Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu ntambara ya Ukraine n’Uburusiya: Zelensky yagendeye ingabo ku rwasiro
Nk’uko avyandika ku muhora wiwe wo ku rubuga rwa Telegram, umukuru w’ingabo zihurukiye mu murwi "Tavria", Alexander Tarnavsky, avuga ko ingabo z’uno murwi wiwe mu karere zikoreramwo zasambuye indege z’Uburusiya zitagira abadereva 170 z’ubwoko butandukanye hagati y’uwa 3-4 Ruhuhuma (2).
Ibiro vy’igisirikare ca Ukraine bitangaza ko muri ako karere Uburusiya bwatakaje abantu 332 ku musi bigasambura n’ibirindiro 24 bibitse ibikoresho vya gisirikare, kandi ko ingabo za Ukraine zibandanya gutesha igisirikare c’Uburusiya kwigarurira igisagara ca Avdiivka.
Ukraine ivuga ko kuri uwo musi habaye ugutana mu mitwe incuro 66, aho ingabo z’Uburusiya zakoze ibitero bibiri vya misire, ibitero 65 vyo mu kirere hamwe n’ibindi 53 zikoresheje ibikoho vya muzinga birekura ibisasu vyinshi ica rimwe ku birindiro vy’ingabo za Ukraine be no mu turere dutuyemwo abanyagihugu benshi.
Ibiro vya gisirikare vya Ukraine bitangaza ko kuri uwo musi nyene w’igenekerezo rya 3 Ruhuhuma, igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere naco cakoze ibitero vyo mu kirere ku birindiro 12 birundagiyeko ingabo z’Uburusiya, bigasambura igikoho ca muzinga co mu bwoko bwa 1 X-59 kirasa indege, amadrone 10 yo mu bwoko bwa Shahed-136/131 hamwe n’ayandi atatu akoreshwa mu bikorwa vya maneko.
Mu gatondo ko kuri uno wa mbere naho, umuvugizi wa gisirikare avuga ko ejo ku wa Mungu ingabo z’Uburusiya zabandanije zicucagira ibibombe ku turere turenga 150 tw’intara za Chernihiv, Sumy, Kharkiv, Luhansk, Donetsk, Zaporizhia, Dnipropetrovsk, Kherson na Mykolaiv zikoresheje vya muzinga n’indege z’intambara.
Andriy Kovalov avuga ko ingabo za Ukraine zahanganye n’umwansi mbere ko abasirikare b’Uburusiya bahasize ubuzima bose hamwe ari 810, bagatakaza n’ibikoresho bitari bike.
Hagati aho, ntavuga nimba hari ingabo zishwe canke zakomeretse, canke nimba hari ibikoresho zatakaje, akavuga gusa ko hari abasivire bakomeretse, inyubakwa n’ibindi bibanza vya gisivire bikononekara.
Kubera intambara, BBC ntishobora gushoka ihinyuza ibitangazwa n’impande zitana mu mitwe.
Volodymyr Zelensky yagendeye ikigwati ca Rabotino mu ntara ya Zaporozhye kiri ku rwasiro
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ejo ku wa Mungu yarashitse mu kigwati ca Rabotino mu ntara ya Zaporozhye, aho yagendeye birigade (brigade) ya 65 y’igisirikare ca Ukraine ikoresha ibimodoka vy’intambara.
Videwo y’urugendo rwiwe yasohowe n’igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu biro vya Zelensky kibicishije ku rubuga rwa Telegram.
Yanditse ati: “Navuganye n’ingabo zihanganye n’umwansi ndazishimira nongera nzazishikiriza n’utuganuke tw’igihugu. Ni iteka kuba hano uno musi. Gushigikira abariko baritanga no kubashimira. Ku bitugu vyabo bikoreye umuzigo w’ubutumwa butoroshe, bukomeye – bwo kwirukana umwansi no gukingira Ukraine”.
Mu mpera za Myandagaro (8) 2023, umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi niho yatangaza ko igisirikare ca Ukraine cabohoje ikigwati ca Rabotino. Rabotino cari kimwe mu turere twakomejwe cane n’ingabo z’Uburusiya mu karere ka Orekhovsky.
