Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika igiye gutahukana bamwe mu bakozi b'ubuserukizi bwayo muri Irak mu gihe icuka na Irani kiriko ciyongera
- Umwanditsi, Tom Bateman
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC mu bushikiranganji bw'imigenderanire bwa Amerika
- Umwanditsi, Mike Wendling
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Abakozi badakenewe cane mu biro vy'ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n'imiryango yabo i Baghdad muri Iraki bagiye gutahukanwa kubera umutekano ushobora guhungabana, nk'uko abategetsi bo muri reta ya Amerika babivuga.
Aba bategetsi ntibasigura neza imvo nyayo yatumye hafatwa iyi ngingo, ariko ejo ku wa gatatu abategetsi ba Amerika babwiwe ko Israel yiteguye gukora igitero muri Irani, nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru CBS gikorana na BBC muri Amerika, gisubiramwo abategetsi bazi iki kibazo.
Aba bategetsi bavuga ko iki kiri mu bitumye Amerika igira inama bamwe mu Banyamerika kuva muri ako karere, kandi ko Amerika ibona ko Irani ishobora kuzoca yihora mu gutera ibigo bimwe bimwe vya Amerika muri Iraki.
Ibi bibaye mu gihe ibiganiro vya Amerika ku mugambi wa nikleyeri wa Irani bisa n'ivyahagaze muri iyi misi ya vuba.
Intumwa ya Amerika mu Buseruko bwo Hagati, Steve Witkoff, aracitegurira kubonana n'abategetsi ba Irani ku biganiro bigira gatandatu ku wa Mungu, nk'uko aba bategetsi babibwiye CBS. Witkoff azobonana n'umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire Abbas Araghchi i Mascate/Muscat, umugwa mukuru wa Oman, nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru Axios.
Umutegetsi wo mu bushikiranganiji bwa Amerika bujejwe imigenderanire yabwiye BBC ati: "Tuguma dusuzuma ingene abakozi bahagaze ku buserukizi bwacu bwose.
"Dufatiye ku mwihwezo wacu uheruka, twafashe ingingo yo kugabanya abakozi mu butumwa bwacu muri Iraki".
Trump yaravuze ibijanye na Irani ku kigo Kennedy Center ku wa gatatu, aho yabwiye abanyamakuru ko Abanyamerika bagiriwe inama yo kuva muri ako karere "kubera ibintu bishobora kuba bibi hariya, tugiye kuraba ibizoshika".
Trump ashimangira kandi ko Amerika idashaka ko Irani ihingura ikirwanisho ruhonyanganda c'ubumara: "Ivyo ntidushobora kuvyemera".
Yari yizeye ko ashobora gushika ku masezerano yotuma Irani ihagarika umugambi wayo wo guhingura ikirwanisho ruhonyanganda c'ubumara.
Ejo ku wa gatatu, Trump yavuze ko ariko arata icizere kuri Irani c'uko ishobora guhagarika gusukura uranium.
Mu ntango z'ino ndwi, yaragiranye kandi ikiganiro c'iminota 40 kuri terefone - kivugwa ko carimwo "uburakari" – n'umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu, yamye avuga kuva kera ko hakenewe inzira za gisirikare aho gukoresha inzira z'ibiganiro.
Mu gihe ibiganiro ku mugambi wa nikleyeri bigeze mu gihe kitoroshe, ntibiratomoka nimba iri tangazo rya Amerika rigamije gutanga ubutumwa nyabwo canke kwerekana ko koko ubu bwoba bufise ishingiro.
Ariko umushikiranganji wa Irani ajejwe kwivuna abansi Aziz Nasirzadeh avuga ko igihugu ciwe cokwihora mu gutera ibigo vya Amerika muri ako karere ari nka hamwe ibiganiro ataco vyoshikako, hanyuma Trump akagomorera ibitero kuri iki gihugu ca Kisilamu.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Pete Hegseth na we nyene yemeje ko imiryango y'abasirikare ba Amerika bari mu Buseruko bwo Hagati, harimwo Koweit na Bahrain, ivyipfuza yovayo, nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reutes.
Mu kwisigura imbere y'umurwi w'inama nshingamteka ejo ku wa gatatu, Pentagon (ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi) yemeje ko hari "ibimenyetso vyinshi" vyerekana ko Irani "ibandanya igana ku kintu gisa cane n'ikirwanisho ruhonyanganda c'ubumara".
Irani ivuga ko umugambi wayo wo gutunganya uranium ufise intego ya gisivire yo guhingura umuyagankuba kandi ko itariko igerageza guhingura ikibombe ruhonyangada c'ubumara.
Ejo nyene ku wa gatatu, ishirahamwe ry'Ubwongereza Maritime Trade Operations organisation – ishami ry'igisirikare c'Ubwongereza kirwanira mu mazi – ryasohoye itangazo ryo kugabisha ko ukwiyongera kw'icuka kibi mu vyagisirikare mu Buseruko bwo Hagati gushobora kubangamira ibkorwa vyo kwunguruza ibintu mu karere.
Igiciro c'igitoro mu ntango caraduze gushika ku bice 4% birenga igihe amakuru y'uko Amerika igomba itahukane abakozi yasohoka, mu kwitega ko umutekano muke wo mu karere ushobora gutuma haba ingorane zo gutanga uburyo.
Ingabo za Amerika zababa 2500 ziri muri Iraki, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi.