Ingene uruhara rw'Ubwongereza nka 'mukuru wacu' ruriko rurahindura isura muri Afrika

David Lammy yambaye  ikoti yirabura n'ikaruvati, ariko araraba  muri kamera

Ahavuye isanamu, Reuters

    • Umwanditsi, Anne Soy
    • Igikorwa, BBC
    • Yakoze inkuru ari, Nairobi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire n'amakungu, David Lammy, yasozereye urugendo rwiwe muri Afrika rwari rugamije guha iyindi ntumbero imigenderanire n'uwo mugabane w'ibihugu 54.

Mu gihe yariko arategura urugendo mu bihugu bibiri vy'ibihangange muri Afrika- Nigeria na Afrika y'epfo - yavuze ati: "Intumbero yacu nshasha izoba iyo kudushikana ku gufashanya gushingiye mu kwumviriza aho kubwira, iyizotuma haba iterambere ryo ku gihe kirekire aho gutanga inyishu z'igihe gito no kwubaka umugabane ufise umwidegemvyo, utekanye kandi utera uroranirwa kurusha".

Lammy yashinzwe kuba umushikanganji w'imigenderanire n'amakungu muri reta irongowe n'umugambwe wa Labour yagiye ku butegetsi muri uno mwaka.

Kuva aho Labour uheruka ku butegetsi mu 2010, imigenderanire n'ibihugu vyo muri Afrika n'ibindi bihugu bikomeye kw'isi yarahindutse cane.

Ubu Ubushinwa, ni bwo mufatanyabikorwa akomeye mu bijanye n'ubudandaji mu bihugu vyinshi vya Afrika, mu gihe ikibanza c'Uburusiya cagiye kirongerekana, harimwo gushigikira mu rwego rwa gisirikare ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika bihanganye n'abarwanyi biyitirira idini rya Islam.

Ibihugu vyo mu kigobe c'Abarabu vyimbura ibitoro vyinshi, hamwe na Turukiya, na vyo nyene vyarongereje ijambo ryavyo muri Afrika mu kugira amasezerano y'urudandaza na gisirikare.

Ariko Ubwongereza bwo, muri ico gihe nyene, imigenderanire yabwo na Afrika yagumye igoyagoya, nk'uko bivugwa na Alex Vines, umuyobozi w'igisata ca Afrika mu kigo c'abahinga mu kwihweza ibintu, Chatham House gifise icicaro i Londres.

Avuga ko ibintu ari uko bimeze vy'umwihariko hagati y'Ubwongereza na Afrika y'Epfo, igihugu bafitaniye imigenderanire y'ubudandaji i ya mbere ikomeye muri Afrika, urwo rugendo rukaba rwari rufise intumbero yo kugerageza kuyinagura.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Lammy yavuze ati: "Ndifuza kwumva ico abo dufashanya muri Africa bakeneye hanyuma duteze imbere imigenderanire kugira Ubwongereza, incuti n'abafatanyabikorwa bacu muri Africa dushobore gutera imbere icarimwe."

Ubwongereza si bushasha ku mugabane. Amateka maremare - yagiye arabamwo ibihe vyiza na bibi- ni wo muzi wa myinshi mu migenderanire yabwo n’ibihugu vyo muri Afrika.

Hafi ibihugu nka vyose kuri uwo mugabane vyahora bikolonijwe n'Ubwongereza biri mw'ishirahamwe rya Commonwealth [ry'ibihugu bihurira ku rurimi rw'Icongereza], n'aho hari ibihugu bitagira aho bihuriye n'ayo mateka vyinjiye muri iryo shirahamwe, harimwo Urwanda, Togo na Gabon. Angola na yo nyene yarasavye kwinjiramwo.

Nicole Beardsworth, yahoze ari umwigisha muri kaminuza ya Wits muri Afrika y’Epfo, avuga ati: “Birashoboka ko Commonwealth izoguma ari urubuga rukomeye.''

Mu gihe ibihugu vyahoze mu bukoroni bwabwo vyikukira hagati mu kinjana giheruka, Ubwongereza bwabandanije kugira uruhara nk'urwa ''mukuru wanje''.

Ariko ubu biriko birahinduka.

Dr Vines avuga ko Afrika itabonetse cane mu nyandiko ziheruka gusohoka zerekana ivyo Ubwongereza bushira imbere ku rugero mpuzamakungu.

Avuga ati: "Haravuzwe amazina y'ibihugu bimwe bimwe nka Nigeria, Afrika y'Epfo na Kenya muri izo nyandiko, ariko nta vyinshi vyanditswemwo."

Dr Vines yongeye kuvuga ko yizigiye ko imigenderanire hagati ya Afrika y’Epfo n’Ubwongereza izotera imbere mu gihe c’ubutegetsi bwa Labour kubera ubucuti bamye bafitaniye kuva kera n’umuhari warwanya intwaro y'ivangura y'inkehwa z'abazungu (apartheid).

Ariko rero, Dr Beardsworth avuga ko uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’umu Conservateur, Theresa May, yagerageje gukomeza ubucuti na Afrika, ariko utwigoro twiwe “twaguye mu mazi'' inyuma y’aho atangiye imihohoho mu 2019, inyuma y’akavuyo kari mu mugambwe wari ku butegetsi ico gihe.