Zelensky avuga kandi ko yagiranye inama n’abarongoye igisirikare n’inzego zijejwe umutekano mu ntara ya Zaporozhye, aho yavuganye nabo ku bijanye n’ibikorwa vyo kurwanya umwansi mu karere ka Avdeevsky, ingene ibintu bimeze mu kigwati ca Rabotino hamwe no mu bindi bice vy’urwasiro, ibikorwa vyo gukingira ibibanza nyamukuru n’ibijanye n’inganda z’ibikoresho vya gisirikare za Ukraine.
Amerika igomba yemeze integuro yo gufasha Ukraine
Abakenguzamateka ba Amerika bemeje integuro yari imaze igihe irindiriwe y’amahera agera ku miriyaridi 118 z’amadorari y’Abanyamerika, ihurikiyemwo amafaranga yo gufashisha Ukraine, Israel hamwe n’ayo gukomeza umupaka wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu bumanuko.
Perezida Joe Biden yashigikiye iyi nteguro aca asaba inama nshingamateka na nkenguzamateka kuyemeza bidatevye.
Vyitezwe ko amatora ya mbere aba hagati muri ino ndwi ariko bimaze kugaragara neza ko izorwanywa bikomeye n’abashingamateka b’Abarepubulika biganziye inama nshingamateka. Umukuru w’inama nshingamateka Mike Johnson yamaze kumenyesha ko yiyemeje kuyizibira.
Kuva mu gatasi gaheze, abakenguzamateka bari bananiwe no gushika ku mwumvikano. Imvo nyamukuru yari ukutumvikana hagati y’Abarepubulika n’aba-Democrats ku ngingo zo gukomeza urubibe Amerika ihana na Mexique, hamwe no gukomeza ingingo zijanye no kuzibira abimukira.
Abarepubulika basavye ko hashingwa amategeko ruhasha yo kugenzura urubibe na Mexique kandi baca babishingirako kugira ngo bashobore kuganira ku yindi mfashanyo iyo ari yo yose igenewe Ukraine.
Ano mafaranga yose hamwe agera ku miriyaridi zirenga 118 z’amadorari y’Abanyamerika.
Muri aya, abakenguzamateka basaba ko imiriyaridi 60.06 zohabwa Ukraine, 14.1 zigahabwa, 20.23 nazo zigakoreshwa mu gukomeza umutekano ku rubibe rwa Mexique, hanyuma 4.83 nazo zigakoreshwa mu gushigikira incuti za Amerika mu karere ka Indo-Pacific, 2.44 nazo zigakoreshwa mu gushigikira ibikorwa biriko birarangurwa mu Kiyaga Gitukura.
“Ibintu vyashizwe imbere muri ino nteguro ni ngirakamaro cane ku buryo bitokwirengagizwa kandi birakomeye cane ku buryo tutoreka ngo poritike ivyitemwo”, niko umukuru wa nyarwinshi mu nama nkenguzamateka Chuck Schumer, umu-Democrat, avuga mw’itangazo ryiwe.
Umukuru w’abakenguzamateka b’Abarepubulika Mitch McConnell na we nyene yashigikiye iyi nteguro, avuga ko Abarepubulika “ata nteguro nziza isumba iyi boronka”.
Iyi nteguro izorwanywa n’abashingamateka b’Abarepubulika bagendera ku mico ya kera. Bagendera kuri poritike ya Donald Trump aboneka ko ata nkeka ko ari we azoserukira uno mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu.
Trump aramaze gutangaza ko adashigikiye amasezerano yo gukomeza urubibe abakenguzamateka bariko baganirako.
Ashaka ko azoshingira ku kibazo c’uru rubibe na Mexique mu guhangana na Biden mu matora yo muri Munyonyo, akabona ko ingingo ziri muri iyi nteguro zo kurwanya abimukira binjira mu buryo buteye kubiri n’amategeko zidakwiye.
Ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe Truth Social, Trump yanditse ati: "Amasezerano mabi ajanye n’umupaka ni mabi cane kuruta kutagira amasezerano n’amwe ajanye n’umupaka”.
Umukuru w’inama nshingamateka Mike Johnson yavuga ko uko imeze, iyo nteguro yariko itegurwa n’abakenguzamateka ata mahirwe ifise yo kwemezwa mu nama nshingamateka.
Kuva ku gatasi, inama nshingamateka na nkenguzamateka zari zarananiwe no kwemeza integuro y’imfashanyo yohabwa Ukraine, mu gihe yariko irakehanirwa n’uburyo kandi imfashanyo ya gisirikare Amerika iha Ukraine yari yagabanutse cane.