Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Menya abakinyi 5 bashobora guhindura imigwi ku musi wa nyuma w'igura n'igurishwa 01.09.2022
Arsenal iriteguye guheraheza umwumvikano wo kuzana umukinyi wo hagati wa Aston Villa Douglas Luiz yari muri Aston Villa. Douglas yipfuza kuva muri uwo mugwi ariko Villa iri mu madidane yo kumurekura batabanje kuronka uwusubira mu kibanza ciwe. (The sunFootball)
Muri iri joro Pierre Aubameyang arafata urugendo rumushikana i Londres guheraheza ibiganiro vyo kwimukira mu mugwi wa Chelsea avuye mu mugwi wa Barcelone, mu gihe Marcos Alonso nawe agiye iyo avuye. (Romano)
Arsenal yarekuye umukinyi wayo w'inyuma mu buryo Hector Bellerin kwimukira muri Barcelone. Uwo mukinyi w'inyuma wo muri Espagne ntaronka umwanya wo gukina muri uwo mugwi akaba yariko aragerageza kwimukira muri Barca
Umukinyi wo hagati wa Juventus Arthur Melo ari mu Bwongereza guheraheza ibiganiro vyo kwimukira mu mugwi wa Liverpool. Azoshira umukono ku masezerano yo gutizwa umwaka umwe gushika mu 2023.