Ubwongereza bwaciye buja mu bihe vya bombori bombori vy'ihindagurika ry'abashikiranganji ba mbere baza barajwe ishinga n'ingorane z'imbere mu gihugu hagati, ukuva kw'Ubwongereza mu Bumwe bw'Uburaya, n'ikiza ca Covid.

Dr Beardsworth avuga ko Afrika itasubiye kuvugwa, yongerako ko akaciyemwo gusa ari amasezerano atavugwako rumwe, kandi ubu yahebwe, yo kurungika mu Rwanda bamwe mu bantu baja kurondera ubuhungiro mu Bwongereza ."

Ubwato bw'abagerageje kujabuka baja mu Bwongereza

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kwinjira mu Bwongereza mu buryo butemewe n'amategeko vyabaye ingorane ikomeye ya poritike

Ubushikiranganji bw'Ubwongereza bujejwe imigenderanire bwavuze ko kubera ari umugabane wa mbere ufise abantu bakiri bato kw’isi – imyaka yo hagati na hagati 19 – Afrika ifise amahirwe ya kazoza.

''Afrika ifise amahirwe menshi yo gutera imbere, mu gihe umugabane uri mu nzira yo gushika ku 25 kw’ijana vy’abanyagihugu baba kw’isi mu mwaka wa 2050,'' nk'uko biri mw'itangazo ryasohowe n’ubwo bushikiranganji.

Mu bantu bo mu Bwongereza bariko barasaza - nk’uko biri no mu bindi bihugu vyinshi biteye imbere - Dr Vines avuga ko gusangira ubuhinga bizokwongerekana.

Yongerako ko ikibazo c'abaja kurondera ubuhungiro ari ikibazo nkoramutima kandi kigoye, ariko Ubwongereza n'ibindi bihugu vy'Uburaya na Amerika bikwiye kwirinda "kwihitiramwo aba mbere mu ncabwenge n'inkerebutsi'' hanyuma ngo ibihugu vya Afrika babitware abo vyokwikozeko mw'iterambere ryavyo''.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu bw'Ubwongereza bwavuze ko "iterambere ari ryo ntumbero nyamukuru y'iyi leta kandi rizoshigikira imigenderanire yacu muri Nigeria, Afrika y'epfo n'ahandi".

Yongeye avuga ko ivyo bizotuma haboneka ''ubundi buzi n’amahirwe menshi ku Bwongereza n’Abanyafrika''.

Politike y’Ubwongereza yerekeye Afrika imaze igihe kirekire yibanda ku mfashanyo z’iterambere, ariko izo zaragabanuwe cane mu myaka iheze kuko ico gihugu na co ubwaco gihanganye n'ingorane z’ubutunzi.

Dr Vines avuga ko imfashanyo ishobora kuba nkenerwa ikenewe mu guhangana n’ingorane z’abantu bari mu kaga, ivy’ihindagurika ry’ikirere no mu guha uburyo imigambi igamije kwagura urwego rw’abikorera ku giti cabo muri Afrika, ariko ntabona ko Leta ya Labour igiye kuzokwongereza imfashanyo.

Avuga ati: ''Igihe hari ubutegetsi bwa Labour burongowe na Tony Blair, Ubwongereza bwibona nk’igihugu gikomeye kw’isi yose mu bijanye n’iterambere mpuzamakungu – ivyo siko bikiri.''

Dr Beardsworth avuga ko imigenderanire yitezwe gutera imbere mu bijanye n'ubutunzi, kandi "ikaba inyungu ku mpande zompi gusumba.''

Avuga ko ivyo bishobora kandi gutuma imigenderanire y’Ubwongereza na Zimbabwe isubira mu bihugu vya Commonwealth inyuma y’aho imigenderanire itosekariye mu gihe c’ubutegetsi bw'umuhisi Robert Mugabe.

Ukudahuza ku bibazo mpuzamakungu nk’intambara zo muri Ukraine no mu buseruko bwo hagati na kwo gushobora kutaja mu bivugirwa ku mugaragaro.

Aho Afrika y’Epfo ihagaze kuri izo ntambara zompi hashushanye n'aho ibihugu vyinshi vya Amerika na Buraya bihagaze.

Ariko umuhinga mu kwihweza ibintu n'ibindi muri Afrika y’Epfo yitwa Yanga Molotana ntabona ko ivyo ari ingorane ikomeye.

Yongeye ati: "Ibintu bibiri birashobora kubangikana mu mwanya umwe - ndashobora kuguma mfise aho mpagaze hanje, ndashobora kuguma mfise ivyiyumviro vyanje, kandi turashobora kugira ubucuti budufitiye akamaro twempi ata kumbwira ngo ntegerezwa kwemera ivyo uvuga vyose.''

Dr Vines nawe aravyemeza, avuga ko yizigiye ko Ubwongereza buzobandanya guteza imbere demokarasi y'imigambwe myinshi muri Afrika, ariko ivyo ''gutunga bizogabanuka, imigenderanire na yo irushirize gukorwa ata rwamo rwinshi".

Avuga ati: "Ico kibazo birashoboka ko kizoguma kivugirwa mu mwiherero."