Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine: Igitero ca misile i Kyiv mu gihe abarongozi bo muri Africa bahashitse
N’imiburiburi abantu bane bakomeretse mu co abajejwe intwaro muri Ukraine bavuze ko ari igitero ca misile i Kyiv, mu gihe intumwa z’abarongozi b’abanye-Africa zatanguye kugendera ico gihugu.
Amazu yononekaye cane mu karere k’uburaruko bw’umurwa mukuru wa Ukraine.
Igisirikare kirwanira mu kirere kivuga ko cakoroye ibisasu birenga mirongo ibiri, bimwe muri ivyo bikaba vyari bifise ubunyarutsi buruta ubw’ijwi inshuro zirenga zitanu (hypersonic).
Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire, Dmytro Kuleba, yavuze ko ari ubutumwa butarimwo ugukekeranya bw’uko Uburusiya budashaka amahoro, ahubwo bushaka intambara.
Abo barongozi bo muri Afrika bahangajwe imbere na Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa.
Barimwo kandi ba Prezida ba Senegal, Zambia n’amazinga ya Comores.
Izo ntumwa zigomba kubonana na Prezida Putin ejo kuwa gatandatu.