Guheba kunana kwa Prezida Ruto kwuguruye umwango w'ibiganiro - Odinga

Raila Odinga mu gikorwa co kwiyamamaza mu mwaka uheze

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Raila Odinga ashima kworosha ibintu kwa Prezida Ruto
Yatangajwe

Uwutavuga rumwe na leta ya Kenya, Raila Odinga, yabwiye BBC yuko ingingo ya Prezida William Ruto yo guhindura inyifato yo kutayegayezwa mu gihe imyiyerekano y’abatavuga rume na leta yari ikomeje, yuguruye umwango w’ibiganiro.

Kuwa Mungu Prezida Ruto yashikirije ijambo ku gihugu ku nshuro yambere kuva hatangura imyiyerekano yo kwiyamiriza ukuzimba kw’ubuzima hamwe n’ivyagiriji vy’ubusuma mu matora.

Prezida yemeye kimwe mu bisabwa na Bwana Odinga – gukorera hamwe kw’inama nshingamateka mu gushinga umugwi mushasha ujejwe amatora.

Ariko asa n’uwavuze ko atazoganira n’uwo batavuga rumwe ku bindi asaba, birimwo ukuzimba kw’ubuzima hamwe no kuba ubutegetsi bwiwe buteye kubiri n’amategeko.

Mu kiganiro na BBC, Bwana Odinga yashimye icemezo ca Bwana Ruto co "kworosha ibintu" kandi ashimangira yuko ibibazo vyose bikwiye kuganirwako.