Abakobwa ba Rusesabagina bahawe agashimwe kitiriwe Magnitsky muri 2023

Yatangajwe

Abakobwa Anaïse Kanimba na Carine Kanimba ba Paul Rusesabagina, baraye bahawe agashimwe kitiriwe Magnitsky muri uno mwaka wa 2023 ku ruhara rwabo mu gupfunguza se wabo yamaze imyaka irenga ibiri apfungiwe mu Rwanda kuva muri Myandagaro (8) 2020 gushika muri Ntwarante (3) 2023.

Roger Carstens, intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu ca Amerika ajejwe ibibazo vy’abafashwe bunyagano wo mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire, ari na we yabashikirije aka gashimwe mu birori vya nijoro vyabereye i London mu Bwongereza, yagize ati:

"Aba bakobwa bombi bakiri bato bahagaritse ubuzima bwabo bitangira intego imwe yo kubona se wabo Paul Rusesabagina, arekuwe. Na we yabagiriye uko nyene igihe intureka y’ubugome yabagira abana b’impfuvyi.

"Anaïse na Carine barakwiye cane aka gashimwe ku butwari bwabo berekanye mu guharanira ubutungane kuri se wabo no ku bandi batari bafise ikibavugira".

Mu 2021 yaciriwe umunyororo w’imyaka 25 ku vyaha vy'iterabwoba, ariko muri Ntwarante uno mwaka yararekuwe asubira muri Amerika.

Mw’ijambo yashikirije ashimagiza ubutwari bwa Anaïse na Carine, Carstens yagize ati: “Basimvye imitego myinshi idasanzwe mu kuvugira se wabo […] nta gahengwe bampa. Nta gahengwe baha umurwi wanje. Baradusugereje badusaba ko twokora ibishoboka vyose kugira ngo tugarukane se wabo muhira.

“Ndashaka guha icubahiro Paul Rusesabagina. Nyakwubahwa, ni umunezero kubona wasubiye mu muryango wawe. Abakobwa bawe barandakariye. Nta gahengwe bigeze bampa kandi narabikunze, vyaradufashije igikorwa cacu kiraranguka".

Avuga ko Anaïse na Carine berekanye ubutwari budasanzwe.

Ati: “Rero ndabateye intege, ndabashimiye ku butwari bwanyu, ndakengurutse ukwihangana kwanyu, kandi ndabashimira kubona mwaratwemereye ko dukorana muri iki gikorwa gikomeye".

'Badutwaye data, twabona ko ata kindi twari gukora atari uguhagarara rugabo'

Basigura kahise k’ubuvyeyi bwa Rusesabagina, Anaïse na Carine, abana batowe na Rusesabagina abavyeyi babo bamaze kugandagurwa muri jenoside yo mu Rwanda mu 1994 bakaba impfuvyi, akabarera, nabo bakamwita “dawe”, bashima ababafashe mu mugongo mu rugamba rwabo, bakavuga ko iyo bataba bo, bobo batari kubishobora.

Anaïse ati: “Twarakundanye. Twakundanye n'abavyeyi bacu, Paul Rusesabagina Tatiana Rusesabagina. Baratureze, baduha ibintu vyose tutashobora kwibaza nk’abana, gushika aho, ku gihamana kibi bamudutwara.

“Badutwaye data. Twabona ko ata kindi twari gukora atari uguhagarara rugabo. Uko niko twategerezwa kwiga, tukitura uno muryango kugira ngo turabe ingene yorekurwa.

“Uno musi duhagaze ng’aha kubera mwebwe mwese mwadufashe mu mugongo mu kurwanira ubutungane kuri dawe”.

Ku ruhande rwiwe, Carine yashimiye abantu bose, harimwo abanyamategeko, “bateye igitsure [Perezida w'u Rwanda] Paul Kagame kugira ngo arekure dawe wacu”.

Ati: “Baradufashe mu mugongo mu ntambwe zose twakora. Turabashimira. Bararengeye kwitwa intwari.

"Abantu bose bari muri ino nyubakwa babandanya batubera umuco. Tubandanya duterwa intege n’ingene bitangira ubutungane, agateka ka muntu n’intwaro rusangi. Ibi ni vyo bituma tudacika intege, ni navyo vyadukoranije uyu musi”.

Agashimwe kitiriwe Magnitsky, ni agashimwe gahabwa abantu bitanga mu guharanira agateka ka zina muntu, harimwo abamenyeshamakuru, abanyaporitike n’abandi bose baharanira uburenganzira bwa kiremwamuntu no kurwanya igiturire.

Ni agashimwe katanguye gutangwa mu 2015 mu kwibuka umunyamategeko w’Umurusiya Sergei Magnitsky yiciwe mu gasho k’igipolisi inyuma yo gushira ahabona umugambi wagutse wa ruswa muri reta.