Menya uno mwiraburekazi wa mbere agiye kurongora umugambwe w’aba Conservateurs mu Bwongereza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kemi Badenoch, umukuru mushasha w’umugambwe w’aba-Conservateurs/Conservative mu Bwongereza ntabonwa kumwe mu gihugu, mbere no mu mugambwe wiwe, nk’uko vyari bimeze kuri Margaret Thatcher afata nk’intwari yiwe.
Ku vyiyumviro vyiwe bikomeye “birwanya akarenganyo” n’ingene yitwararika ibintu, vyatumye akundwa cane mu mugambwe w’aba-Conservateurs no mu bakiri bato, ivyatumye bamwizigira bakamutora, aho gutora Robert Jenrick yahiganwa nawe.
Nk’umugore wa mbere w’umwirabure atowe ngo arongore umugambwe ukomeye mu Bwongereza, aranditse amateka, ariko si umuntu ashira imbere poritike ishingiye ku mamuko kandi ntiyiteze kuzobikorerako mu gikorwa ciwe kimurindiriye co kugarukana iteka ry’uno mugambwe rigeze ahatemba.
Igihe yatangazwa ko yatsinze ejo ku wa gatandatu, abamutanguriye baramukeje, harimwo Rishi Sunak yanditse ku mbuga hwaniro ati: "Ndazi ko azoba indongozi nziza cane y’umugambwe wacu ukomeye".
Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Boris Johnson na we yashimye Badenoch kubera “ubutwari n’ugukorera mu muco” kwa Badenoch, avuga ko “azanye umunezero mwinshi ku mugambwe w’aba Conservateurs”.
Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji wa mbere Sir Keir Starmer yanditse ubutumwa bwiwe ku rubuga aho avuga ko “kugira indongozi ya mbere y’umwirabure mu mugambwe wa Westminster ni igihe c'iteka ku gihugu cacu".
Yongerako ati: “Nditeze gukorana nawe n’umugambwe wawe ku nyungu z’abanyagihugu b’Abongereza".
Ariko umukuru w’umugambwe w’Abakozi (Labour Party) Ellie Reeves avuga ko amatora y’abarongora umugambwe w’aba-Conservateurs yerekana ko uno mugambwe "ata kintu na kimwe washoboye kwiga kuva abanyagihugu b’Ubwongereza bawiyamirije muri Mukakaro [7] ".
Umukuru w’umugambwe w’Abigenga baharanira Demokarasi (Liberal Democrats) Sir Ed Davey na we nyene arakeza Badenoch, aho avuga ko " Indongozi ya mbere y’Umwirabure agiye kirongora umugambwe ukomeye w'Ubwongereza ni igihe kidasanzwe ku gihugu”.
Ariko icegera c’umukuru w’umugambwe Reform UK Richard Tice avuga ko Badenoch ari "uwundi mu nyaporitike mu murongo muremure w’abanyaporitike b’aba-Tory [Conservateurs] bavuga kimwe bagakora ikindi".
Mw’itangazo, agira ati: “Kemi Badenoch yari muri bakuru muri reta yahemukiye Ubwongereza".
Kemi Badenoch ni nde?

Ahavuye isanamu, PA
Olukemi Adegoke yavukiye i Wimbledon mu 1980, akaba ari umwe mu bana batatu bavutse ku bavyeyi b’abanya-Nigeria. Se wiwe yari umuganga, nyina wiwe na we akigisha physiologie/ physiology (twogereranya n’ivyigwa bijanye na kamere y’ingingo zigize umubiri).
Badenoch – yarongowe n’umukozi wo mu gisata c’amabanki Hamish Badenoch mu 2012 bakaba bafitaniye abana babatu – yakuriye i Lagos muri Nigeria, no muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika aho nyina wiwe yari asanzwe yigisha.
Yasubiye mu Bwongereza afise imyaka 16 aho yabanye n’umugenzi wa nyina wiwe kubera ibibazo vya poritike n’ubutunzi muri Nigeria vyaguma biba ndanse.
Yize igice ca kabiri c’amashure yisumbuye kw’ishure riri mu bumanuko bw’umugwa mukuru Londres, aho nyene yongera akora mu nzu y’uburiro ya McDonald n’ahandi.
Ahejeje amashure ya kaminuza mu gisata c’ubuhinga nyabwonko (ingénierie informatique/computer engineering) kw’ishure kaminuza ya Sussex, yakoze nk’umuhinga mu bijanye n’imashini nyabwonko (IT), kandi abandanya yiga ivyigwa vya kaminuza mu gisata c’amategeko.
Nk’uko biri mu gitabo Blue Ambition, igitabo ndondabuzima canditswe na mugenziwe Lord Ashcroft mu mugambwe w’aba-Conservateurs, Badenoch yinjiwemwo n’iciyumviro co kuja mu mugambwe w’aba-Conservateurs ari kuri kaminuza Sussex.
Badenoch yinjiye muri uno mugambwe mu 2005 – afise imyaka 25 – aho yitoje kuba umushingamateka mu 2010 bikanka, be no mu nama mpanuzwajambo ya Londres (London Assembly) mu 2012 naho nyene bikanka.
Igihe babiri mu bari bagize iyi nama mpanuzwajambo muri uno mugambwe w’aba-Tory batorewe kuba abashingamateka, harimwo Suella Braverman, mu 2015, yaciye aronka ikibanza muri ino nama.
Yarashigikiye umugambi w’Ubwongereza wo kwiyonkora mu muryango w’Ubumwe bwa Bulaya, ikizwi nka Brexit, mu 2016, imbere y’uko ashika ku ndoto yiwe yo kuba umushingamateka, umwaka wakurikiye, aserukiye akarere ka Saffron Walden muri Essex.
Badenoch yaratangaje benshi mu bagenzi biwe igihe yaja mu rugamba rwo gusubirira Boris Johnson atari bwigere yinjira muri reta.
Uburyo bwiwe bwo kutarya umunwa mu gutegeka abo bakorana “kuvuga ukuri”, bwatumye Badenoch agira uruhara runini mu mugambwe w’aba-Conservateur, mbere biba ngombwa ko Liz Truss ahitamwo kumushira muri reta yiwe – aho yamugize umushiikiranganji ajejwe ubudandaji mpuzamakungu, mbere na Rishi Sunak yaramugumanye muri ubwo bushikiranganji.
Igihe yamaze nama nshingamateka caranzwe n’ukuvuga atarya umunwa n’ishaka ryo kwinjira mu bibazo bigoye.
Badenoch akunze kubonwa nk’umuntu akunze gushwana ku bijanye n’umuco ariko arabihakana.
Mu gihe rimwe na rimwe yagirizwa ko ashaka guteza intambara ataco ivuyeko, avuga ko adakunda intambara - ariko ko yiteguye kurwana mu guhagararira inyungu z’umugambwe w’aba-Conservateurs.
Igihe bariko bashikiriza ivyavuye mu matora, umunyamakuru wa BBC
Chris Mason wo mu gisata ca poritike avuga ko abanywanyi biwe biruhukije bumvise ko ari we yatsinze.
Ati: “Kubera iki? Barashima ukuntu yihagararako ku vyo yemera, ukuntu avuga atarya umunwa n’ukuntu yiyumvira cane”.
Asubiramwo ivyo umwe mu bamushikiye avuga ati: “Arugurutse koko. Ni ibintu bizoba biryoshe kumuraba ingene azoba ariko ahangana na Starmer”.










