Biden -Harris: Bigiye kugenda gute mu matora ya US?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Madeline Halpert
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Perezida Joe Biden yahagaritse kwiyamamaza, anatangaza ko ashigikiye icegera ciwe Kamala Harris gufata ico kibanza co guhiganirwa intebe y'umukuru w'igihugu kw'izina ry'umugambwe w'aba Repubulikani.
Iyi ingingo yafashe itaye umugambwe mw'ibenga utazi uko rireha, na burya hasigaye ukwezi kumwe gusa ngo baje mu nama y'ikoraniro ryo kwemeza umukandida azoserukira aba Demokarate mu matora y'umukuru w'igihugu.
None Biden aracari perezida wa US?
Ego, ico yakoze ni guhagarika kwiyamamaza kuzongera gutorerwa kuba umukuru w' igihugu kuwa 05/11/2024.
Yiyemeje gukomeza kuba perezida kugeza igihe uwuzomusubirira azotangazwa icese mu kwezi kwa mbere umwaka uza.
Ico bikoze ariko, Bwana Biden ahanganye n’akamo k'inararibonye mu ba Repubulikani, barimwo na Perezida w’inama nshingamateka, Mike Johnson, bamusaba gutanga imihoho.
Kamala Harris yoba yabaye umukandida w'aba 'Demokarate’ ku mwanya wa parezida?
Gushika ubu nta cemeza ko ari icegera ca perezida Kamala Harris azoba mu mwanya wa perezida Biden nk'umukandida w'aba 'Demokarate'.
Bwana Biden yateganya kwemezwa nk'umu kandida ku mugaragaro muri iri ci, inyuma yo gutsinda mu marushanwa y'intumwa z'abanyamugambwe ku nzego zo hasi. Intumwa ni abantu batoranijwe guhagararira akarere k’amatora mu nama ya bose y'umugambwe w'aba 'Demokarate', ari naryo koraniro rikuru rihambaye ryo kugena uwuserukira umugambwe ku rwego rw'igihugu.
N'ubwo Bwana Biden yemeje ko Madamu Harris amusubirira ku mwanya wo kwiyamamariza intebe y'umukuru w'igihugu ku ruhande rw'aba 'Demokarate', intumwa z'abanyagihugu bo ku nzego zo hasi nizo zibwirizwa guhitamwo uwo zishigikiye.
Ico bikoze, yari kw'isemo imwe na Joe Biden, kandi kuba yamushigikiye bishobora gutuma baca bamuhitamwo.
Ikirenze ivyo, nk'uko umunyamakuru wa BBC Sarah Smith abivuga, umugambwe bisa nk'aho uriko urahuriza kuri Madamu Harris, ivyo bikaba bishobora gutuma adashobora kunyiganzwa na burya ata bahanganye nawe bariko baragaragara kumurwanya.
Ibi bintu nta rugero rwa kahise bifise rwo kurabirako. Ubwa nyuma uwahoze ari perezida wa Leta zunze Ubumwe za Amerika yoba yarigeze guheba guhiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu, hari ku gihe ca Lyndon Baines Johnson mu 1968.
Hamwe hoboneka abandi ba kandida, uwushirwa imbere yotorwa gute?
Kuva igihe batanguye guhamagarira Bwana Biden kuva mw'ihiganwa hari abashobora kuba abakandida benshi bagaragaye bashobora kumusubirira.
Bulamatari wa Michigan, Gretchen Whitmer, yaranuganurwa kuba umukandida, n'ubwo yari yavuze ko atazokwiyumvira ko yokwiyamamaza hamwe Biden yoramuka avuye mw'ihiganwa.
Ku munsi w'Imana, inyuma gato y'aho Bwana Biden atangarije ko yakuyemwo akarenge, Gretchen Whitmer yavuze ko azokora ibishoboka vyose "mu gutora aba Demokarate no guhagarika Donald Trump".
N'abandi banurwanurwa ko bashobora kwitoza - barimwo bulamatari wa California, Gavin Newsom, umushikiranganji wo gutwara abantu n'ibintu Pete Buttigieg, na bulamatari wa Pennsylvania, Josh Shapiro.
Biteganijwe ko inama y'abaserukira abanyamugambwe b'aba Demokarate izotangura ku ya 19 z'ukwezi kw'umunani. Baramutse badahuriye ku mukandida umwe mu mugambwe, ivyo bizoca bipfungura amayira yo gusubira guhiganwa, ibitari bwaboneke kuva mu myaka mirongo
N'ukuvuga ko abaserukira abandi mu mugambwe bazoheza bagahitamwo uwo bashaka mu ba kandida benshi baramutse babonetse.
Abakandida bakeneye imikono itari munsi y'intumwa 300 - kandi izitarenze 50 zituruka muri leta imwe - kugirango izina ry'umukandida rigaragare ku rutonde rw'abitoza nka perezida.
Hazobaho iciciro ca mbere c'amatora mu ntumwa 3900, zirimwo ababonwa nk'abizerwa mu mugambwe w'aba Demokarate.
Niba ata mukandida abonye amajwi menshi inyuma y'iki ciciro ca mbere, bazokomeza bajonjore kugeza hatoranijwe umukandida.
Kugirango umu kandida yemezwe guserukira umugambwe, arinda kuronka amajwi 1.976.
Umukandida yatsinze atora gute uwuzomubera icegera ?
CNN ivuga ko ibi bikunze kuba inzira yoroshe kuruta guhitamo umukandida azoba perezida. umukandida yatoranijwe niwe ahitamwo uwo bazokorana bakazokwiyamamariza hamwe, abandi bakamwemeza.
Niba Madamu Harris akoreye mu ngata Bwana Biden kwiyamamaza nk'umukandida w'aba Demokarate, amwe mu mazina anuganurwa mu boshobora gukorana nk' icegera ciwe, harimwo abavuzwe haruguru, nka Bwana Shapiro, n'abandi nka Bulamatari wa Illinois JB Pritzker n'umukenguzamateka wa Arizona Mark Kelly.
Uwuzokwifatanya nawe mw'isekeza ryo kwiyamamza niwe azoheza akaba icegera ciwe c'umukuru w'igihugu, hamwe yoramuka atsinze.
Amahera bemereye Biden agiye kuja hehe?
Kubera ko Madamu Harris yari mu matora kumwe na Bwana Biden, abahinga mu bijanye n'imari yo kwiyamamaza bavuga ko amadorari agera kuri miliyoni 100 (miliyoni 73 zama pound) yegeranijwe ashobora guca ashikirizwa we aramutse abaye umukandida w'aba Demokarate.
Dara Lindenbaum, komiseri mu mugwi ushinzwe amatora ku rwego rw'igihugu, yabwiye ikinyamakuru New York Times ati: " si ikibazo co gusubira muri nankana" yongerako ati "N'ibintu bigaragara cane."
Ico bikoze, uruhande rw'aba Repubulikani rwiteguye kurugofera, bavuga ko bitari bwatangazwe ku mugaragaro ko Bwana Biden yari bwagenwe icese guserukira umugambwe mu matora imbere yo gukuramwo akarenge mw'irushanwa ryo kwinjira White House.
Hamwe hotoranywa uwundi atari Madamu Harris, ntivyoshoka bisobanuka neza uko vyogenda mu gukoresha amafaranga yatanzwe yo kwiyamamaza kwa Biden-Harris.













