Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Israel - Hamas: Nimba udashigikiye Israel, hari ibitagenda neza mu mico yawe’ - umuvugizi w’igisirikare
Umuvugizi w’igisirikare ca Israel avuga ko nimba abantu badashigikiye Israel mu ntambara yayo na Hamas, hategerezwa kuba hari ikintu “kibi cane” mu mico yabo.
Lieutenant-Colonel Jonathan Conricus yavuze ibi igihe yari mu kiganiro n’ikimenyeshamakuru ca Australia, Australian Broadcasting Corporation.
Conricus avuga ati: "Ngaha ibintu biratomoye. Si twebwe twateye. Iyi ntambara si twebwe twayitanguje. Ntitwagiye mu banyagihugu ngo dufate abagore n’abana. Ubu turiko turivuna. Nimba udashobora gushigikira ibi, nibaza ko hari ibitagenda neza mu mibereho yawe”.
Yongeyeko y’uko ubu butumwa yariko abuha "abanyagihugu basanzwe, abantu bari ku butegetsi hamwe n’indongozi zatowe ".
Amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa kiremwamuntu, ay’ubutabazi hamwe n’abahinga b’ishirahamwe ONU baranegura Israel ku ngingo yo gucucagira amabombe no kwugarana Gaza, ivyo bavuga ko ari “ibihano vy’ikivunga” ku basivire ba Palestina muri ino ntara.
Igihe amabara, iryera n’iry’ubururu [y'ibendera rya Israel], yarasira ku nyubakwa ndangakaranga, Sydney Opera House, mu ntango z’uku kwezi, amashirahamwe y’Abanya-Palestina yaciye ategura imyiyerekano kuri kino kimenyetso c’igihugu.
Igisirikare ca Israel kivuga ko cateye ibibanza 320 muri Gaza mw’ijoro ryakeye
Ingabo za Israel zateye ibibanza 320 muri Gaza ku musi w’ejo, nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.
Mu butumwa bwacishijwe kuri X, yahoze yitwa Twitter, igisirikare ca Israel kivuga ko cakubise ibibanza vya Hamas, harimwo amabarabara yo mu kuzimu n’ibigo vyo kugenzuriramwo intambara.
Kivuga kandi ko cateye ibirindiro bishobora “kubangamira” ingabo zaco ziriko ziritegurira igitero co ku butaka muri Gaza.
Mu yandi makuru y’ibikorwa vyaco mu buraruko bwa Israel, igisirikare cayo kivuga ko ingabo zaco zateye ibigo bine vy’umuhari Hezbollah ku rubibe ihana na Liban.
Ingabo za Israel zajabutse muri Gaza zirondera abanyurujwe
Igisirikare ca Israel kivuga ko mw’ijoro ryakeye ingabo zaco zakoze ibitero bito bito muri Gaza.
Daniel Hagari umwe mu bavugizi b’igisirikare, yabwiye abanyamakuru ko ibi bitero vyakozwe “n’imodoka z’intambara hamwe n’abasirikare barwanira ku butaka” vyari bifise intumbero yo “kwica imirwi y’iterabwoba iriko itegura intambwe zikurikira z’ino ntambara”.
Avuga kandi ko ingabo za Israel zariko zigerageza kurondera amakuru ku banyurujwe.
Yanditse ati: "Igisasu ca misire kimena ibimodoka vy’intambara catewe ku modoka y’intambara hamwe n’iy’ubufundi mu gitero cakozwe mu gaturuturu k’uno musi muri Gaza, mu karere ka Kissuf”.
Umusirikare umwe yishwe abandi batatu barakomereka mu gitero ca misire ku butaka bwa Gaza.
Ntibizwi neza aho uno musirikare yiciwe. Akarere ka Kissuf kari ku rubibe rwa Gaza ikinyamakuru Times of Israel kikandika kivuga ko igitero cabereye ku ruhande rw’uburengero rw’uruzitiro hagati ya Israel na Gaza.
Hagari avuga kandi ko igitigiri c’abantu banyurujwe na Hamas muri ca gitero catanguza iyi ntambara ari 222 – bikaba vyafashe umwanya muremure kugira ngo iki gitigiri cemezwe kubera hari abanyamahanga “benshi cane” muri bo.
Israel ivuga ko intambara muri Gaza ishobora kumara amezi
Umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi Yoav Gallant avuga ko igitero muri Gaza "gishobora gufata ukwezi, amezi abiri canke atatu, ariko amaherezo ni uko ata Hamas izoba ikibaho”.
Gallant yavuze ibi mu kiyago yagiranye n’abasirikare ku kigo gihagarariye ibikorwa vya gisirikare vyo mu kirere.
Ati: “Ku bijanye n’ibikorwa vya gisirikare, uko bizogenda kwose, nta kintu na kimwe gishobora kuzibira IDF (Igisirikare ca Israel).
"Iki gikwiye kuba igikorwa cacu ca nyuma ca gisirikare muri Gaza, ku mpamvu imwe yonyene y’uko Hamas itazosubira kubaho”.
Uno mushikiranganji yashimiye igisirikare kirwanira mu kirere avuga ko intambwe ikurikira, igitero co ku butaka citezwe cane, “igiye gutangura vuba”.
Ariko iki gihe ca vuba ntigitomoye.
Mu misi ibiri iri imbere, hitezwe ingendo zibiri, urw’umushikiranganji wa mbere w’Ubuholande, Mark Rutte, hamwe n’urw’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, Emmanuel Macron.