Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uno mwirabure yariko arondera kwitoza nka Perezida wa Amerika yakuyemwo akarenge
Tim Scott, umukenguzamateka w’Umurepubulika wo muri Caroline du Sud/South Carolina yakuye akarenge mu rugamba rwo kurondera kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu matora ategekanijwe mu 2024.
Yari yizeye ko ashobora kuba Umunyamerika w’umwirabure yitoje kw’izina ry’umugambwe w’Abarepubulika muri ayo matora.
Yabwiye Imboneshakure Fox News ati: "Nibaza ko abatora, ari nabo bantu bakomeye kw’isi, basobanuye neza mu kumbwira bati: ‘Tim, ntiharagera’”.
N’aho Tim Scott mu ntango yari yaronse amahera akwiye, yarananiwe no kuronka abanywanyi bakwiye mu biharuro ngereranyo vy’amajwi.
Ntaramenyesha uwo ashigikiye mu basigaye mw'ihiganwa, kandi yavuze ko ata mugambi afise wo kwiyamamariza ikibanza c’icegera c’umukuru w’igihugu.
"Reka ndakubwize ukuri: niyamamarije kuba umukuru w’igihugu kugira ngo mbe umukuru w’igihugu”, niko yabwiye Trey Gowdy, umunyamakuru wa Fox akongera akaba n’umugenzi, mu kiganiro c’ejo ku wa Mungu, aho yavuze ko kuba icegera c’umukuru w’igihugu bitari mu “ vyo arondera”.
Inyuma yo kwinjira muri uru rugamba rwo kurondera kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu kw’izina ry’umugambwe w’Abarepubulika, Scott w’imyaka 58 yidondoye nk’umukandida agendera cane ku mico ya kera yokoze igikorwa kidasanzwe co gukiza ingwara y’amacakubiri ashingiye kuri poritike gusumba uwahoze ari umukuru w’iki gihugu, Donald Trump.
Yashize imbere ubutumwa bwiza muri rusangi, akaba yari yiyemeje kunagura "umuco w’ubukomezi" bwa Amerika, akaba yasiguye kahise kiwe nk’ikimenyetso c’indoto y’Abanyamerika.
Nk’umwuzukuru w’umurimyi w’ipampa mu mirima yo mu bumanuko (Deep South/ Sud profond), yasigura ingene yarezwe na nyina wiwe wenyene n’ingene umuryango wiwe wateye imbere “ukava mw’ipampa ugashika muri Congress” sekuru akiriho.
Ingingo yiwe yo kuva mu rugamba rwo kurondera kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu kw’izina ry’umugambwe w’Abarepubulika yayifashe akanya gato inyuma y’ikiyago hagati y’abahiganwa mu ndwi iheze muri Miami.
Muri ico kiyago, Scott yaramizwe n’abo bari kumwe kandi ubutumwa bwiza yashira imbere muri ino myiyamamazo ntibwashoboye kwinjira mu batora – bigashoboka ko atari kuronka itike yo kuba mu kiyago kizokurikira.
Trump, asumvya kure cane abo bahanganye mu mugambwe w’Abarepubulika, ntarigera yitaba na rimwe ibi biyago bicishwa ku mboneshakure.
Ibinyamakuru vya Amerika bivuga ko ingingo ya Scott yo guhagarika imyiyamamazo yiwe yaje giturumbuka kuri bamwe mu bamufasha mu myiyamamazo yiwe.
Scott ni umutegetsi agize kabiri azwi cane akuye akarenge muri iyi myiyamamazo yo kurondera kwitoza kw’izina ry'umugambwe w’Abarepubulika mu matora y’umukuru w’igihugu mu 2024.
Akurikiye Mike Pence w’imyaka 64 yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu yavuye mw’ihiganwa mu mpera z’ukw’icumi guheze, inyuma yo kubura abanywanyi b’Abarepubulika bamushigikira.
Ingingo ya Scott ije hasigaye neza na neza amezi abiri ngo hatanguzwe amatora y’ibanze muri Iowa.
Ibiharuro ngereranyo vy’amajwi vya CBS News/YouGov vyerekana ko yari afise 4% gusa y’amajwi, akaba yaza mu kibanza ca gatanu mu Barepubulika inyuma cane ya Trump.
Bamwe mu batanga uburyo bari bashigikiye Scott, umukenguzamateka wa Amerika kuva mu 2013, bavuga ko ubu bariko barashigikira umugore yahoze aserukira Amerika muri ONU Nikki Haley, na we nyene yamuka muri Caroline du Sud.
Mu butumwa yacishije ku rubuga X (rwahoze rwitwa Twitter), Haley yavuze ko Scott ari "umuntu mwiza yizewe kandi w’akarorero kuri benshi".
"Amatora y’ibanze y’Abarepubulika yabaye meza kubera uruhara rwiwe muri yo".