Inyuma y'imisi umunani ari mu kinogo c'imicafu y'abantu, umwana yatowe ari muzima

Igipolisi ca Oldenburg camaze indwi yose irenga gihiga uyu mwana w'umuhungu

Ahavuye isanamu, IGIPOLISI CA OLDENBURG

Insiguro y'isanamu, Igipolisi ca Oldenburg camaze indwi yose irenga kirondera uyu mwana w'umuhungu
Yatangajwe

Umwana w’umuhungu yari yatakaye yatowe ari muzima inyuma y’indwi yamaze ari mu kiringoti gitwara imicafu y’abantu, aha ni mu Budagi.  

Uyu mwana w’imyaka umunani yamenyekanye kw’izina rimwe gusa rya Joe, yabuze mu muryango wiwe uri mu karere ka Oldenburg ku wa 17 z’uku kwa gatandatu, ivyatumye igipolisi gitangura igikorwa co kumurondera. 

Yahavuye atorwa ku wa gatandatu, igihe umuntu yariko yirenganira yumva ijwi ry’umuntu mu kinogo c’imicafu (regard) gipfundikiye.   

Igipolisi kivuga ko ata muntu cagiriza icaha, kikavuga ko uyo mwana w’umuhungu yinjiye muri ico kiringoti gitwara imicafu ku musi yaburirwa irengero.  

Inyuma y’aho abajejwe kuzimya imiriro y’ivyaduka bavaniye uyu mwana muri ico kiringoti – capima imetero hafi 300 uvuye muhira iwabo – yaciye asimbanwa kwa muganga kugira ngo bamupime nimba atoba yaranduye indwara ziturutse ku bukonje, ariko nta bikomere bikomeye yari afise. 

Igipolisi nico cahavuye gitangaza iyi nkuru giciye ku rubuga rwa Twitter: "Joe w’imyaka umunani aracari muzima!" 

"Ku nkuru twahawe n’abanyagihugu, twarashoboye gutora Joe ari mu kinogo c’imicafu," nk’uko umukuru w’igipolisi Johann Kühme abivuga. 

"Ikintu nyamukuru ni uko akiri muzima kandi yaciye asimbanwa ku bitaro aho ariko arakurikiranwa neza. Ubu twese twohumura”.  

Se wiwe yabwiye ibinyamakuru vyo muri ako karere ko Joe “yari ameze neza” uravye ivyo yaciyemwo.  

Hari abibaza ingene uyu mwana w’umuhungu yinjiye muri ico kinogo, ariko ejo ku wa kabiri igipolisi cavuze ko yikweze akinjiramwo hanyuma akaza “kubura ivyo yishimikiza”.