USA - Rwanda: Icegeranyo ca 2022 cerekana impungenge ku gateka ka zina muntu

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Robert Patrick Misigaro
- Igikorwa, BBC Great Lakes
- Yatangajwe
Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziheruka gushira ahabona icegeranyo cazo kirambuye ku gihugu c’u Rwanda mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’ico gihugu.
Ni icegeranyo c’impapuro zishika 47, gica irya n’ino uko ibintu vyari vyifashe mu Rwanda mu mwaka uheze wa 2022.
Ni icegeranyo kivuga kuri politique, ubutungane, ubuzima bwite hamwe n’ibindi.
Mu bijanye n’agateka ka zina muntu, iki cegeranyo ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kigaruka kuri vyinshi bitagenze neza, ariko kandi kikerekana hamwe hamwe aho leta y’u Rwanda yagerageje kugira ico ikora.
Iki cegeranyo kivuga yuko hari amakuru yagaragaye mu bitangazamakuru no ku mbuga hwaniro avuga ku bapolisi bishe abantu benshi bafashwe, bageregeje kwirinda gufatwa canke batorotse ibohero rya polisi.
Icegeranyo kivuga ko ababikurikiraniye hafi bavuga ukuntu abapolisi hamwe n’abasirikare bishe abantu baketswe kuba abasuma.
Mu kwezi kw’icenda kw’umwaka uheze, iki cegeranyo kivuga yuko abapolisi bishe umugabo muri Secteur ya Gatumba ahowe kugerageza guhunga gufatwa. Nta cigeze kitangazwa ku mugaragaro cererekeye amatohoza kuri ubwo bwicanyi.
Iki cegeranyo kibandanya kivuga yuko abajejwe intwaro rimwe na rimwe ngo bakubagura imbohe. Mu kwezi kwa mbere, uwitwa Dieudonée Niyonsenga, azwi kandi kw’izina rya Cyuma, ngo yarakubiswe inshuro nyinshi ari mw’ibohero.
Uwitwa Agnes Uwimana Nkunsi nawe ngo yarasatswe ku buryo bw’ibiterasoni n’abajejwe ibohero benshi igihe yari yagiye kuraba Cyuma mw’iryo bohero.
Ngo nayo mu kwezi kwa gatanu, uwukoresha urubuga YouTube, akaba n’uwunenga leta azwi cane, Aimable Karasira, yatanze amakuru y’uko abejejwe ibohero rya Mageragere bamuteye ubwoba yuko azokwicwa nyuma y’inama y’abakuru b’amaleta n'ibihugu bihurikiye mw'ishirahamwe Commonwealth yabereye i Kigali mu kwezi kwakurikiye.
Abarorerezi hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu, ngo babandanya kutanga amakuru y’ikubagura rigirwa n’igipolisi hamwe n’ubundi bubisha butagira izina, canke gufata abantu mu buryo bw’agacinyizo mu kubatera ubwoba kugira batange amakuru, mu bibanza vy’amabohero bitemewe n’amategeko.
Iki cegeranyo kandi kivuga yuko leta y’u Rwanda itakoze bimwe bishemeye, mu gihe kibereye kandi cihuse, amatohoza kw’iyicwa rya Kizito Mihigo mu 2020, umuririmvyi rurangiranwa w’indirimbo zihimbaza imana akaba n’umucikacumu wa jenoside, canke iyicwa ry’abanyepolitike benshi batavuga rumwe na leta mu myaka yabanjirije, nk’iyicwa mu 2019 rya Anselme Mutuyimana, yari umunywanyi w’umugambwe FDU Inkingi.
Iki cegeranyo ariko kivuga ko ata makuru mashasha yavuzwe y’inyuruzwa ry’abantu ryakozwe na leta canke mw’izina ryayo, ngo ariko ntiyafashe ivyemezo bibereye mu gutohoza ku kunyuruzwa kw’abantu bakomeye kwabaye mbere.
Ngo leta yarananiwe gutohoza canke gufata ivyemezo ngo hagire abahanwa, mu bijanye n’inyuruzwa ry’umuvuzi w’ibitito Innocent Bahati hamwe n’abanyepolitike Venant Abayisenga, Eugene Ndereyimana na Boniface Twagirimana.
Iki cegeranyo ariko kivuga yuko hariho intambwe leta yateye mu gukurikirana mu butungane canke guhana abarongozi bivugwa ko bakoze ivyaha bihohotera ikiremwa muntu hamwe na ruswa, harimwo abo mu nzego z’umutekano, ngo ariko ukudahana kwerekeye abarongozi b’abasivile hamwe na bamwe mu bagize inzego za leta z’umutekano, cabaye ikibazo muri uwo mwaka uheze.
Turacagerageza kumenya ico leta y'u Rwanda ibivugako.










