bavuye mu mihingo yose y’isi bakubita hakazima mu kibanza citiriwe Ubwato bw'amavukiro ya Yezu/Yesu (Manger Square) ata n’umwe ahari.
"Igisagara kirijiriwe, nta munezero, nta bana, nta Père Noël/Santa. Uno mwaka nta birori", bivuwa na Madeleine, umugore aba i Betelehemu/Bethlehem, igisagara kiri mu karere ka Cisjordanie/ West Bank kigaruriwe n’Abayahudi, muri Palestina.
Ca giti karuhariwe ca Noweli c'ibisharizo vyo guhimbaza Noweli, ikizwi nka Sapin de Noël/Christmas tree, mu bisanzwe wasanga hagati muri iki kibanza, nta kiriho. Nta ndirimbo za Noweli zihari, nta twa tuzu tugurishirizwamwo ibisharizo vya Noweli turahi.
Ahubwo, igishusho cerekana akana Yezu/Yesu kavutse gikikijwe n’ibibuye n’intsinga, ni co cashizweho nk’ikimenyetso co kwibuka abana bo muri Gaza.
Mw’Isengero ry’Ivuka (Nativity Church), nta muntu n’umwe arimwo, ibintu bidasanzwe, Patiri Eissa Thaldjiya ambwira ko igisagara ciwe gisa n’uko kitakibaho.
Ati: "Maze imyaka 12 ndi umupatiri kuri iri sengero. Navukiye i Betelehemu, sinari bwigere mbona ibintu nk’ibi – eka mbere no mu gihe ca ca kiza Covid ibintu ntivyari bimeze uku.
"Dufise benewacu na bashiki bacu muri Gaza – iki nico gituma bigorana guhimbaza…ariko ni vyiza ko duhurira hamwe mu masengesho”.
Jawdat Mikhael aba i Betelehemu, ariko umuryango wiwe uzibiriwe mu buraruko bwa Gaza. Abavyeyi biwe, benewabo hamwe n’incuti zitari nke bamaze igihe bahungiye mw’Isengero Umuryango Mweranda (Eglise Sainte Famille/Holy Family Church) hafi y’igisagara ca Shejaiya mu buseruko bw’igisagara ca Gaza – akarere katikijwe n’ibibombe vya Israel.
Igihe twariko tuvugana na Jawdat, yagiye yumva terefone ya se wiwe Han'na Mikhael.
N’aho umurongo ntumeze neza, biza biracikagurika, arihangana kugira ngo yumve ijwi rya se.
Han'na abwira umuhungu wiwe ko umuryango umeze neza. Avuga ko yashoboye kuja hanze y’isengero ku ncuro ya mbere mu kiringo kirenga indwi zibiri kugira arondere utwo boshira ku munwa. Avuga ko ibisigaye mu micungararo y’iyi sengero ari ibihomoka kandi ko amaduka yose yari ahari yaturiwe. Ati: "Ibintu vyose vyararimutse”.
Avuga ko ata mazi bagira, ata mfungurwa bafise.
N’amarira, Han'na ansigurira ingene kuri Noweli y’umwaka uheze ibintu vyari bitandukanye.
Ati: "Ku misi nk’iyi, twaba turiko turashariza isengero. Wasanga ari indirimbo za Noweli. Abantu bava irya n’ino kudufasha. Ariko uno musi ni ugusenga gusa kugira turabe ko twohakura agatwe turi bazima”.
Umuryango wiwe umaze gutakaza abatari bake.
Mw’iyinga riheze, inakuru wa Jawdat, Naheda Khalil Anton – na we yari yahungiye muri iyo sengero muri Gaza – yarashwe amasasu abiri mu nda mu gihe yariko aja mu bwogero. Inasenge (wa Jawdat) Samar Kamal Anton agize ngo agiye kumutabara bamugize urwo mu mutwe.
Jawdat yanyeretse amasanamu y’inyuma y’aha n’ingene bashinguwe.
Umuryango wiwe umaze igihe wahungiye mw’Isengero Umuryango Mweranda kuva intambara yadutse. Ni naho bahamvye ababo bishwe.
Umuryango wagiriza abarashi ba Israel ko ari bo bawiciye. Igisirikare ca Israel kivuga ko kizobandanya amatohoza.
Yuzuye amosozi, Han'na avuga ko babiri mu muryango wiwe bamupfiriye mu maso: "Vyari biteye ubwoba …ntivyari vyoroshe”.
Ansaba imbabazi kubona ariko ararira, kandi adashobora kumbwira vyinshi: "Ndagusavye umbabarire, ariko ni ibintu bitoroshe. Turi mu mahano atagira izina”.
Mu gihe twariko turavugana, twagiye twumva ikintu gituritse cane, hanyuma twumva ica kabiri Jawdat aca asezera se wiwe.
Mu gatondo k’ejo ku wa Mungu i Betelehemu, inkengeri z’isengero zaravuze mu gihe ababa mu karere bari biyegeranirije muri ca kibanza citiriwe Yezu/Yesu, indirimbo z’icarabu zumvikana mu vyuma biduza amajwi, muri kimwe humvikana ijwi risaba salam - amahoro – ku bana.
Abantu batari bake bari hagati muri iki kibanza bafise ibendera rinini rya Palestina, barizungagiza.
Musenyeri mukuru w’isengero rya Yeruzalemu, Pierbattista Pizzaballa, ari i Betelehemu kugira ashikirize ijambo yama ashikiriza. Yambaye igitambara co mw’izosi ca Palestina.
Imbere yo kwinjira mw’Isengero ry’Ivuka, yavuze ko iyi ari “Noweli ibabaje cane”.
Ati: "Turi mu ntambara, intambara iteye ubwoba. Turasabira ubwa mbere na mbere Gaza, abantu bacu muri Gaza... abantu imiriyoni zibiri bari mu marushwa”.
Yongerako y’uko "ihagarikwa ry’intambara ridahagije ".
Ati: "Ni ngombwa ko duhagarika iyi mishamirano hanyuma tugafata iyindi ngendo kuko indyane zivyara indyane gusa”.
Ku metero nkeya uvuye ku kibanza c’ivuka, uhabona amaduka y’ivyibutso ku mpande zompi z’ibarabara, ariko ata bantu bagura abandi bagurisha ibintu bahari nk’uko vyahora. Vya bitambara bizwi cane muri Palestina n’ibindi bisharizo bimanitse hanze y’amaduka ariko ata muntu n’umwe akorako.
Mu bisanzwe iki cari igihe gikomeye co kudandaza. Uno mwaka si uko.
Abood Subouh afise akaduka mw’isoko riri hirya y’Ikibanza c’Ivuka, avuga ati: "Ntidushobora guhimbaza mu gihe abantu batari bake muri Gaza bariko baragandagurwa”.
N’umubabaro mwinshi wo kubona igisagara ciwe n’urudandaza rwiwe bimeze uko bimeze, ambwira ko guhimbaza Noweli uno mwaka ataco bimaze: "Ntidushobora kunezerwa kuko ntituri ku rundi ruhande rw’isi. Turacari muri Palestina”.