Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ethiopia - TPLF: Amakungu atewe impungenge n’indyane za Tigray zabaye ndanse
Amakungu abandanya atera akamo ko intambara yo mu ntara ya Tigray igoswe n’ingabo za Ethiopia ihagarara.
Ni mu gihe kuva mu misi mike iheze ibintu vyasubiye kwunyuka mu turere twinshi, harimwo Shire, igisagara gihaye indaro ibihumbi n’ibihumbi vy’abataye izabo.
Ingabo za Tigray ziherutse kwagiriza igisirikare ca Ethiopia hamwe n’incuti zaco za Eritrea ko babandanya bacucagira amabombe hagati no hanze y’iki gisagara.
Ishirahamwe ry’abatabazi International Rescue Committee rivuga ko umukozi waryo yari umwe mu basivire baherutse kwicigwa muri ico gisagara.
Inyuma y’aho hasubiriye kwaduka indyane zigatuma utwigoro tw’ubutabazi muri iyo ntara dukwama kuva mu kwa munani, amashirahamwe y’ubutabazi aratera akamo atabaza ko izi ndyane zishobora gutuma ibintu biyangara kandi vyari bisanzwe ari bibi.
ibiganiro vyari bitegekanijwe mu ndwi iheze mu ntumbero yo gutorera umuti izi ndyane zirangwa muri ino ntara yo mu buraruko bwa Ethiopia vyarungurijwe ku mvo z'uburyo.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, avuga ko atewe impungenge n’ingene ingwano zasubiye kuba ndanse, agasaba ashimitse ko zihagarara.
Josep Borrell Fontelles ajejwe imigenderanire mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Bulaya nawe avuga ko ababajwe cane n’indyane hamwe n’abasivire baterwa muri ico gisagara ca Shire.
Addis Ababa ntaco iravuga ko aya majambo ariko imbere y’aha yahakanye ko idatera abasivire.
Ku ruhande rwayo, mw’itangazo yasohoye ku wa gatandatu, Eritrea yavuze ko ivyo yagirizwa n’Ubumwe bwa Bulaya ko “ifise uruhara rwo gusambura” mu ntambara ya Tigray ko ari “ugutoteza n’ibigirankana abahitanwa n’iyi ntambara yahiswemwo na TPLF”.
Umukuru w’ishirahamwe USAID Samantha Power yanditse ku rubuga rwa Twitter uno musi ku wa Mungu avuga ko “ibitero vy’urudavagi” bikorwa n’ingabo za Ethiopia n’iza Eritrea, ndetse n’uko bishoboka ko iz’iki gihugu ca Eritrea “zishobora vuba kwigarurira ibigo vy’abasivire, biteye impungengen nyinshi”.
Umunyamabanga wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire Anthony Blinken yateye akamo ingabo za Ethiopia n’iza Eritrea guhagarika “ibitero rusangi” vyavyo, ingabo za Tigray nazo “guhagarika ibikorwa vy’agasomborotso”.
Ntibiboneka neza nimba Addis Ababa n’ingabo za Tigray bazosubira ku meza y’ibiganiro inyuma y’aho ibiganiro vy’intangamarara vyari bitegekanijwe gutangura mu ndwi iheze vyugururijwe ku mvo zivugwa ko ari iz’uburyo.
Ariko umushikiranganji wa Ethiopia ajejwe ikigega ca reta, Eyob Tekalign, aho ari muri kino gihe i Washington mu nama y’ikigega mpuzamakungu n’ibanki y’isi yose, avuga ko yizeye ko hazoba ibiganiro vy’amahoro mu “ndwi nkeya ziri imbere”.